Kwosa imibavu vyoba bifise ikibanza mu gusenga kw’ukuri?
“IMANA zirakunda akamoto”. Ivyo vyakunda kuvugwa n’Abanyamisiri ba kera. Kuri bo, kwosa imibavu wari umuce nyamukuru ugize ugusenga kwabo. Kubera ko Abanyamisiri bemera ko imana ziri hafi, barosereza imibavu ku musi ku musi ku nsengero zabo be no ku bicaniro vyo mu nzu zabo, eka mbere no mu gihe baba bari mu vy’ubucuruzi. Ayandi mahanga yari afise imigenzo nk’iyo nyene.
Imibavu ni iki? Iryo jambo rishobora kwerekezwa ku mwotsi canke kuri birya bosa. Igizwe n’uburembo bumota, nk’isenga be n’ibirirarira. Ivyo barabisya bigacika ifu, kandi akenshi bakabivanga nk’akarorero n’utwatsi tumota, ibishishwa vy’ibiti be n’amashurwe kugira ngo bizane akamoto gakoreshwa mu bihe kanaka.
Imibavu cari ikintu gikundwa cane, gutyo ikaba yari ifise agaciro mu bihe vya kera ku buryo ibirungo vyayo vyacitse ibidandazwa bikomeye. Abadandaza baca mu mayira y’ivy’ubudandaji, barabizana babikuye mu turere twa kure. Ushobora kuba wibuka yuko umuhungu mutoyi wa Yakobo ari we Yozefu yagurishijwe ku badandaza b’Abishimayeli bari “bavuye i Gileyadi, bari n’ingamiya zīremētse imibavu n’imiti yo gusomōra n’isenga, babimanukana muri Egiputa” (Itanguriro 37:25). Imibavu yararonderwa cane ku buryo bw’uko ibarabara ry’ivy’ubudandaji bw’isenga, irishobora kuba ryatangujwe n’abadandaza bayo, ryatumye hagirwa ingendo hagati ya Aziya n’Uburaya.
Haracoswa imibavu mu birori be no mu mihamuro amadini menshi agira muri iki gihe. Vyongeye, abantu barushirije kuba benshi bahitamwo kwosa imibavu mu mazu yabo kugira gusa binovore akamoto kayo keza. Abakirisu bakwiye kubona gute ukwosa imibavu nk’ukwo? Imana yoba ivyemera mu bijanye n’ugusenga? Reka dusuzume ico Bibiliya ibivugako.
‘Ikintu cerejwe Yehova’
Mu Bisirayeli ba kera, kwosa imibavu vyari mu mabanga ahambaye abaherezi barangurira ku rusengero. Inkoranyabumenyi ya McClintock na Strong ivuga iti: “Nkako, mu Baheburayo, kwosa imibavu bisa n’uko vyabonwa ko ari nk’ugusenga canke nk’ishikanwa ryeranda ku buryo ata handi na hamwe dusoma ko imibavu yakoreshwa atari muri ukwo gusenga”.
Yehova Imana yari yarashinze ibirungo bine vyategerezwa kuvangwa hanyuma bikoserezwa ku rusengero. Yavuze ati: “Wābīre ibintu bimoga, ni [vyo] vy’ibi: natafu, na sheheleti, na helebena: ivyo bintu bimoga ubivange na lebona itagira indobeke; vyose binganye uburemerezi; ubitunganye bihinduke imibavu nk’iyakozwe n’abahinga babimogoreye, irunzwe umunyu, itarobetse ikindi, yejejwe. Uze wābīre kuri yo, uyisye, uyigogōre, uyishire imbere ya vya Bishinga intahe mw ihema ry’ibonaniro” (Kuvayo 30:34-36). Incabwenge zivuga yuko Abayuda b’abarabi mu nyuma bongeyeko ibindi birungo kugira bikoreshwe mu rusengero.
