ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Rusama rup. 13
  • Woba uriko urakoresha neza Bibiliya yafashwe amajwi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uriko urakoresha neza Bibiliya yafashwe amajwi?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twokoresha ivyafashwe amajwi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Amahwaniro yoroshe kwumva no kubona
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Nuwukoreshe mu gufasha umuntu avuga urundi rurimi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Woba umaze kwibaza ibi bibazo?
    Be maso!—2019
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Rusama rup. 13
Udufoto: Kwumviriza Bibiliya yafashwe amajwi. 1. Umuvukanyi ariko yumviriza Bibiliya yafashwe amajwi muri terefone akoresheje ama ekutere igihe ari kwisamaza. 2. Inabibondo n’agakobwa kiwe bariko bakoresha akuma kabafasha kwumviriza igisomwa ca Bibiliya yafashwe amajwi bajanisha no gukurikira muri Bibiliya yo mu mpapuro. 3. Mushiki wacu ariko yumviriza Bibiliya yafashwe amajwi muri terefone akoresheje utu ekutere igihe ari muri bisi.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Woba uriko urakoresha neza Bibiliya yafashwe amajwi?

Bibiliya yafashwe amajwi ni iki? Bibiliya yafashwe amajwi ni igisomwa ca Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo cafashwe amajwi. Ico gisomwa kigenda kirasohorwa mu ndimi nyinshi zishoboka. Kimwe mu bintu nyamukuru bikigize ni uko hakoreshwa amajwi atandukanye ku bavugwa muri Bibiliya. Abasomyi basoma n’inyiyumvo bakongera bagashimika ku majambo mu buryo bubereye kugira bashikirize ubutumwa bwo muri Bibiliya mu buryo butagira amakosa.

Ni ivyiza ibihe bamwebamwe bariko barakura mu kwumviriza Bibiliya yafashwe amajwi? Abantu benshi bama bumviriza Bibiliya yafashwe amajwi barakunda ukuntu ituma Ijambo ry’Imana riba rizima. Babona ko kwumviriza abasomyi batandukanye basubiramwo abavugwa muri Bibiliya, bituma bashobora kwiha ishusho y’ibivugwa muri Bibiliya bakongera bagatahura neza ibiba vyanditse. (Img 4:5) Benshi basanze kandi kwumviriza Bibiliya yafashwe amajwi bibaruhurira igihe bafise amaganya.​—Zb 94:19.

Kwumviriza Ijambo ry’Imana risomwa n’ijwi ryumvikana birashobora kugira ikintu kinini bikoze ku buzima bwacu. (2Ng 34:19-21) Nimba Bibiliya yafashwe amajwi iboneka yose canke igice cayo mu rurimi utahura, ubona gute ugize akamenyero ko kuza urayumviriza?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UKUNTU BAFATA AMAJWI Y’IGISOMWA CA BIBILIYA​—AGACE, MUCE MWISHURA IKI IKIBAZO:

Ni ibiki bigutangaza ku bijanye n’ukuntu bafata amajwi y’igisomwa ca Bibiliya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika