ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Munyonyo rup. 7
  • Ivyotuma ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro riba kirumara

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyotuma ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro riba kirumara
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Ingene amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro yoshitsa intumbero yayo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Niwungukire bimwe bishitse ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Munyonyo rup. 7
Udufoto: 1. Umuvukanyi ariko aritegurira kuyobora ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro. Udufoto twerekana udupapuro tw’inkuru nziza dutandukanye, uwuriko aravuga amakuru, n’umuntu yanse kwakira agapapuro k’inkuru nziza. 2. Bukeye wa muvukanyi arayobora ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro, akaba afise mu minwe Bibiliya n’agapapuro k’inkuru nziza.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ivyotuma ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro riba kirumara

Ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro cokimwe n’amakoraniro yose y’ishengero, ni intunganyo Yehova yadushiriyeho idufasha kuvyuriranira ugukundana n’ibikorwa vyiza. (Heb 10:24, 25) Rikwiye kumara iminuta iri hagati y’itanu n’indwi harimwo kugabura abaja mu ndimiro, kubaha ivyibare no gutura isengesho. (Nimba iryo koraniro ribaye inyuma y’irindi, rikwiye mbere kuba rigufi kuruta.) Uwurihagarikiye akwiye gutegura ikintu cofasha abaja mu ndimiro uwo musi. Nk’akarorero, kubera ko benshi ku wa gatandatu baba bamaze indwi yose batagira uruhara mu ndimiro, vyoba vyiza murimbuye gusa ivyo umuntu yobwira umunyamuhana. Ni ibindi vyiyumviro ibihe vyoba ngirakamaro murimbuye?

  • Uburyo bwo gutanguza ibiyago dusanga mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

  • Ukuntu twokoresha ibiheruka kuba canke amakuru ya vuba mu gutanguza ikiyago

  • Ukuntu twokwishura ku majambo ahagarika ikiyago akunda kuvugwa aho tubaye

  • Ingene twoyaga n’umuntu atemera Imana, uwemera ihindagurika, uwuvuga urundi rurimi, canke uwo mw’idini ritamenyerewe mu karere iwacu

  • Ingene twokoresha umuce kanaka wo kuri jw.org, JW Library®, canke Bibiliya

  • Ingene twokoresha kimwe mu Bikoresho bidufasha kwigisha

  • Ingene twogira uruhara mu muce kanaka w’ubusuku, nko gukoresha telefone, amakete, kwamamaza ku mugaragaro, kugira amasubirayo canke kuyobora inyigisho za Bibiliya

  • Kwibukanya ibijanye no kwirinda impanuka, guhuza n’uko ibintu vyifashe, kugaragaza imico myiza, kubona ibintu mu buryo bwiza, n’ibindi nk’ivyo

  • Icigwa canke ividewo yo muri ka gatabu Niwijukire gusoma no kwigisha

  • Ukuntu woremesha ukongera ugafasha uwo muriko murakorana ubusuku

  • Icanditswe kijanye n’indimiro canke icabonywe mu busuku kiremesha

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika