ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/13 rup. 2
  • Ijambo ry’Imana riragira ububasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijambo ry’Imana riragira ububasha
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryo mu 2010
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • “Ibifungurwa ku gihe kibereye”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ijambo ry’Imana ni ngirakamaro ku kwigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 8/13 rup. 2

Ijambo ry’Imana riragira ububasha

1. Iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2014 rizoba rifise umutwe-shimikiro uvuga ngw’iki?

1 Mu buryo butandukanye n’ikintu cose cakozwe n’abantu badatunganye, Bibiliya irafise ububasha bwo gutuma duhinduka, igatuma twiyumvira kandi tugakora mu buryo buhuye n’ivyo Yehova agomba. None Ijambo ry’Imana rifise ububasha bungana gute? Dushobora gute gukoresha bimwe bishitse ububasha bwaryo mu buzima bwacu? Dushobora gute kurikoresha mu buryo ngirakamaro mu gufasha abandi? Turizigiye tudakeka ko twese tuzoremeshwa mu buryo bw’impwemu igihe ivyo vyiyumviro bizoba biriko birarimburwa mu kiringo ca porogarama y’iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe yateguwe ku bw’umwaka w’umurimo wa 2014. Umutwe-shimikiro w’iryo teraniro uvuga ngo “Ijambo ry’Imana riragira ububasha,” ukaba wakuwe mu Baheburayo 4:12.

2. Dukwiye kuzokwumviriza inyishu z’ibibazo ibihe?

2 Uzorondere inyishu z’ibi bibazo: Igihe uzoba uriko urakurikirana iyo porogarama, uze wandike inyishu z’ibi bibazo biri aha hepfo.

• Ni kubera iki dukwiye kwizigira Ijambo rya Yehova? (Zab. 29:4)

• Dushobora gute kwibonera ububasha bw’Ijambo ry’Imana mu buzima bwacu bwite? (Zab. 34:8)

• Ni gute woreka ububasha bw’Ijambo ry’Imana bukagira ico bukoze ku busuku bwawe? (2 Tim. 3:16, 17)

• Dushobora gute kwirinda gutwarwa n’ububasha buhendana bw’isi ya Shetani? (1 Yoh. 5:19)

• Mwebwe rwaruka, mushobora gute kuroranirwa mu vy’impwemu? (Yer. 17:7)

• Dushobora gute kugira ububasha mbere n’igihe tugoyagoya? (2 Kor. 12:10)

• Ni igiki codufasha kubandanya tugira amahinduka no mu bijanye n’impengamiro mbi zashinze imizi? (Ef. 4:23)

3. Turetse ivyo kwumviriza porogarama, ni gute kandi twokwungukira kw’iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe?

3 Ese ukuntu tuzokwungukira cane ku kwumviriza ayo makuru ahambaye! Vyongeye, iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe, cokimwe n’iteraniro ry’umuzunguruko be n’ihwaniro ry’intara, rizoturonsa uturyo two kwaguka no kugiranira ubugenzi n’abavukanyi be na bashiki bacu bo mu yandi mashengero. (Zab. 133:1-3; 2 Kor. 6:11-13) Ku bw’ivyo, uze urondere umwanya wo kwifatanya n’abagenzi usanganywe, be n’uwo kurondera abandi bashasha. Nimba kw’iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe uzoba witavye hazoba hari umushikirizansiguro w’umushitsi, nk’umucungezi w’intara canke umuvukanyi yavuye kuri Beteli, ubona gute urondeye akaryo ko kumuha ikaze be n’umukenyezi wiwe? Emwe, turafise imvo nyinshi zumvikana zo kwitegana umushasharo iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryimirije!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika