UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ivyigwa twigira kuri Samweli
Samweli yagumye ari intahemuka kuri Yehova mu buzima bwiwe bwose. Akiri muto, yaranse kwigana inyifato y’abahungu ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi. (1Sm 2:22-26) Samweli yabandanije gukura kandi Yehova yagumanye na we. (1Sm 3:19) N’igihe yari ashaje, yagumye agendera mu nzira za Yehova naho abahungu biwe bakora ibibi.—1Sm 8:1-5.
Akarorero ka Samweli katwigisha iki? Nimba ukiri muto, numenye neza ko Yehova atahura ingorane uriko uracamwo n’ukuntu wiyumva. Arashobora kugufasha kugira umutima rugabo. (Yes 41:10, 13) Nimba uri umuvyeyi afise umwana yahevye Yehova, wohumurizwa no kumenya ko Samweli atari gushobora guhata abana biwe ngo bagume ari intahemuka kuri Yehova. Kubera ko yarekeye ibintu mu maboko ya Yehova, yaragumanye ugutungana kwiwe maze arahimbara Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru Yehova. Akarorero keza utanga koshobora gutuma umwana wawe agaruka kuri Yehova.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUBIGIREKO: SAMWELI, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Samweli akiri umwana yagaragaje gute umutima rugabo?
Danny yagaragaje gute umutima rugabo?
Samweli amaze gusaza ni gute yatanze akarorero keza?
Yehova arashigikira abumira ku bigororotse
Abavyeyi ba Danny batanze gute akarorero keza?