UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Umubano ukwiye kumara ubuzima bwose
Imibano y’abakirisu ihimbawe iratera iteka Yehova kandi igatuma abayigize bagira umunezero. (Mr 10:9) Kugira ngo abakirisu bagire umubano uramba kandi urangwa agahimbare, bategerezwa gukurikiza neza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya igihe bahitamwo abo bubakana.
Nuje mu vyo kureshanya igihe gusa “[u]maze kurengana ishurika ry’ubuto.” Ishurika ry’ubuto ni igihe inambu y’umubiri iba ikomeye ku buryo ishobora gutuma umuntu adahitamwo neza. (1Kr 7:36) Nukoreshe neza imyaka umara ukiri umwirebange mu gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana no mu gutsimbataza kamere ziranga abakirisu. Ivyo bizotuma ushobora kugira ikintu kinini uterereye kugira umubano wawe uzororanirwe.
Imbere y’uko wemerera umuntu ko mwokubakana, nubanze ufate umwanya uhagije wo kumenya “wa muntu yihishije wo mu mutima.” (1Pt 3:4) Nimba hari ibintu bikomeye biguteye amakenga, nubiganire n’uwo muntu yipfuza ko mwokwubakana. Mu mubano ukwiye kwibanda ku vyo utanga atari ku vyo uronka, nk’uko bigenda no ku bundi bucuti tugiranira n’abandi. (Fp 2:3, 4) Nimba ushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya igihe ukiri umwirebange, uzoba uriko urashinga umushinge mwiza uzotuma ugira umubano uhimbawe.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO KWITEGURIRA UMUBANO—IGICE CA 3: ‘NUHARURE IVYOSOHOKA,’ MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Ubucuti bwakomeye gute hagati y’uwo mudada na Shane?
Uko ubwo bucuti bwabandanya, ni igiki uwo mudada yabonye?
Abavyeyi biwe bamufashije gute, kandi ni ingingo iranga ubukerebutsi iyihe yafashe?