Imibavu yoserezwa ku rusengero yari iyejejwe, ikaba yakoreshwa gusa mu gusenga Imana. Yehova yategetse ati: “Iyo mibavu uzotunganya, ntimuze mwironderere iyindi ihwanye n’iyo uko yavanzwe; iz’ibabere iyerejwe jewe Uhoraho. Umuntu wese azokora īhwanye na yo, ngw az’ayīmotereze, az’arandurwe mu bgoko bgabo” (Kuvayo 30:37, 38). Abaherezi bosereza imibavu ku gicaniro cashinzwe kabiri ku musi (2 Ngoma 13:11). Ku Musi w’Impongano na ho, umuherezi mukuru yarosereza imibavu Ahera Cane.—Abalewi 16:12, 13.
Amashikanwa y’imibavu yose ntiyari yemewe n’Imana. Yarahanye abatari abaherezi bayishikanye babigiranye ubwibone nk’aho bari abaherezi (Guharūra 16:16-18, 35-40; 2 Ngoma 26:16-20). Mu gihe ihanga ry’Abayuda ryaba ryagiye mu gusenga kw’ikinyoma n’amaboko yabo akaba yaravishije amaraso menshi, imibavu ryashikana yaba ari igitukisha kuri Yehova. Uburyarya bwabo bwatumye Yehova avuga ati: “Imibavu n’igisesema kuri jewe” (Yesaya 1:13, 15). Abisirayeli barafashe minenegwe uburyo bwo gusenga Yehova yari yarabategetse, ku buryo bugaye urusengero hanyuma bakosereza imibavu ku bindi bicaniro (2 Ngoma 28:24, 25). Mu myaka yakurikiye, imibavu yejejwe yaranakoreshejwe mu gusenga kwononekaye kwagirirwa imana z’ikinyoma. Imigenzo nk’iyo yari igitukisha kuri Yehova.—Ezekiyeli 16:2, 17, 18.
Imibavu be n’abakirisu bo mu ntango
Isezerano ry’Ivyagezwe, iryarimwo n’itegeko rijanye n’ivy’ubuherezi ryo gushikana imibavu yejejwe, ryararangiye igihe Kirisitu yatanguza isezerano rishasha mu 33 G.C. (Ab’i Kolosayi 2:14). Nta nkuru n’imwe yanditse ivuga yuko abakirisu bo mu ntango bosa imibavu ku bw’intumbero ijanye n’idini. Ku bijanye n’ivyo, ya nkoranyabumenyi ya McClintock na Strong ivuga iti: “Ni ivy’ukuri yuko imibavu itakoreshwa [n’abakirisu bo mu ntango]. Kukaba nkako, kuyikoresha cari ikintu kiranga ubupagani . . . Uwo mw’idini y’abapagani atereye udutete dukeyi tw’imibavu ku gicaniro cabo, kwaba ari ugusenga”.
Abakirisu bo mu ntango baranse kandi kwosa imibavu yo kwemera icese ko umwami w’abami wa Roma ari “imana”, naho ukwo kuvyanka kwari gutuma bahasiga ubuzima (Luka 4:8; 1 Ab’i Korinto 10:14, 20). Uravye ukuntu imibavu yakoreshwa muri ico gihe mu gusenga ibigirwamana, ntibitangaje kubona abakirisu bo mu ntango bataja no mu rudandaza rwayo.
Kwosa imibavu muri iki gihe
Imibavu ikoreshwa gute muri iki gihe? Mu madini menshi y’abiyita abakirisu, imibavu iroswa mu birori be no mu mihamuro. Mu Banyaziya, imiryango myinshi irosereza imibavu ku nsengero canke imbere y’ibicaniro vyo mu mazu kugira ngo bahe icubahiro imana zabo no kugira ngo barinde abapfuye. Mu gihe c’imisa, imibavu yamye ikoreshwa mu kumotesha ahantu, mu kuvura, mu kweza ibintu no mu gukingira.
