UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 16-17
Ico twigira ku Musi w’impongano
Twigira iki ku bijanye n’ingene bakoresha imibavu ku Musi w’impongano?
Amasengesho yemewe abasavyi ba Yehova b’intahemuka bamutura ameze nk’imibavu. (Zb 141:2) Kurya nyene umuherezi mukuru yazanira Yehova imibavu abigiranye icubahiro cinshi, ni ko na twebwe twitura Yehova mw’isengesho tubigiranye akoba n’icubahiro
Umuherezi mukuru yategerezwa guturira imibavu imbere yo gushikana ibimazi. Muri ubwo buryo nyene, imbere y’uko Yezu atanga ubuzima bwiwe nk’ikimazi, yabanje kubaho ari intungane kandi adahemuka kugira Yehova ashobore kwemera ikimazi ciwe
Nokora iki kugira ibimazi ntanga vyemerwe imbere ya Yehova?