ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Ntwarante rup. 5
  • Woba uriko uritegurira Icibutso?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uriko uritegurira Icibutso?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Nzotumira bande?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Yehova arahezagira akigoro tugira ko kwitaba Icibutso
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • “Muragume mugira ibi mu kunyibuka”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • “Muragume mugira ibi”—Icibutso kizohimbazwa ku wa 5 Ndamukiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Ntwarante rup. 5
Petero na Yohani bariko bashira umukate n’ibikombe ku meza.

Petero na Yohani bariko bategura icumba co hejuru ku bwa Pasika yo mu 33 inyuma ya Kristu

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Woba uriko uritegurira Icibutso?

Pasika ya nyuma Yezu yagira ahimbaze yari iyidasanzwe. Kubera urupfu rwiwe rwari rwegereje, yarategekanije gusangira n’intumwa ziwe imfungurwa za Pasika kugira atanguze umusi mukuru mushasha bokwamye bahimbaza buri mwaka, ni ukuvuga Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Yaciye arungika Petero na Yohani gutegura icumba baziriramwo. (Lk 22:7-13; raba ishusho iri ku gipfukisho.) Ivyo biratwibutsa ko dukwiye kwitegurira Icibutso kizoba ku wa 27 Ntwarante. Amashengero ashobora kuba amaze gutunganya ibijanye n’uwuzoshikiriza insiguro, ibimenyetso be n’ibindi. Ariko none, umuntu ku giti ciwe yokwitegurira gute Icibutso?

Nutegure umutima wawe. Nusome wongere uzirikane ku gisomwa ca Bibiliya c’Icibutso. Urutonde ushobora kurusanga mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Mu Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana harimwo amakuru yiyongereye ajanye n’urwo rutonde. (Raba kandi Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu ko muri Ndamukiza 2020.) Abagize imiryango barashobora kuronka ivyiyumviro vyo kuganirako mu gusenga kwo mu muryango bijanye n’akamaro k’incungu muri rya ronderero ry’ibitabu vyacu Index des publications des Témoins de Jéhovah canke muri ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova.

Abagize umuryango bariko baganira ku bijanye n’Icibutso mu gusenga kwo mu muryango.

Nutumire abandi. Nugire uruhara bimwe bishitse mw’isekeza ryo gutanga ubutumire. Niwiyumvire abo woshobora gutumira, nk’akarorero abo wama usubira kugendera, abo wahoze wigisha Bibiliya, incuti be n’abagenzi. Abakurambere barakwiye kwitwararika gutumira abahororokewe. Nimba hari umuntu ataba mu karere ubamwo, niwibuke ko ushobora kumenya isaha n’ikibanza Icibutso kizoberako mu karere iwabo ugiye kuri jw.org, ugafyonda ahavuga ngo IBITWEREKEYE ugaca uhitamwo ahanditse ngo “Icibutso.”

Abakurambere babiri bagendeye umuvukanyi yahororokewe maze baramutumira ku Cibutso.

Ni ibiki kandi twokora mu kwitegura?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika