Yosiya yitantamuriyeko impuzu igihe yumvise igitabu c’Itegeko rya Yehova kiriko gisomwa n’ijwi ryumvikana
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Woba uriko urungukira bimwe bishitse kw’Ijambo ry’Imana?
Yosiya yarumvirije Ijambo ry’Imana avyitondeye (2Ng 34:18, 19; raba ishusho iri ku gipfukisho)
Yaragize akigoro gakomeye kugira ngo atahure insobanuro y’ivyo yariko arumviriza (2Ng 34:21; it-1 1152 ing. 9)
Yarashize mu ngiro ivyo yize (2Ng 34:33; w09 15/6 10 ing. 20)
NIWIBAZE UTI: ‘Noba nihutira gushira mu ngiro ivyo niga ku vyerekeye Yehova mw’Ijambo ryiwe Bibiliya?’