Ivyabona vya Yehova—Ingene ukwizera kwabo kwagaragariye mu bikorwa, Igice ca 2: Umuco nukayangane
Aho Umuvukanyi Rutherford be n’abo bari kumwe barekuriwe bakava mw’ibohero mu 1919, hari igikorwa kinini cari kiraririye Abatohoji ba Bibiliya. Ya videwo ivuga ngo Les Témoins de Jéhovah — la foi en action, 2e partie : que brille la lumière ! (Ivyabona vya Yehova—Ingene ukwizera kwabo kwagaragariye mu bikorwa, Igice ca 2: Umuco nukayangane) irerekana ko Abatohoji ba Bibiliya borwanijwe cane, ko bogiye bararushiriza gutahura neza Ivyanditswe be n’uko ukwizera kwabo kwotyorowe. (Imig. 4:18; Mal. 3:1-3; Yoh. 15:20) Umaze kurorera iyo videwo, ubona woshobora kwishura ibi bibazo?
(1) Ni uburyo butandukanye ubuhe Abatohoji ba Bibiliya bakoresha mu gukwiragiza inkuru nziza? (2) Ni ibiki vyatangajwe ku mahwaniro adasanzwe yabaye mu 1931 no mu 1935? (3) Ni ibintu bihambaye ibihe vyavuzwe mu Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Munyonyo 1939? (4) Ni ibiki vyabaye ku kibuga c’inkino ca Madison Square Garden igihe Umuvukanyi Rutherford yariko arashikiriza insiguro ivuga ngo “Intwaro n’amahoro”? (5) Ni kubera iki insiguro Umuvukanyi Knorr yashikirije yavuga ngo “Amahoro yoba ashobora kurama” yari ishimishije cane? (6) Mu 1942, ni ibiki Ivyabona vya Yehova batunganije kugira ngo bagure igikorwa cabo co kwamamaza? (7) Nuvuge urugamba abasavyi ba Yehova barwanye mu vy’amategeko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Kanada no mu Bugiriki. (8) Ni gute Ishure rya Gileyadi ryatumye igikorwa co kwamamaza gitera imbere? (9) Ni igikorwa gihambaye ikihe catanguye mu 1946, kandi kubera iki? (10) Ni intambwe izihe Ivyabona vya Yehova bateye kugira ngo biyemeze neza ko ukuntu bigenza guhuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? (11) Nuvuge amahinduka amwamwe yagizwe mu myaka ya 1970 kugira ngo ishirahamwe rirushirize gukora ryisunga cane ivyo Bibiliya ivuga. (12) Kurorera iyi videwo vyagufashije gute kurushiriza gutahura neza ko Yehova ari we koko ariko arayobora ibintu be n’uko iri ari ishirahamwe ryiwe koko? (13) Iyo videwo yakomeje gute umwiyemezo wawe wo kubandanya wamamaza n’umwete naho hoba hari intambamyi? (14) Twokoresha gute iyo videwo mu gufasha incuti, abo twigana Bibiliya hamwe n’abandi?
Uko umusi umwe uheze, ni ko ibintu biranga igikorwa twebwe Ivyabona vya Yehova turangura biguma vyiyongera. None hoba hari icovugwa ku bijanye n’utwigoro tugira mu busuku? Nk’uko abo bavukanyi bacu babigize, nimuze tubandanye tubigiranye umwete kureka ‘umuco ukayangane’!—2 Kor. 4:6.