ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/13 rup. 8
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 3/13 rup. 8

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Ndamukiza

“Turiko turayaga n’ababanyi bacu ibijanye no gusoma Bibiliya. Ariko abantu benshi babona ko Bibiliya igoye gutahura. Woba na we ari ukwo ubibona? [Rindira yishure.] Raba ivyo aha havuga.” Numwereke urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante

“Hari ababajije iki kibazo: ‘Tuzi gute ko Yezu yazutse koko?’ Woba umaze kwibaza gutyo? [Rindira yishure.] Raba igituma kumenya inyishu bihambaye. [Soma 1 Abakorinto 15:14.] Iki kinyamakuru kirerekana ikintu kitwemeza ko izuka rya Yezu atari irementanya.”

Be maso! Ntwarante

“Woba wemera ko muri iki gihe bitoroshe gutunga umuryango? [Rindira yishure.] Abavyeyi benshi barabonye ko muri Bibiliya hariyo impanuro nziza. Nk’akarorero, iki canditswe carafashije ba sebibondo kurondera uturyo two gukeza abana babo no gutuma bumva ko hari ico bamaze. [Soma Abakolosayi 3:21.] Iki kiganiro kirerekana ingingo ngenderwako z’ishimikiro zitanu zofasha ba serugo.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika