UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ivyotuma ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro riba kirumara
Ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro cokimwe n’amakoraniro yose y’ishengero, ni intunganyo Yehova yadushiriyeho idufasha kuvyuriranira ugukundana n’ibikorwa vyiza. (Heb 10:24, 25) Rikwiye kumara iminuta iri hagati y’itanu n’indwi harimwo kugabura abaja mu ndimiro, kubaha ivyibare no gutura isengesho. (Nimba iryo koraniro ribaye inyuma y’irindi, rikwiye mbere kuba rigufi kuruta.) Uwurihagarikiye akwiye gutegura ikintu cofasha abaja mu ndimiro uwo musi. Nk’akarorero, kubera ko benshi ku wa gatandatu baba bamaze indwi yose batagira uruhara mu ndimiro, vyoba vyiza murimbuye gusa ivyo umuntu yobwira umunyamuhana. Ni ibindi vyiyumviro ibihe vyoba ngirakamaro murimbuye?
Uburyo bwo gutanguza ibiyago dusanga mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
Ukuntu twokoresha ibiheruka kuba canke amakuru ya vuba mu gutanguza ikiyago
Ukuntu twokwishura ku majambo ahagarika ikiyago akunda kuvugwa aho tubaye
Ingene twoyaga n’umuntu atemera Imana, uwemera ihindagurika, uwuvuga urundi rurimi, canke uwo mw’idini ritamenyerewe mu karere iwacu
Ingene twokoresha umuce kanaka wo kuri jw.org, JW Library®, canke Bibiliya
Ingene twokoresha kimwe mu Bikoresho bidufasha kwigisha
Ingene twogira uruhara mu muce kanaka w’ubusuku, nko gukoresha telefone, amakete, kwamamaza ku mugaragaro, kugira amasubirayo canke kuyobora inyigisho za Bibiliya
Kwibukanya ibijanye no kwirinda impanuka, guhuza n’uko ibintu vyifashe, kugaragaza imico myiza, kubona ibintu mu buryo bwiza, n’ibindi nk’ivyo
Icigwa canke ividewo yo muri ka gatabu Niwijukire gusoma no kwigisha
Ukuntu woremesha ukongera ugafasha uwo muriko murakorana ubusuku
Icanditswe kijanye n’indimiro canke icabonywe mu busuku kiremesha