Gutanga ubutumire
1. Isekeza ryo gutanga ubutumire bw’ihwaniro rizotangura ryari?
1 Hamwe woba wateguriye umuryango wawe canke abagenzi bawe imfungurwa zidasanzwe, zimwe usanga kugira uzitegure bisaba inguvu nyinshi n’amahera menshi, nta nkeka ko mu gutumira abo wabiteguriye wobigirana igishika. Mu buryo busa n’ubwo, harakozwe vyinshi mu gutegura imfungurwa zo mu vy’impwemu zizoshikirizwa kw’ihwaniro ryimirije. Hagisigaye indwi zitatu ngo ihwaniro ribe, Yehova azodutera agateka ko gutumira abantu. Ni igiki kizodufasha gutanga ubwo butumire tubigiranye igishika?
2. Ni igiki kizotuma tugira uruhara bimwe bishitse mw’isekeza?
2 Nitwazirikana ukuntu twebwe ubwacu twungukira ku nyigisho ziruhura Yehova aturonsa ku mahwaniro yacu, bizotuma tugira uruhara bimwe bishitse muri iryo sekeza. (Yes. 65:13, 14) Turakwiye kandi kwibuka ko iryo sekeza twama tugira buri mwaka rivamwo ivyiza. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Isekeza riravamwo ivyiza.”) Hari abo tuzotumira bazokwitaba ihwaniro n’abandi batazoryitaba. Ariko rero, abaryitaba uko boba bangana kwose, umwete tugira mw’isekeza uraninahaza Yehova kandi urerekana ko twigana ugutanga cane kwiwe.—Zab. 145:3, 7; Ivyah. 22:17.
3. Ubutumire buzotangwa gute?
3 Buri nama y’abakurambere irakwiye guhitamwo ukuntu bobigenza kugira ngo batange ubutumire bwinshi. Aho harimwo nko guhitamwo nimba abamamaji boza barabusiga ku mihana basanze atari ho bari canke bakabutanga igihe bariko baramamaza ku mugaragaro mu cibare c’ishengero. Mu mpera z’imishamvu ubwo butumire bukwiye gutanganwa n’ibinyamakuru igihe bibereye. Isekeza niryarangira, ese ukuntu tuzohimbarwa no kumenya ko twarigizemwo uruhara n’umwete kandi ko abantu benshi bashoboka bifatanije natwe kuri ayo mazimano yo mu vy’impwemu Yehova yaduteguriye!