Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Ingene twovyifatamwo ku majambo yohava ahagarika ikiyago
Igituma bihambaye: Dufate ko uzi yuko hari icago c’icaduka cimirije. Abantu bazopfa nibatahungira ahatagira inkomanzi. Uragiye ku mubanyi kugira umuburire, ariko aciye aguciramwo, akavuga ko afatiriwe. Nta gukeka ko utoca wihutira kureka kumuburira! Abantu benshi bo mu cibare baratwirukana, kubera ko batazi agaciro ndokorabuzima k’ubutumwa bwacu. Hari igihe tuba tubagendeye mu gihe bafise imyitwarariko myinshi. (Mat. 24:37-39) Canke boshobora kuba batwiyumvira nabi kubera amakuru atari yo bumvise ku bitwerekeye. (Mat. 11:18, 19) Hari aho boba babona ko tudatandukanye n’ayandi madini yama ivyamwa bibi. (2 Pet. 2:1, 2) Igihe mu ntango umunyamuhana adashimishijwe, ntidukwiye guca dutana n’akabando.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Igihe ubwiwe amajambo yohava ahagarika ikiyago, umaze gutandukana n’umunyamuhana, nuganire n’uwo mwakoranye ingene mwari kuvyifatamwo mu buryo bwiza kuruta.