ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/15 rup. 4
  • Gutanga ubutumire

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gutanga ubutumire
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ubutumire budasanzwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Isekeza riri n’ico rivamwo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Isekeza ryo gutumira abantu kw’ihwaniro
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Tuzotangura gutanga ubutumire bw’Icibutso itariki 2 Ndamukiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2015
km 4/15 rup. 4

Gutanga ubutumire

1. Isekeza ryo gutanga ubutumire bw’ihwaniro rizotangura ryari?

1 Hamwe woba wateguriye umuryango wawe canke abagenzi bawe imfungurwa zidasanzwe, zimwe usanga kugira uzitegure bisaba inguvu nyinshi n’amahera menshi, nta nkeka ko mu gutumira abo wabiteguriye wobigirana igishika. Mu buryo busa n’ubwo, harakozwe vyinshi mu gutegura imfungurwa zo mu vy’impwemu zizoshikirizwa kw’ihwaniro ryimirije. Hagisigaye indwi zitatu ngo ihwaniro ribe, Yehova azodutera agateka ko gutumira abantu. Ni igiki kizodufasha gutanga ubwo butumire tubigiranye igishika?

2. Ni igiki kizotuma tugira uruhara bimwe bishitse mw’isekeza?

2 Nitwazirikana ukuntu twebwe ubwacu twungukira ku nyigisho ziruhura Yehova aturonsa ku mahwaniro yacu, bizotuma tugira uruhara bimwe bishitse muri iryo sekeza. (Yes. 65:13, 14) Turakwiye kandi kwibuka ko iryo sekeza twama tugira buri mwaka rivamwo ivyiza. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Isekeza riravamwo ivyiza.”) Hari abo tuzotumira bazokwitaba ihwaniro n’abandi batazoryitaba. Ariko rero, abaryitaba uko boba bangana kwose, umwete tugira mw’isekeza uraninahaza Yehova kandi urerekana ko twigana ugutanga cane kwiwe.​—Zab. 145:3, 7; Ivyah. 22:17.

3. Ubutumire buzotangwa gute?

3 Buri nama y’abakurambere irakwiye guhitamwo ukuntu bobigenza kugira ngo batange ubutumire bwinshi. Aho harimwo nko guhitamwo nimba abamamaji boza barabusiga ku mihana basanze atari ho bari canke bakabutanga igihe bariko baramamaza ku mugaragaro mu cibare c’ishengero. Mu mpera z’imishamvu ubwo butumire bukwiye gutanganwa n’ibinyamakuru igihe bibereye. Isekeza niryarangira, ese ukuntu tuzohimbarwa no kumenya ko twarigizemwo uruhara n’umwete kandi ko abantu benshi bashoboka bifatanije natwe kuri ayo mazimano yo mu vy’impwemu Yehova yaduteguriye!

Uzovuga iki?

Umaze kumuramutsa nk’uko musanzwe muramukanya aho iwanyu, woshobora kuvuga uti: “Turiko turagira uruhara mw’isekeza ririko riraba kw’isi yose ryo gutumira abantu ku rubanza ruhambaye cane. Igenekerezo, amasaha be n’ikibanza urwo rubanza ruzoberamwo biriko kuri ubu butumire.”

Isekeza riravamwo ivyiza

  • Mu myaka mirongo iheze, igihe mushiki wacu umwe yariko aragira uruhara mw’isekeza ryo gutanga ubutumire, yaribajije nimba utwo twigoro hari ico tuzovamwo. Yibajije ati: ‘Abantu boba vy’ukuri bazokwitaba ihwaniro?’ Ku wa gatandatu mu gitondo mu gihe c’iryo hwaniro, uwo mushiki wacu yarabonye umugabo umwe wo mw’idini ryitwa Sikh yari yicaye iruhande yiwe, aca aramuyagisha. Vyagaragaye ko yari yaje kw’ihwaniro kubera ubutumire yari yararonse. Yari afise ibibazo bitari bike, uwo mushiki wacu akaba yarabimwishuye. Yaravuze ingene iryo hwaniro ryari ryamuryoheye be n’ingene yari yakozwe ku mutima n’ukuntu abari baryitavye bari bambaye hamwe n’inyifato yabo. Mu nyuma kuri uwo musi nyene, uwo mushiki wacu yaraganiriye n’umugabo umwe n’umugore wiwe bari bicaye hafi yiwe. Na bo nyene bari baje kw’ihwaniro kubera ubutumire baronse kandi bari baje n’ibisi. Bari baryohewe n’iryo hwaniro kandi baciye bategekanya kuryitaba no ku wa mungu. Uwo mushiki wacu yaciye abona ukuntu rya sekeza tugira buri mwaka rihambaye.

  • Kw’ihwaniro rimwe riheruka kuba, umugabo umwe n’umukenyezi wiwe b’abatsimvyi basanzwe baraganiriye n’umugabo umwe n’umukenyezi wiwe bitereye mu myaka. Abo bitereye mu myaka bavuze ko ryari ryo rya mbere baje ng’aho. Abo batsimvyi bababajije bati: “Ni nde yabatumiye?” Babishuye bati: “Umusi umwe dutashe, twasanze ubutumire munsi y’umuryango.” Barasomye ubwo butumire, mbere baca baruzuza ahantu umuntu yuzuza asaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Hari abavukanyi bari kuri iryo hwaniro basangiye udufungurwa twa sasita n’uwo mugabo n’umugore wiwe. Iryo hwaniro ryarabaryoheye cane ku buryo baciye bategekanya kugaruka bukeye. Haratunganijwe ivyo kubagendera no gutsimbataza ugushimishwa kwabo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika