UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | NAHUMU 1–HABAKUKI 3
Guma ugavye mu vy’impwemu kandi ufise umwete
Abanyababiloni bari bimirije gusangangura Yuda, ariko vyasa n’ibidashoboka. Yuda yategekwa na Misiri kandi Abakaludaya ari bo Banyababiloni ntibarusha inguvu Abanyamisiri. Vyongeye Abayuda benshi babona ko Yehova atopfa aretse ngo Yeruzalemu n’urusengero rwaho bisangangurwe. Naho ari ukwo, ubwo buhanuzi bworangutse kandi Habakuki yabwirizwa kuguma aburindiriye mu kwama agavye mu vy’impwemu kandi afise umwete.
Ni ibiki binyemeza ko iherezo ry’iyi si ryegereje cane?
Nokora iki kugira ngume ngavye mu vy’impwemu kandi mfise umwete?