ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/13 rup. 3
  • Nukoreshe amavidewo mu kwigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe amavidewo mu kwigisha
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe ibintu umuntu ashobora kubona vyigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Koresha amavidewo mu kwigisha inyigisho za Bibiliya
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Koresha amavidewo mu kwigisha
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Utujambo two ku mpera
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 5/13 rup. 3

Nukoreshe amavidewo mu kwigisha

Igihe Yehova yaha amakuru ahambaye Aburahamu na Yeremiya, ntiyababwiye gusa ariko kandi yaraberetse. (Ita. 15:5; Yer. 18:1-6) Turashobora gufasha abo twigana Bibiliya gutahura no guha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya mu gukoresha neza ibintu umuntu ashobora kubona, nk’akarorero amavidewo yacu. Ivyiyumviro bikurikira vyerekana ibihe amavidewo amwamwe yokwerekanirwamwo. Nugume wibuka ko ibi ari ivyiyumviro duhawe gusa, kuko ivy’umutohoji umwe usanga bitandukanye n’ivy’uwundi.

Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha

◻ Ikigabane ca 1: Muhejeje ingingo ya 17, nimurabe Les merveilles de la création révèlent la gloire de Dieu (Ibitangaza vy’irema birahishura ubuninahazwa bw’Imana)

◻ Ikigabane ca 2: Mu mpera, nimurabe La Bible : le livre le plus ancien toujours d’actualité (Bibiliya: Igitabu ca kera gihuje n’igihe ca none)

◻ Ikigabane ca 9: Muhejeje ingingo ya 14, nimurabe Ivyabona vya Yehova baramamaza inkuru nziza kw’isi yose

◻ Ikigabane ca 14: Mu mpera, nimurabe La Bible : une force dans votre vie (Bibiliya: Ububasha ifise mu buzima bwawe)

◻ Ikigabane ca 15: Muhejeje ingingo ya 10, nimurabe Umuryango wacu wose w’abavukanyi

Igitabu ‘Urukundo rw’Imana’

◻ Ikigabane ca 3: Muhejeje ingingo ya 15, nimurabe Les jeunes s’interrogent . . . Comment se faire de vrais amis ? (Urwaruka ruribaza—Noshobora gute kuronka abagenzi nyakuri?)

◻ Ikigabane ca 4: Mu mpera, nimurabe Respectons l’autorité de Jéhovah (Niwubahe ubukuru bwa Yehova)

◻ Ikigabane ca 7: Muhejeje ingingo ya 12, nimurabe Pas de sang : la médecine relève le défi (Ubuvuzi butsinda urugamba rwo kuvura hadakoreshejwe amaraso)

◻ Ikigabane ca 9: Muhejeje ingingo ya 6, nimurabe Des exemples qui nous servent d’avertissement (Uturorero two kutuburira muri iki gihe)

◻ Ikigabane ca 17: Mu mpera, nimurabe ‘ Marchons par la foi, non par la vue ’ (‘Nugende wisunga ukwizera, ntiwisunge ibiboneka’)

Hoba hari ayandi mavidewo umwe mu bo mwigana Bibiliya ayaravye yogira ico amwunguye? Nk’akarorero, abantu bariko bararwanywa boshobora kuremeshwa no kuraba ya videwo ivuga ngo Fidèles dans les épreuves — Les Témoins de Jéhovah en Union soviétique (Intahemuka mu bigeragezo—Ivyabona vya Yehova bo muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti) canke imwe ivuga ngo La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova mu ruhamo rw’Abanazi). Abakiri bato boshobora kwungukira kuri imwe ivuga ngo Poursuivez des objectifs qui honorent Dieu (Nukurikirane imigambi itera iteka Imana) n’imwe ivuga ngo Les jeunes s’interrogent . . . Que vais-je faire de ma vie ? (Urwaruka ruribaza—Nzokoresha gute ubuzima bwanje?). Niwandike mu bitabu vyawe Ivyo Bibiliya yigisha na ‘Urukundo rw’Imana’ igihe co kwerekerako videwo uwo mwigana Bibiliya canke kuyimuha ngo ayirabe. Uko hasohoka amavidewo mashasha, nuzirikane ukuntu woyakoresha mu gukora ku mutima abo mwigana Bibiliya.—Luka 24:32.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika