Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
Igituma bihambaye: Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ni igikoresho nyamukuru mu bikoresho dukoresha mu kwigisha. Ariko rero, imbere y’uko twigisha umuntu muri co, tubanza kukimushikiriza. Ku bw’ivyo, twese turakwiye kwihatira kuba abahanga mu gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu busuku. (Imig. 22:29) Hariho uburyo bwinshi bwo kugishikiriza, rero abamamaji barakwiye guhitamwo ubwoborohera.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Nimugire udukino two kwimenyereza mu gusenga kwo mu muryango.
Igihe uri mu busuku, nubwire abandi bamamaji ivyo wategekanije kuvuga. (Imig. 27:17) Nuhindure amajambo ukoresha mu gutanguza ikiyago igihe ubonye ko atari kirumara.