Mbere n’abatagira aho basenga baherutse kwijukira gukoresha imibavu. Bamwebamwe bosa imibavu mu gihe bariko barazirikana. Igitabu nyobozo kimwe gihanura gukoresha imibavu kugira ngo umuntu ashikire “urugero rw’ukwiyumvira gusiga ubwenge” be n’“inkomezi zidasanzwe”. Kugira ngo umuntu atorere umuti ingorane zo mu buzima, ico gitabu gitegeka kandi kugira imihamuro yo kwosa imibavu irimwo gushikirana n’“ibinyabuzima nsigabwenge”. Imigenzo nk’iyo yoba ibereye ku bakirisu?
Yehova ariyamiriza yivuye inyuma abo bose barondera kuvatiranya imigenzo y’idini y’ikinyoma n’ugusenga gutyoroye. Intumwa Paulo yarasubiyemwo ubuhanuzi bwa Yesaya maze abwerekeza ku bakirisu, abahimiriza kuguma batandujwe n’akosho k’idini y’ikinyoma. Yanditse ati: “Muve hagati ya ba bandi, mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; nanje nzobākira” (2 Ab’i Korinto 6:17; Yesaya 52:11). Abakirisu b’ukuri baritwararika kwirinda ikintu cose gifitaniye isano n’ugusenga kw’ikinyoma canke ubupfumu.—Yohana 4:24.
Kuba imibavu ikoreshwa mu birori vy’idini be no mu vy’ubupfumu, vyoba bisigura yuko kwosa imibavu kwose ari kubi? Si ngombwa. Kumbure umuntu arashima kwosa imibavu imotesha inzu yiwe kugira ngo aryoherererwe akamoto kayo (Imigani 27:9). Naho ari ukwo, igihe umukirisu ahitamwo nimba yokwosa imibavu, hari ibintu bimwebimwe akwiye kurimbura. Abandi bo muri ako karere ubamwo boba babona yuko ukwo gukoresha imibavu kujanye n’umugenzo w’idini y’ikinyoma? Mu kibano ubamwo, imibavu yoba akenshi ifitaniye isano n’imihamuro y’ivy’ubupfumu? Canke yoba ikunda gukoreshwa ku bintu bitajanye n’idini?
Nimba umuntu ahisemwo kwosa imibavu, mu ngingo afata akwiye kurimbura ijwi ryiwe ryo mu mutima be n’inyiyumvo z’abandi (1 Ab’i Korinto 10:29). Amajambo intumwa Paulo yabwiye Abaroma aramuraba. Yanditse ati: “Nuko dukurikire ivy’amahoro n’ivyo gukomezanya: ntimusenyure igikorwa c’Imana kubg’ivyo kurya. Vyose ntibihumanya koko, ariko, uwo muntu arya ibimutsitaza, azobona ibara. Ni [vy]iza kutarya inyama, canke kutanywa vino, canke kudakora ikindi [kintu ico ari co] cose gitsitaza mwene So, canke kimugwisha, canke kimutera intege nke”.—Abaroma 14:19-21.
Amasengesho ‘ateguwe nk’imibavu’
Mu Bisirayeli, kwosa imibavu cari ikimenyetso kibereye c’amasengesho Imana yumva. Ku bw’ivyo, Dawidi, umwanditsi wa Zaburi yaririmbiye Yehova ati: “Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu”.—Zaburi 141:2.
Abisirayeli b’abizerwa ntibabona ukwosa imibavu ko ari umuhamuro ata co umaze. Baritwararika cane gutegura no kwosa imibavu mu buryo bwategetswe na Yehova. Aho gukoresha imibavu bubavu, abakirisu bo muri iki gihe, baratura amasengesho yerekana ugukenguruka be n’icubahiro bigera ibwina bafitiye Data wa twese wo mw’ijuru. Nk’uko vyari bimeze ku mibavu imota neza yoswa n’abaherezi b’urusengero, Ijambo ry’Imana ridukura amazinda riti: “Ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi”.—Imigani 15:8.
[Amafoto ku rup. 29]
Imibavu yoserezwa kw’ihema no ku rusengero yari iyera
[Ifoto ku rup. 30]
Ukwosa imibavu mu bijanye n’ukuzirikana kwoba kubereye ku bakirisu?