ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Nzero rup. 3
  • Bavyeyi, nimwigishe abana banyu ivyo bakwiye kumenya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bavyeyi, nimwigishe abana banyu ivyo bakwiye kumenya
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bavyeyi—Nimurinde Abana Banyu!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Abana bacu ni intoranwa y’agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Nzero rup. 3
Abana badugirije rimwe amaboko bavuga ngo ‘Oya!’ igihe abavyeyi babo bariko babamenyereza kwikingira.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu ivyo bakwiye kumenya

Tubaye mw’isi yita iciza ikibi, ikibi na co ikacita iciza. (Yes 5:20) Ikibabaje, abantu bamwebamwe barakora ivyo Yehova yanka harimwo kwigenza nabi hagati y’abasangiye igitsina. Abo mu runganwe kw’ishure canke abandi, baragerageza kwosha abakiri bato bacu twikundira ngo bigane ingeso zabo. None wotegura gute abana bawe kugira bashobore guhangana n’ico kigeragezo hamwe n’ibindi bisa na co?

Nimwigishe abana banyu ingingo ngenderwako za Yehova. (Lw 18:3) Nimubigishe intambwe ku yindi ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye inyifato ibereye ku bijanye n’igitsina, mwisunze imyaka bafise. (Gus 6:7) Niwibaze uti: ‘Noba narigishije abana banje uburyo bubereye bwo kugaragarizanya igishika, akamaro ko kwambara rupfasoni be n’uko abandi babwirizwa kwubahiriza ibihimba vyabo vy’ibanga? Abana banje boba bazi ico bokora hagize uwugerageza kubereka amashusho y’ibiterasoni canke akabasaba gukora ivyo Yehova avuga ko ari bibi?’ Kumenya ibintu imbere y’igihe birashobora kubafasha kwirinda ingorane nyinshi. (Img 27:12; Ums 7:12) Wigishije abana bawe, uba werekanye ko ukunda intoranwa y’agaciro Yehova yaguhaye.​—Zb 127:3.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWUBAKE INZU IDASHOKA ISENYUKA​—NUKINGIRE ABANA BAWE NTIBAGWE MU “KIBI,” MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Niwubake inzu idashoka isenyuka​—Nukingire abana bawe ntibagwe mu ‘kibi.’’ Inabibondo n’agahungu kiwe bariko baraba ividewo ‘Nimukingire abana banyu.’

    Kubera iki bamwebamwe bagonanwa kwigisha abana babo ibijanye n’igitsina?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Niwubake inzu idashoka isenyuka​—Nukingire abana bawe ntibagwe mu ‘kibi.’’ Abavyeyi bariko bayaga n’abana babo ku gitabu ‘Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye’ be n’ibindi bitabu.

    Kubera iki abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze”?​—Ef 6:4

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Niwubake inzu idashoka isenyuka​—Nukingire abana bawe ntibagwe mu ‘kibi.’’ Abavyeyi bo muri Afrika bariko basomera hamwe n’abana babo ivyanditswe bongera babiyagako.

    Ubumenyi buradukingira

    Ni ibiki ishirahamwe rya Yehova rironsa abavyeyi kugira bibafashe kwigisha abana babo ibijanye n’igitsina?​—w19.05 12, uruzitiro

  • Kubera iki ukwiye kwama uganira n’abana bawe imbere y’uko ingorane zaduka?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika