ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/15 rup. 2
  • Ingene twokoresha ivyafashwe amajwi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twokoresha ivyafashwe amajwi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ivyo bijanye
  • Woba uriko urakoresha neza Bibiliya yafashwe amajwi?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Amahwaniro yoroshe kwumva no kubona
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Woba umaze kwibaza ibi bibazo?
    Be maso!—2019
  • Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Nuwukoreshe mu gufasha umuntu avuga urundi rurimi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2015
km 11/15 rup. 2

Ingene twokoresha ivyafashwe amajwi

1. Uretse ibisohokayandikiro, ni ikindi kintu ikihe c’ingirakamaro dufise?

1 Abantu benshi barakoresha jw.org kugira ngo basome amajambo aryoshe kandi atagira amakosa yerekeye ukuri. (Umus. 12:10) Ariko none, mwoba muhora mukoresha ivyafashwe amajwi? Ivyo biratuma umuntu yumviriza vyinshi mu biri ku muhora wacu. Ni gute ivyafashwe amajwi bishobora kutugirira akamaro?

2. Ni gute twokoresha ivyafashwe amajwi ku bw’ukwiyigisha canke ku bw’inyigisho y’umuryango?

2 Ku bw’ukwiyigisha canke ku bw’inyigisho y’umuryango: Kwumviriza ibisomwa vyafashwe amajwi vya Bibiliya, vy’ibinyamakuru, canke vy’igisohokayandikiro kanaka igihe turi ku rugendo canke turi mu bikorwa vya misi yose vyoshobora gutuma tudapfisha ubusa umwanya. (Ef. 5:15, 16) Mu vyo dukora mu gusenga kwacu kwo mu muryango, twoshobora kuza turacishamwo tukumviriza ibintu vyafashwe amajwi, tukavyumviriza dukurikira mu bisohokayandikiro vyacu. Kwumviriza ivyafashwe amajwi iyo turiko turiyigisha ni ngirakamaro cane igihe twipfuza kumenya gusoma neza canke igihe tuba turiko turiga ururimi kanaka.

3. Ni bande mu cibare cacu boshobora kwungukira ku vyafashwe amajwi?

3 Mu busuku: Abantu bo mu cibare cacu babona ko ata mwanya bafise wo gusoma boshobora kwemera kwumviriza ivyafashwe amajwi. Canke twoshobora guhura n’abantu bavuga urundi rurimi kandi basa n’abokwakira neza ubutumwa bw’Ubwami babwumvise mu ‘rurimi rwabo bwite bavukiyemwo.’ (Ivyak. 2:6-8) Mu mihingo imwimwe, kwumviriza ni umuce uhambaye w’imico kama. Nk’akarorero, mu mico kama y’aba Hmong, abantu bariganira ku munwa kahise kabo urunganwe rushasha kandi ivyo babigira neza kubera ko baba barafashe ku mutwe ivyo bumvise. Mu mico kama myinshi y’Abanyafrika, abantu usanga bakunda kwiga mu kwiganirwa inkuru.

4. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza ku bijanye no gufasha abantu bo mu cibare cacu?

4 Mu cibare cawe, ubwo vyoba ngirakamaro uvugirije umunyamuhana ivyafashwe amajwi mu rurimi rwiwe? Hoba hari umuntu yoshobora kwungukira ku gisohokayandikiro cafashwe amajwi twomurungikira biciye kuri e-mail? Twoba twoshobora gushira amajwi y’igisohokayandikiro ku kadisiki CD maze tugaca tugaha umuntu yashimishijwe, kumbure tukakamuhana n’igisohokayandikiro cako? Igihe cose duhaye umuntu igisohokayandikiro kiri mu buryo bwa elegitoronike gikwiye, caba igitabu, agatabu, ikinyamakuru, canke agapapuro k’inkuru nziza turashobora kucandika kuri raporo. Ivyafashwe amajwi vyateguwe kugira ngo tubikoreshe mu kwiyigisha be no mu gutera imbuto z’ukuri kwereye Ubwami.​—1 Kor. 3:6.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika