UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 22-26
“Rera umwana wisunze inzira imubereye”
Mu Migani hariyo impanuro nziza zofasha abavyeyi. Ngo ‘igiti kigororwa kikiri gito,’ igihe abana batojwe indero biroroha cane ko bakorera Yehova bamaze gukura.
Kurera neza abana bisaba umwanya n’akigoro
Abavyeyi bategerezwa kwerekana akarorero keza kandi bakigisha neza abana babo, bakabakebura, bakabaremesha bakanabatoza indero
Indero nziza itanganwa urukundo, igakosora ivyiyumviro vy’umwana n’umutima wiwe
Abana ntibatozwa indero cokimwe