ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Rusama rup. 9
  • Nugume witeguye muri iki kiringo ca nyuma c’“imisi ya nyuma”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume witeguye muri iki kiringo ca nyuma c’“imisi ya nyuma”
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Woba witeguye?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Wokwitegurira gute igihe c’imigumuko?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Woba witeguriye ingorane mu vy’ubutunzi?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Woba witeguriye icago c’icaduka?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Rusama rup. 9
Abagize umuryango bariko begeranya bari muhira ibifungurwa, amazi n’ibindi vya nkenerwa bokwikorako habavye.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nugume witeguye muri iki kiringo ca nyuma c’“imisi ya nyuma”

Kubera ko tubaye mu kiringo ca nyuma c’“imisi ya nyuma,” turitega ko ingorane zirushiriza kwongerekana. (2Tm 3:1; Mt 24:8) Igihe habaye icago c’icaduka, akenshi abasavyi ba Yehova bararonka ubuyobozi buza ku gihe kandi butuma batahasiga ubuzima. Kugira tuzorokoke muri ico gihe, vyoshobora kuvana n’ingene tugamburuka ubuyobozi budusaba kwitegura ubu mu vy’impwemu no mu vy’umubiri.​—Lk 16:10.

  • Niwitegure mu vy’impwemu: Nutsimbataze utumenyero twiza two gusoma Bibiliya no kwiyigisha. Niwige uburyo butandukanye bwo kwamamaza. Niwirinde guta umutwe bishitse ukamara igihe utabonana n’abandi mw’ishengero. (Yes 30:15) Yehova na Yezu ntibazokwigera baguheba.​—od 176 ing. 15-17

  • Niwitegure mu vy’umubiri: Uretse gutegura amasakoshi, urugo rwose rutegerezwa kuba rufise ku rugero rugereranye ibifungurwa, amazi, imiti n’ibindi bisa n’ivyo bokwikorako bibaye ngombwa ko bamara igihe kitari gito bari ahandi hantu.​—Img 22:3; g17.5 4, 6

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO WOBA WITEGURIYE ICAGO C’ICADUKA? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Woba witeguriye icago c’icaduka?’ Umuvukanyi ariko arasoma Bibiliya.

    Twokwitegurira gute icago mu buryo bw’impwemu?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Woba witeguriye icago c’icaduka?’ Igicapo cerekana isakoshi irimwo ivya nkenerwa, inomero za terefone n’ikarata yerekana aho abagize umuryango bohurira igihe habavye.

    Kubera iki dukwiye . . .

    • kuguma duhanahana amakuru n’abakurambere?

    • gutegura isakoshi irimwo ivya nkenerwa?

    • kurimbura ubwoko bw’ivyago bishobora gushika be n’icokorwa kuri kimwekimwe cose?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Woba witeguriye icago c’icaduka?’ Udufoto: Uburyo butandukanye bwo gufasha abashikiwe n’icago. 1. Umuvukanyi ariko arasenga ku bwabo. 2. Abavukanyi bariko barafasha mu gikorwa co gutabara abashikiwe n’ivyago. 3. Umuvukanyi ariko aratanga intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.

    Igihe abandi bashikiwe n’icago c’icaduka, dushobora kubafasha mu buryo butatu ubuhe?

NIWIBAZE UTI: ‘Ni ivyigwa ibihe bijanye no kwitegura nshobora kwigira ku kiza ca korona?’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika