ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/11 rup. 4
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyago vy’ivyaduka—Kubera iki ari vyinshi cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 11/11 rup. 4

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Kigarama

“Nibaza ko nawe ubona ko twese dukeneye abagenzi. Ni igiki wewe ushima ku mugenzi kuruta ibindi vyose? [Rindira yishure.] Raba ivyo iki kinyamakuru kivuga ku bijanye n’igituma dukwiye guhitamwo abagenzi tuvyitondeye.” Numuhe Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama, muce musoma mwongere murimbure ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere kari ku rupapuro rwa 16. Nimusome n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane ingene wosubira kumugendera kugira mwihweze inyishu y’ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Gitugutu

Numwereke ku gipfukisho, uce umubaza uti: “Wokwiyumva gute umenye ko bakubeshe ku bijanye n’Imana? [Rindira yishure.] Raba ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’uburyo bwo gutandukanya ukuri n’ikinyoma. [Soma Yohani 17:17.] Bibiliya rero ni yo yonyene itubwira ukuri ku vyerekeye Imana. Iki kinyamakuru kiravuga ibinyoma bitanu Bibiliya ishira ku kabarore bikunda kuvugwa ku vyerekeye Imana.”

Be maso! Gitugutu–Kigarama

“Turakeneye gushira mu ngiro impanuro Imana itanga, nk’iyo dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7 kugira dushobore kurera abana muri ibi bihe bigoye. [Soma ico canditswe uce umureka agire ico akivuzeko.] Iki kiganiro kirerekana ibintu bimwebimwe vy’ingirakamaro twokora kugira dushobore kubarera. Ca umwereka ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika