ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp21 no. 3 rup. 12-14
  • Ni igiki codufasha kugira kazoza keza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni igiki codufasha kugira kazoza keza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • TURAYOBORWA N’UWURUTA ABANDI BOSE
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Be maso!—2017
  • Inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bibiliya iradufasha gutandukanya iciza n’ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
  • Ubona gute Bibiliya?
    Ubona gute Bibiliya?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
wp21 no. 3 rup. 12-14
Umugabo ariko arasoma Bibiliya.

Ni igiki codufasha kugira kazoza keza?

Nk’uko twabibonye mu biganiro vy’imbere y’iki, abantu benshi bararondera kazoza keza mu kwizigira ibimenyetso bitara ibizoba, amashure, ubutunzi no mu kwihatira kuba abantu bameze neza. Ariko rero, kwisunga ivyo bintu bimeze nko gufata urugendo witwaje ikarata ikwereka inzira itari yo. None ivyo vyoba bisobanura ko ata kintu co kwizigirwa cotuyobora kikatwereka ingene tworonka kazoza keza? Oya si co bisobanura.

TURAYOBORWA N’UWURUTA ABANDI BOSE

Igihe tugomba gufata ingingo, akenshi turahanuza umuntu aturuta kandi aciye ubwenge kuturusha. Muri ubwo buryo nyene, hariho uwuturusha ubwenge n’imyaka yoduha impanuro zituyobora ku bijanye na kazoza. Izo mpanuro yaziduhaye biciye ku vyanditswe vyeranda vyashizwe hamwe bikaba vyatanguye kwandikwa nko mu myaka 3.500 iheze. Ivyo vyanditswe vyeranda vyose biri mu gitabu citwa Bibiliya.

Kubera iki wokwizigira Bibiliya? Kubera ko uwayandikishije ari uwa kera cane kandi azi ubwenge kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi. Adondorwa ko ari uwa “kera mu misi” kandi ko ari uwo “kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.” (Daniyeli 7:9; Zaburi 90:2) Ni “Umuremyi w’amajuru, We Mana y’ukuri, Uwabumvye isi akayihingura.” (Yesaya 45:18) Atubwira ko izina ryiwe ry’uruharo ari Yehova.​—Zaburi 83:18.

Kubera ko Bibiliya iva ku Muremyi w’abantu bose, ntiyerekana ko hari imico kama iruta iyindi canke ko ubwoko kanaka buruta ubundi. Impanuro zayo zama ari ngirakamaro kandi zirafasha abantu bo mu bihugu vyose. Iraboneka mu ndimi nyinshi kandi irasohorwa cane kuruta ikindi gitabu cose.a Ivyo bisobanura ko abantu bashobora kuyitahura bitagoranye kandi ikabayobora aho boba bari hose. Ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya ubwayo yivugira. Igira iti:

‘Imana ntigira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.’​—IVYAKOZWE 10:34, 35.

Nka kurya kw’umuvyeyi mwiza afasha abana biwe, Yehova Imana ni Umuvyeyi mwiza adufasha akoresheje Ijambo ryiwe Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) Urashobora kwizigira Ijambo ryiwe. Nakare ni we yaturemye akaba azi icotubera ciza mu buzima.

TURASHOBORA KWIZIGIRA BIBILIYA

Udufoto: 1. Umugabo ari mw’igariyamoshi agenda arasoma muri telefone yiwe. 2. Telefone yiwe irimwo Bibiliya.

Turashobora kwizigira ko Bibiliya itubwira ivya kazoza itihenda, kubera ko haciye nk’imyaka 2.000 ivuze ibintu vyobaye kw’isi be n’ukuntu abantu bobaye bameze akaba ari vyo tubona muri iki gihe.

IBINTU VYOBAYE

“Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami buhagurukire ubundi bwami; kandi hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa biva hamwe bija ahandi.”​—LUKA 21:10, 11.

UKO ABANTU BOBAYE BAMEZE

“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.”​—2 TIMOTEYO 3:1-4.

None uca ushika ku ciyumviro ikihe iyo ubonye ivyo Bibiliya yavuze kera biriko birashika muri iki gihe? Nta nkeka ko wovuga nka Leung wo muri Hong Kong. Avuga ati: “Haraciye igihe ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwanditswe. Ntibishoboka ko umuntu yovuga ibintu nk’ivyo imbere y’igihe ata kwihenda. Ibiri muri Bibiliya bitegerezwa kuba vyavuzwe n’umuntu aturuta kure n’iyo.”

Bibiliya irimwo ubuhanuzi amajana bwarangutse.b Ivyo birerekana neza ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Yehova avuga ati: ‘Ndi Nyenubumana kandi nta yindi Mana iriho. Ndi Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo.’ (Yesaya 46:9, 10) Urafise imvo zumvikana rero zotuma wizigira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza.

IMPANURO ZIGUFITIYE AKAMARO UBU N’IBIHE BIDAHERA

Abavyeyi bafashe amaboko abana babo babiri bakaba bariko baca ahantu heza baryohewe.

Igihe ukurikije impanuro dusanga mu Vyanditswe vyeranda, birakugirira akamaro. Raba uburorero bumwebumwe.

IMPANURO NZIZA KU BIJANYE N’AMAHERA N’AKAZI

“Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.”​—UMUSIGUZI 4:6.

UBUZIMA BWO MU MURYANGO

“Umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda; umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.”​—ABANYEFESO 5:33.

KUBANA NEZA N’ABANDI

“Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe; nturungure kugira gusa ngo ukore ikibi.”​—ZABURI 37:8.

Gushira mu ngiro ivyo Bibiliya ivuga, birakugirira akamaro ubu bikazotuma kandi ugira kazoza keza. Muri Bibiliya, turahasanga ivyo Imana yasezeranye vyerekeye kazoza keza karangwamwo ibintu nk’ibi:

AMAHORO N’UMUTEKANO

“Bazokwinovora amahoro menshi.”​—ZABURI 37:11.

UBURARO N’IBIFUNGURWA KURI BOSE

“Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo.”​—YESAYA 65:21.

INDWARA CANKE URUPFU BITAKIRIHO

“Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—IVYAHISHUWE 21:4.

None ukwiye gukora iki kugira uzokwibereho muri ico gihe? Raba ikiganiro gikurikira.

a Kugira ngo uronke ayandi makuru y’ingene Bibiliya yashizwe mu zindi ndimi ikongera igakwiragizwa, nuje kuri www.pr418.com ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > KAHISE NA BIBILIYA.

b Ushaka amakuru yiyongereye, nurabe ikigabane ca 9 c’igitabu La Bible : Parole de Dieu ou des hommes ? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka kuri internet kuri www.pr418.com. Nuje ahavuga ngo BIBLIOTHÈQUE > LIVRES & BROCHURES.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika