ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp21 no. 3 rup. 9-11
  • Kuba umuntu ameze neza vyoba bituma ugira kazoza keza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuba umuntu ameze neza vyoba bituma ugira kazoza keza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO BENSHI BAKORA
  • VYOBA BIBAFASHA KOKO?
  • Abantu bose baripfuza kazoza keza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Ingene woronka kazoza keza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • “Abatekereza bazokwigabira isi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
wp21 no. 3 rup. 9-11
Umugore ahaye ikibanza yari yicayemwo umutamakazi muri bisi.

Kuba umuntu ameze neza vyoba bituma ugira kazoza keza?

Haraciye imyaka amajana abantu biyumvira ko kwigenza neza bituma bagira kazoza keza. Nk’akarorero, abantu bo muri Aziya wasanga bubaha ivyo umwigisha wa filozofi yitwa Confucius (mu 551-479 imbere ya Kristu) yavuze, ati: “Ico udashaka ko abantu bagukorera nawe ntukibakorere.”a

ICO BENSHI BAKORA

Benshi biyumvira ko kwigenza neza bituma bagira kazoza keza. Baragerageza kwubaha abandi, kugira inyifato nziza, gutahura ikibanza bafise mu kibano, no kugumana amahoro yo mu mutima. Umugore umwe wo muri Vyetinamu yitwa Linh avuga ati: “Namye nemera ko kuba umuntu ameze neza vyotumye mpezagirwa.”

Wa mugore nyene ariko araha ibifungurwa abakene n’abatagira uburaro.

Bamwebamwe bakora ivyiza babitumwe n’ivyo bemera mw’idini barimwo. Umugabo umwe yitwa Hsu-Yun wo muri Tayiwani avuga ati: “Banyigishije ko ivyo umuntu akora akiri muzima ari vyo bituma inyuma y’urupfu ahimbarwa canke akababazwa ibihe vyose.”

VYOBA BIBAFASHA KOKO?

Ku mugoroba, wa mugore ateruye umwana wiwe, arushe kandi ababaye.

Ni ivy’ukuri ko igihe dukorera ivyiza abandi, twironkera ivyiza vyinshi. Ariko abantu benshi bagerageza gukorera ivyiza abandi babikuye ku mutima, basanga kubigenza gutyo bitama bituma baronka ivyo bari biteze. Umugore yitwa Shiu Ping wo muri Hong Kong avuga ati: “Nariboneye ko gukora ivyiza bitama bituma umuntu ahezagirwa. Naragerageje uko nshoboye kwose kwitwararika umuryango wanje no gukora ivyiza. Ariko umugabo wanje yarantanye umwana.”

Benshi babona ko idini ritama rituma abantu bamera neza. Umugore yitwa Etsuko wo mu Buyapani avuga ati: “Narabaye umunywanyi w’idini rimwe baca banshinga kuyobora imihari y’urwaruka. Naravunitse umutima mbonye ingene abo muri iryo dini bigenza nabi, bakarwanira ubukuru bakongera bagakoresha nabi amahera y’urusengero.”

“Naragerageje uko nshoboye kwose kwitwararika umuryango wanje no gukora ivyiza. Ariko umugabo wanje yarantanye umwana.”​—SHIU PING, HONG KONG

Abantu bamwebamwe basenga cane, baravunitse umutima igihe bashikirwa n’ingorane kandi bahora bagerageza gukora ivyiza. Ivyo ni vyo vyashikiye umugore yitwa Van wo muri Vyetinamu. Avuga ati: “Buri musi naragura ivyamwa, amashurwe be n’ibifungurwa nkabishikanira ba sokuruza bapfuye nizigiye ko nociye mpezagirwa. Naho namaze imyaka myinshi nkora ivyo vyiza vyose be n’imigirwa y’idini, umugabo wanje yarafashwe n’indwara ikaze. Igihe umukobwa wanje yari kwiga hanze yarapfuye kandi yari akiri muto.”

IGITUMA KUBA UMUNTU AMEZE NEZA BIDAHAGIJE

Naho kuba umuntu ameze neza bihambaye, ntibihagije kugira umuntu azoronke kazoza keza. Uti kubera iki? Raba ico Ivyanditswe vyeranda bitubwira.

ABANTU BOSE NTIBAKORA IVYIZA

“Umucumuzi umwe gusa arashobora kwica ivyiza vyinshi.”​—UMUSIGUZI 9:18.

Naho wogerageza kwihata ngo ube umuntu ameze neza, kazoza kawe karashobora kwononwa n’ibikorwa vy’ubwikunzi abandi bakora. Nk’akarorero, mu kiringo c’ikiza woshobora gukurikiza impanuro uhabwa n’abategetsi kandi ukirinda kwegerana n’abandi. Ariko none tuvuge iki igihe hari abatazikurikiza? Inyifato yabo yoshobora kugeramira ubuzima bw’abagerageza gukora ikibereye.

ABANTU BARASHOBORA KWIHENDA KU BIJANYE N’ICIZA N’IKIBI

“Hari inzira iba igororotse imbere y’umuntu, mugabo iherezo ryayo mu nyuma ari inzira z’urupfu.”​—IMIGANI 14:12.

Hari uburorero bw’abantu bakurikiranye inzira bibaza ko ari nziza ariko amaherezo basanga ni mbi. Umuntu ntareka gushikirwa n’ingaruka zivuye ku ngingo mbi yafashe naho yoba yazifashe abitumwe n’imvo nziza.

UBUZIMA BURAHINDUKA

“[Ntimuzi] uko ubuzima bwanyu buzomera ejo.”​—YAKOBO 4:14.

Naho umuntu yoba ameze neza gute, urupfu rurashobora kumukubiranya. Nk’akarorero, mu kiringo ca korona benshi barapfuye bariko bagerageza gufasha abandi. Raba kandi ivyashikiye Liting, umugore wo mu Bushinwa yabuze se wiwe ahitanywe n’isanganya ry’umuduga. Avuga ati: “Sinatahura igituma umuntu ameze neza nk’uyo yopfa. Dawe yari umuntu akora cane, yicisha bugufi kandi w’umutima mwiza. Mu bari muri iyo modoka bose ni we wenyene yapfuye.”

None nimba kuba umuntu ameze neza bidaca bituma ugira kazoza keza, hoba hariho ikindi cotuma ugira kazoza keza? Kugira twishure ico kibazo, turakeneye ikintu coturonsa amakuru yo kwizigirwa yishura ibibazo dufise akatwereka n’ico twokora kugira tuzogire kazoza keza. None ayo makuru twoyakura he?

a Ushaka kumenya ingene inyigisho za Confucius zagize akosho ku bantu, raba igitabu L’humanité à la recherche de Dieu, ikigabane ca 7 ingingo ya 31-35, casohowe n’Ivyabona vya Yehova kandi kiraboneka kuri internet kuri www.pr418.com.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika