Woba umaze kwereka umuntu ugendeye ubwa mbere ingene inyigisho iyoborwa?
Igihe dusavye abantu ko twobayoborera inyigisho ya Bibiliya, hariho abaca bavuga yuko bitabashimisha canke ko basanzwe biga Bibiliya mu madini iwabo. Kubera ko badashoka babona aho iyo nyigisho yacu ya Bibiliya itandukaniye n’ivyo bamenyereye, ntibamenya ukuntu ishobora kubaronsa ubumenyi ikongera ikabahimbara. Ku bw’ivyo, aho kubasaba gusa ngo mwigane Bibiliya, ubona gute ufashe iminuta nk’ingahe kugira ngo ubereke ari bwo bwa mbere ubagendeye ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa? Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ntupfe gusa kubwira abantu ngo ‘ndazi gukinjika kandi nzogaruka ndabazaniye ibifungurwa,’ ahubwo riho nugende ubahonjeje! Raba ukuntu ushobora kubigenza mu minuta mikeyi gusa, wisunze inama dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2006, ku rupapuro rwa 6:
“Woba wibaza ko hazoteba hagashika igihe aya majambo akaranguka? [Soma Yesaya 33:24, hanyuma urindire yishure.] Reka ndakwereke ikintu gishimishije ku bijanye n’ico kibazo.” Nuhe uwo muntu igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, hanyuma umwerekeze ku ngingo ya 22 iri ku rupapuro rwa 36. Nusome ikibazo kiri hepfo kuri urwo rupapuro, maze umusabe arondere inyishu igihe usoma iyo ngingo. Nuce rero usubira kubaza ca kibazo, hanyuma wumvirize ico uwo muntu avuga. Nimusomere hamwe ikindi canditswe kiri mu vyatanzwe. Nuvyure ikibazo kizokwishurwa ugarutse, maze muhane isango ritomoye uzogarukirako. Erega aho inyigisho yamaze gutangura!