Mbega iki kiganiro kizoshimisha nde?
1. Igihe dusoma ikinyamakuru cacu Umunara w’Inderetsi canke Be maso!, ni igiki dukwiye kwiyumvira, kandi kubera iki?
1 Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! bitegurirwa abantu bo kw’isi yose. Ku bw’ivyo, ibiganiro vyo muri ivyo binyamakuru birimwo amayagwa atandukanye. Uko dusoma ikiganiro kimwekimwe cose mu kinyamakuru cacu, turakwiye kwiyumvira umuntu canecane coshimisha, maze tugaca dutegekanya ivyo kuzomushira ico kinyamakuru.
2. Ni ibiganiro ibihe bisohorwa mu binyamakuru vyacu vyoshimisha canecane abantu kanaka?
2 Umunara w’Inderetsi uheruka gusohoka woba urimwo ikiganiro gishingiye kuri Bibiliya gica irya n’ino ikintu muheruka kuganirako n’uwo mukorana? Woba urimwo ikiganiro kivuga ibijanye n’umuryango cogirira akamaro incuti yawe? Hoba hari umuntu muzinanyi ariko ategura kugira urugendo mu gihugu cavuzwe muri Be maso!? Kimwe muri ivyo binyamakuru coba coshimisha abantu bakorera ahakorerwa ivy’ubudandaji canke abakorera mu nzego za Leta bo mu cibare canyu? Nk’akarorero, ikinyamakuru kivuga ibijanye n’ingorane abageze mu zabukuru bagira coshimisha cane abantu bakorera mu bigo vyo kubungabungiramwo abageze mu zabukuru. Abakora mu nzego zijejwe gutuma amategeko yubahirizwa boshimishwa n’ikinyamakuru kivuga ibijanye n’ubukozi bw’ikibi.
3. Niwigane icabonywe cerekana ukuntu ari ngirakamaro guha inomero kanaka z’ibinyamakuru abantu tubona ko ibivugwa muri ivyo binyamakuru vyoshimisha cane.
3 Ivyiza bivamwo: Umugabo n’umugore umwe bubakanye bo muri Afrika y’Epfo bamaze kuronka ya Be maso! yo muri Gitugutu 2011 yavuga ngo “Ingene worera abana bakazoba abitaho ibintu,” baciye baterefona amashure 25 yo mu cibare c’ishengero ryabo. Murongo ibiri n’abiri muri ayo yaremeye kwakira ivyo binyamakuru maze arabiha abanyeshure bayo. Hari uwundi mugabo n’umugore bubakanye bo muri ico gihugu bagize ico ciyumviro nyene maze baratanga ivyo binyamakuru ku mashure ari mu cibare cabo. Abigisha bo muri rimwe muri ayo mashure barafashe ingingo yo gukoresha ico kinyamakuru mu vyigwa batanga. Uwo mugabo n’umugore bubakanye barabwiye ico kintu umucungezi wabo w’umuzunguruko. Uno yaciye ahimiriza abagize amashengero ari mu muzunguruko wiwe kuza baragendera amashure ari mu vyibare vyabo. Abavukanyi batari bake barasavye ayandi makopi y’ico kinyamakuru ku biro vy’ishami ku buryo vyabaye ngombwa ko basubira kugicapura!
4. Ni kubera iki twipfuza guha ibinyamakuru abantu benshi bashoboka?
4 Ibinyamakuru vyacu birerekana ico ibiba kw’isi bisobanura bikongera bikerekeza umuntu kuri Bibiliya no ku Bwami bw’Imana. Ni vyo binyamakuru vyonyene kw’isi “[vya]mamaza ubukiriro.” (Yes. 52:7) Ku bw’ivyo, twipfuza kubiha abantu benshi bashoboka. Uburyo bwiza bwo kubigira ni mu kwibaza uti: ‘Mbega iki kiganiro kizoshimisha nde?’