UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nzosubira gukora ubutsimvyi bwo gufasha ryari?
Ivyo Ezekiyeli yeretswe ku bijanye n’urusengero vyarerekana ko abasavyi ba Yehova botanze amashikanwa babikunze. Umwe wese muri twebwe yoshikanira gute Yehova ibimazi vy’ishemezo?—Heb 13:15, 16.
Uburyo bumwe ni mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Mu mwaka w’umurimo wa 2018, hari amezi atari make afise imisi ya gatandatu itanu canke imisi ya mungu itanu. Ivyo bizofasha canecane abakora akazi ka misi yose, baronka umwanya w’indimiro ku mpera z’indwi. Vyongeye, turashobora kuzohitamwo gukora amasaha 30 canke 50 muri Ntwarante na Ndamukiza no mu kwezi umucungezi azoba yatugendeye.
Bite ho mu gihe bitodukundira gukora ubwo butsimvyi kubera ukuntu ivyacu bizoba vyifashe? Twogerageza kuryohora igikorwa cacu, kumbure tukongereza n’umwanya tukimaramwo. Uko ivyacu bizoba vyifashe kwose, ese urukundo dukunda Yehova rwotuma dukora ivyo dushoboye vyose mu mwaka w’umurimo wa 2018!—Hs 14:2.
Nokwigana gute umwete wa Sabina Hernández?
RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO YEHOVA NTA CO ATANSHOBOZA, UCE WISHURA IBI BIBAZO:
Ni igiki gituma Sabina akora vyinshi mu murimo wa Yehova?
Akarorero ka Sabina kakuremesha gute?
Mu mwaka w’umurimo wa 2018, wipfuza kuzokora ubutsimvyi bwo gufasha ryari na ryari?