ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/12 rup. 4
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 11/12 rup. 4

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Kigarama

“Muri kino kiringo c’umwaka, abantu benshi bariko bariyumvira ivyerekeye Yezu. Wibaza ko ikintu gikomeye kuruta ibindi Yezu yaranguye ari ikihe? [Rindira yishure.] Ehe raba umutwe w’iki kiganiro kiri ku rupapuro rwa 16.” Numuhe Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama, maze murabire hamwe ibivugwa munsi ya kamwe mu dutwe mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Munyonyo

“Twipfuza kumenya ico wiyumvira kuri iki kibazo. Hamwe woronka akaryo ko kubaza Imana ikibazo kinaka, woyibaza ikihe? [Rindira yishure.] Nk’uko Yezu yavyerekanye, birabereye ko turondera inyishu z’ibibazo bihambaye dufise. [Soma Matayo 7:7.] Iki kinyamakuru kirerekana inyishu Bibiliya itanga kuri ibi bibazo bitatu bihambaye.” Numwereke ivyo bibazo ku rupapuro rwa 3 amaja munsi.

Be maso! Munyonyo

“Uyu musi tubagendeye kugira ngo tuganire ku bijanye n’imiryango. Imiryango igizwe n’umuvyeyi umwe yaragwiriye cane. Wibaza ko iyo miryango ari yo irimwo ingorane nyinshi kurusha imiryango igizwe n’abavyeyi bompi? [Rindira yishure.] Abavyeyi batari bake barubuye impanuro ngirakamaro muri Bibiliya. [Soma 2 Timoteyo 3:16.] Iki kinyamakuru kirerekana ivyiyumviro bimwebimwe vyofasha abavyeyi birerana abana kuroranirwa mw’ibanga ritoroshe bafise.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika