Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Ukuntu twovyifatamwo umunyamuhana ashavuye
Igituma bihambaye: Abantu benshi duhura mu busuku usanga bagaragaza urupfasoni. Ariko rero, Yezu yavuze ko abantu bamwebamwe bazotwanka. (Yoh. 17:14) Ntibikwiye kudutangaza rero igihe uwo dusanze ku muhana adushavuriye. Igihe ivyo bishitse, twipfuza kuvyifatamwo mu buryo buhimbara uwo duserukira, ari we Yehova. (Rom. 12:17-21; 1 Pet. 3:15) Kuvyifatamwo gutyo birashobora gutuma ibintu bitunyuka. Ivyo birashobora gutuma ikindi gihe uwo munyamuhana canke uwundi muntu wese atwihweza azokwumviriza Ivyabona vya Yehova nibamugendera.—2 Kor. 6:3.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Nimugire udukino two kwimenyereza mu gusenga kwo mu muryango.
Umaze gutandukana n’umunyamuhana yashavuye, nuganire n’uwo mwakoranye ingene mwari kuvyifatamwo mu buryo bwiza kuruta.