Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Kigarama
“Twari tubagendeye gatoyi kugira tuganire ku bijanye n’imiryango. Abavyeyi benshi bipfuza ko abana babo bokunda Imana. Wibaza ko abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo gukunda Imana, canke boreka abo bana bonyene bakavyiyigisha?” Rindira yishure. Numwereke urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama
“Tubagendeye gatoyi kugira tuyage ivyerekeye Imana. Turazi ko abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku vyerekeye Imana. Abantu benshi boba biyumvira ko Imana ari inguvu itagira ubwenge canke babona ko ari umugenzi wabo abitwararika? Uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Iki canditswe kiratwereka ico Imana yipfuza ko tugira. [Soma Yakobo 4:8a.] Iki kinyamakuru kirerekana ibintu bitatu twokora kugira ngo dukomeze ubugenzi dufitaniye n’Imana.”
Be maso! Kigarama
“Tubagendeye gatoyi kugira tuganire ku bijanye n’indwara ikunda gufata abantu benshi. Nk’uko vyavuzwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, umuntu umwe kuri bane azogira ingorane zo mu mutwe, nk’akabonge. Woba ubona ko abantu benshi baguma bagira ingorane zo mu mutwe? [Rindira yishure.] Bibiliya idusezeranira ko muri kazoza abantu bazoba kw’isi batarwara canke ngo bababare. [Soma Ivyahishuwe 21:3, 4.] Iki kinyamakuru kirerekana ibintu bikeyi umuntu yomenya ku bijanye n’ingorane zo mu mutwe.”