ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Rusama rup. 3
  • Woba witeguye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba witeguye?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • Nugume witeguye muri iki kiringo ca nyuma c’“imisi ya nyuma”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Woba witeguriye icago c’icaduka?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Wokwitegurira gute igihe c’imigumuko?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Nufashe abandi kwihanganira ibihe bigoye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Rusama rup. 3
Abagize umuryango bariko bategura amasakoshi yama arimwo ivya nkenerwa.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Woba witeguye?

Hamwe icago c’icaduka cotera mu karere iwanyu, cosanga witeguye? Vya nyamugigima, ibivumbuzi, imiriro ya Nyakanga be n’imyuzure vyoshobora kwaduka bukwi na bukwi kandi bikiha inkumbi. Vyongeye, ibitero vya bagaterabwoba, intambara be n’indwara z’ibiza birashobora kudutera tutiteguye aho twoba turi hose. (Ums 9:11) Ntidukwiye rero kwibwira ko ibintu nk’ivyo bitazokwigera bishika aho tubaye.

Umwe wese muri twebwe akwiye gukora ibishoboka vyose akitegurira icago c’icaduka. (Img 22:3) Naho ishirahamwe rya Yehova rihaseruka mu bihe vy’ivyago, ntibisobanura ko twoca twiraramira ntiturangure uruhara rutwega.​—Gl 6:5.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO WOBA WITEGURIYE ICAGO C’ICADUKA? MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Umuvukanyi ariko asoma Bibiliya kugira yikomeze mu vy’impwemu maze bimufashe kwitegurira icago c’icaduka.

    Kwikomeza mu vy’impwemu bidufasha gute kwitegurira icago?

  • Isakoshi yama irimwo ivya nkenerwa, inomero za telefone be na telefone ngendanwa.

    Kubera iki bihambaye ko . . .

    • • tuguma duhana amakuru n’abakurambere imbere y’icago, igihe kiriko kiraba be n’inyuma yaco?

    • • dutegura isakoshi yama irimwo ivya nkenerwa?​—g17.5 6

    • • twihweza ubwoko bw’ivyago bishobora kwaduka be n’ico twokora kuri buri cago?

  • Udufoto: Uburyo butandukanye bwo gufasha abandi igihe hadutse icago. 1. Umuvukanyi ariko arasenga. 2. Abitanze kugira bafashe mu gikorwa co gutabara. 3. Umuvukanyi ariko arashira amahera mu gasandugu k’intererano ku Ngoro y’Ubwami.

    Ni mu buryo butatu ubuhe dushobora gufasha abandi igihe bahuye n’icago?

WOBA USHOBORA KWITANGA?

Haguma harushiriza gukenerwa abafasha mu gikorwa co gutabara. Nimba wipfuza kwitanga, nubimenyeshe abakurambere udatebaganye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika