UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Guma ugavye mu vy’impwemu kandi ufise umwete igihe ibintu bihindutse
Amahinduka nta ho twoyahungira, na canecane muri iyi misi ya nyuma. (1Kr 7:31) Yaba ari ayo twiteze canke tutari twiteze, meza canke mabi, amahinduka arashobora kuduhungabanya mu vy’impwemu no kubangamira ubucuti dufitaniye na Yehova. Ni ibiki bizodufasha kuguma tugavye mu vy’impwemu kandi dufise umwete igihe dushikiwe n’amahinduka? Raba akavidewo kavuga ngo Bishitse ukimuka, guma ukomeye mu vy’impwemu, uce wishura ibi bibazo:
Umuvukanyi umwe yahanuye gute serugo avugwa muri ako kavidewo?
Ibivugwa muri Matayo 7:25 vyari bihuriye he n’ivy’uwo muryango?
Uwo muryango witeguriye gute ukwimuka kandi wavyungukiyeko gute?
Ni ibiki vyabafashije kumenyera ishengero rishasha n’icibare gishasha?
Niwibaze uti:
Ni amahinduka akomeye ayahe aheruka kunshikira?
Ivyiyumviro biri muri aka kavidewo nobikoresha gute?