ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Munyonyo rup. 7
  • Guma ugavye mu vy’impwemu kandi ufise umwete igihe ibintu bihindutse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Guma ugavye mu vy’impwemu kandi ufise umwete igihe ibintu bihindutse
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Guma ugavye mu vy’impwemu kandi ufise umwete
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ividewo ikwiriye ko umuntu ayizirikanako yitonze
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ividewo nshasha ifasha gutanguza inyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ico wokora igihe habaye amahinduka
    Be maso!—2016
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Munyonyo rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Guma ugavye mu vy’impwemu kandi ufise umwete igihe ibintu bihindutse

Amahinduka nta ho twoyahungira, na canecane muri iyi misi ya nyuma. (1Kr 7:31) Yaba ari ayo twiteze canke tutari twiteze, meza canke mabi, amahinduka arashobora kuduhungabanya mu vy’impwemu no kubangamira ubucuti dufitaniye na Yehova. Ni ibiki bizodufasha kuguma tugavye mu vy’impwemu kandi dufise umwete igihe dushikiwe n’amahinduka? Raba akavidewo kavuga ngo Bishitse ukimuka, guma ukomeye mu vy’impwemu, uce wishura ibi bibazo:

Umuryango uriko uragira Ugusenga kwo mu muryango, naho uri mu myiteguro yo kimuka
  • Umuvukanyi umwe yahanuye gute serugo avugwa muri ako kavidewo?

  • Ibivugwa muri Matayo 7:25 vyari bihuriye he n’ivy’uwo muryango?

  • Uwo muryango witeguriye gute ukwimuka kandi wavyungukiyeko gute?

  • Ni ibiki vyabafashije kumenyera ishengero rishasha n’icibare gishasha?

Niwibaze uti:

Ni amahinduka akomeye ayahe aheruka kunshikira?

Ivyiyumviro biri muri aka kavidewo nobikoresha gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika