ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/12 rup. 1
  • “Mubane amahoro n’abantu bose”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mubane amahoro n’abantu bose”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Ukuntu twovyifatamwo umunyamuhana ashavuye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Twamamaze dushize amanga, yamara turi indemeshamahoro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Nufashe uwo muyaga kuzirikana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Nukurikize rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 12/12 rup. 1

“Mubane amahoro n’abantu bose”

1. Ni impanuro iyihe yo muri Bibiliya twoshira mu ngiro igihe abanyamuhana badushavuriye?

1 Abasavyi ba Yehova barakunda amahoro, kandi ubusuku bwacu ni ubw’amahoro. (Yes. 52:7) Ariko rero, birashika tugahura n’abantu bashavuzwa n’uko tubagendeye. Ni igiki none kizodufasha kuba abanyamahoro mu bihe nk’ivyo?—Rom. 12:18.

2. Kubera iki bihambaye ko dutahura icatumye umunyamuhana ashavura?

2 Nutahure imvo: Naho hari abadushavurira kubera ko baba basanzwe banka ukuri, hari abandi bashavura bitumwe n’imvo zidafitaniye isano n’ubutumwa twamamaza. Dushobora kuba tubagendeye ku gihe kitabereye kuri bo. Umunyamuhana yoshobora kuba ashavuye kubera ingorane yifitiye. Naho yoba ashavujwe n’inkuru nziza, turakwiye kwibuka ko ukuntu yavyifashemwo bishobora kuba vyatewe n’uko afise amakuru atari yo ku bitwerekeye. (2 Kor. 4:4) Gutahura icatumye ashavura bizodufasha kuguma dutekanye no kutabona ko ari twe tumushavuje.—Imig. 19:11.

3. Dushobora gute kugaragariza icubahiro umunyamuhana?

3 Nugaragaze icubahiro: Abantu benshi bo mu vyibare usanga bafise ibintu bizera bihamangiye. (2 Kor. 10:4) Barafise uburenganzira bwo guhitamwo kwumviriza ubutumwa tubabwira canke kutabwumviriza. Ntidukwiye kwigera dukengera ivyo umunyamuhana yemera canke ngo tumwereke ko tuzi vyinshi kumurusha. Igihe dusabwe kugenda, turakwiye guca tugenda tubigiranye icubahiro.

4. Bisigura iki gukoresha amajambo y’igikundiro?

4 Nukoreshe amajambo y’igikundiro: N’igihe twoba tubwiwe nabi, dukwiye kwishura amajambo aranga ubwitonzi n’igikundiro. (Kol. 4:6; 1 Pet. 2:23) Aho kuja mu bihari, twogerageza kurondera ibintu twohurizako. Kumbure twomubaza tubigiranye umutima mwiza igituma atavyakiriye neza. Yamara, kugira ngo twirinde gutuma arushiriza gushavura, rimwe na rimwe biraba vyiza ico kiyago tugihagaritse.—Imig. 9:7; 17:14.

5. Ni ivyiza ibihe biva ku kuba abanyamahoro mu busuku?

5 Tubaye abanyamahoro, umunyamuhana arashobora kutibagira ukuntu twavyifashemwo maze ivyo bigatuma ikindi gihe yumviriza uwumubwiye inkuru nziza. (Rom. 12:20, 21) Naho yoba asa n’uwurwanya ukuri ashikamye, umusi uri izina arashobora kuzocika umuvukanyi wacu. (Gal. 1:13, 14) Yaba azokwakira ukuri canke atakwo azokwakira, tugaragaje ukwigumya kandi tukaba abanyamahoro, tuzohesha icubahiro Yehova twongere dusharize ivyo twigisha.—2 Kor. 6:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika