UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 44-48
Reka ‘kwironderera ibintu bihambaye’
Baruki ashobora kuba yari umukozi yize yakorera i bwami. Naho yasenga Yehova kandi agafasha Yeremiya adahemuka, vyarashitse ntiyabona ibintu mu buryo bwiza. Yatanguye “[k]wironderera ibintu bihambaye,” kumbure akaba yashaka kuduzwa igiti canke kwironkera amatungo. Yari akeneye guhindura ivyiyumviro kugira ntahitanwe n’ugusangangurwa kwa Yeruzalemu kwari kwimirije.