Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 19 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 19 NZERO
Ururirimbo rwa 47 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 19 ing. 1-8 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 1-4 (Imin. 8)
No. 1: Abacamanza 3:1-11 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Ushobora gute kwiga ivyerekeye Imana?—igw rup. 4 ing. 1-4 (Imin. 5)
No. 3: Abigayili—Umutwe: Nukorane ukwiyubara maze uhezagirwe—ia rup. 76-83 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: Nushumbire Umukama n’ukwicisha bugufi kwose.—Ivyak. 20:19.
Imin. 15: Gushumbira Umukama bisaba kwumira kw’ibanga no kwibwiriza. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2014, kuva ku rupapuro rwa 59, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 62, ingingo ya 1; no ku rupapuro rwa 67, ingingo ya 2. Nusabe abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Imin. 15: “Nugume utera imbere mu gikorwa co kwamamaza.” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 20 n’isengesho