ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/15 rup. 2
  • Nugume utera imbere mu gikorwa co kwamamaza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume utera imbere mu gikorwa co kwamamaza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ivyo bijanye
  • ‘Mubandanye Kwama Cane’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Tugume dutera imbere mu busuku turangura
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Niwamamaze kugira uhindure abantu abigishwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Kwama ivyamwa no kuba abagenzi ba Yezu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2015
km 1/15 rup. 2

Nugume utera imbere mu gikorwa co kwamamaza

1. Ni uburorero ubuhe bwo mu kinjana ca mbere bwerekana ko dukwiye gutera imbere mu gikorwa co kwamamaza?

1 Abakirisu barakwiye gutera imbere mu gikorwa co kwamamaza. Ni co gituma Yezu yamenyereje abayoboke biwe intambwe ku yindi. (Luka 9:1-5; 10:1-11) Ni co gituma kandi Akwila na Pirisila bajanye Apolo “ba[k]amusigurira neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta.” (Ivyak. 18:24-26) Ico nyene ni co catumye Paulo aremesha umwamamaji yari azi utuntu n’utundi Timoteyo kubandanya yijukira ukwigisha kwiwe kugira ngo iterambere ryiwe “ryibonekeze ku bantu bose.” (1 Tim. 4:13-15) Twaba tumaze igihe kingana gute dushumbira Umukama turi abamamaji b’inkuru nziza, turakeneye kubandanya kuryohora ubuhanga bwacu bwo kwamamaza.

2. Twokwigira gute ku bandi?

2 Niwigire ku bandi: Bumwe mu buryo bwo kuryohora ubuhanga bwacu ni ukwigira ku bandi. (Imig. 27:17) Ku bw’ivyo, nutege yompi igihe abamamaji bagenzi bawe bariko barashikiriza inkuru nziza. Nusabe abamamaji babishoboye baguterere ivyiyumviro, kandi wumvirize witonze ivyo bakubwira. (Imig. 1:5) Woba utabona ukuntu wosubira kugendera uwashimishijwe, ukuntu wotanguza inyigisho ya Bibiliya, canke ukuntu wogira uruhara mu wundi muce w’ubusuku? Niwibwirize, usabe umucungezi w’umugwi urimwo canke umwamamaji azi utuntu n’utundi agufashe. Uribuka kandi yuko impwemu nyeranda ya Yehova ishobora kudufasha kuryohora ubuhanga bwacu. Ku bw’ivyo, niwame uyisaba mw’isengesho.​—Luka 11:13.

3. Dukwiye kuvyakira gute igihe hari uwuduterereye iciyumviro, n’igihe tutabimusavye?

3 Ntubabare hagize uwuguterera iciyumviro c’ukuntu woryohora, n’igihe nyene utoba wabimusavye. (Umus. 7:9) Nka kumwe kwa Apolo, niwemere gufashwa wicishije bugufi kandi ubigiranye ugukenguruka. Niwabigira uzoba werekanye ko uri inkerebutsi.​—Imig. 12:15.

4. Ni imvo ihambaye iyihe Yezu yatanze ituma umuntu arondera gutera imbere mu gikorwa co kwamamaza?

4 Gutera imbere biraninahaza Imana: Yezu akoresheje ikigereranyo, yararemesheje abayoboke biwe gutera imbere mu gikorwa co kwamamaza. Yigereranije n’umuzabibu, abayoboke biwe barobanuwe na bo abagereranya n’amashami yawo. Yavuze ko Se wiwe atuturira ishami ryose ryama “kugira ngo rirushirize kwama.” (Yoh. 15:2) Nka kurya nyene uwufise umurima w’imizabibu yipfuza ko amashami y’imizabibu yiwe arushiriza kwama, ni na ko Yehova yipfuza yuko tubandanya kwongereza ubushobozi dufise bwo kwama “icamwa c’iminwa” yacu. (Heb. 13:15) Ni ivyiza bishimishije ibihe biboneka igihe duteye imbere mu gikorwa co kwamamaza? Yezu atwishura ati: “Dawe araninahazwa muri ibi: ko muguma mwama ivyamwa vyinshi.”​—Yoh. 15:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika