ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp21 no. 3 rup. 15
  • Urashobora kwihitiramwo kazoza kawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kwihitiramwo kazoza kawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • WOKUNDA GUTE YEHOVA UKONGERA UKUMVIRIZA IJWI RYIWE?
  • Ni we wihitiramwo kazoza kawe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Urashobora kwiyegereza Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • “Abatekereza bazokwigabira isi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
wp21 no. 3 rup. 15
Umugabo ari aho banywera agakawa, akaba ariko arereka umugenzi ikintu muri telefone yiwe.

Urashobora kwihitiramwo kazoza kawe

Haraciye imyaka nka 3.500 Yehova Imana abwiye abamusenga ivyo bategerezwa gukora kugira bagire kazoza keza. Yababwiye ati: “Nshize imbere yawe ubuzima n’urupfu, umuhezagiro n’umuvumo; kandi utegerezwa guhitamwo ubuzima kugira ubandanye kubaho, wewe n’uruvyaro rwawe.”​—Gusubira mu vyagezwe 30:19.

Kugira abo bantu bagire kazoza keza, bategerezwa guhitamwo neza. No muri iki gihe ni ukwo nyene bimeze. Bibiliya irerekana ingene twohitamwo kazoza keza. Igira iti: “Mu gukunda Yehova Imana yawe, mu kwumviriza ijwi ryiwe.”​—Gusubira mu vyagezwe 30:20.

WOKUNDA GUTE YEHOVA UKONGERA UKUMVIRIZA IJWI RYIWE?

NIWIGE BIBILIYA: Kugira ukunde Yehova, urakeneye kubanza kumumenya biciye ku kwiga Bibiliya. Niwabigenza gutyo, uzomenya ko ari Imana igukunda kandi ikwipfuriza ineza. Agusaba ngo umusenge ‘kuko akubabara.’ (1 Petero 5:7) Bibiliya isezerana ko niwagira akigoro kugira umwiyegereze, ‘na we azokwiyegereza.’​—Yakobo 4:8.

NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIGA: Kwumviriza Imana bisobanura gukurikiza impanuro nziza dusanga muri Bibiliya. Ubigenjeje gutyo, ‘uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ukorane ubukerebutsi.’​—Yosuwa 1:8.

Kugira umenye ayandi makuru, nuje ku rubuga rwacu rwa jw.org. Urashobora gusomera Bibiliya kuri urwo rubuga, ukayigaa canke ugasaba uwogufasha kuyitahura.

Nuhitemwo ubu kureka Bibiliya ikuyobore igushikane kuri kazoza keza.

a Ubu ivyigwa vya Bibiliya vyo kuri internet biraboneka mu ndimi indwi, harimwo igishinwa c’ikimandarini n’igishinwa c’igikantone.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika