ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp22 no. 1 rup. 12-13
  • 4 | Nureke Imana igufashe gutsinda urwanko

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 4 | Nureke Imana igufashe gutsinda urwanko
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ivuga iti:
  • Ico bisobanura:
  • Ivyo wokora:
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ingene wotsinda urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Turashobora gutsinda urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
  • Urukwegane rw’inzankano ruva ku ki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2022
wp22 no. 1 rup. 12-13
Abantu bariko bagenda berekeza kuri Bibiliya nini izinguruye ibamurikira. Ibitutu vyabo birerekana urwanko bahoze banka abandi.

INGENE WOTSINDA URWANKO

4 | Nureke Imana Igufashe Gutsinda Urwanko

Bibiliya ivuga iti:

“Icamwa c’impwemu ni urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.”​—ABAGALATIYA 5:22, 23.

Ico bisobanura:

Imana irashobora kugufasha gutsinda urwanko. Impwemu nyeranda y’Imana irashobora kudufasha kugira kamere tutokwigera turonka ku bw’inkomezi zacu. Aho kugerageza rero gutsinda urwanko twishimikije inkomezi zacu bwite, turakwiye kwemera gufashwa n’Imana. Tubigenjeje gutyo, birashobora kutugendera nk’uko vyagendeye intumwa Paulo, uwavuze ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Abafilipi 4:13) N’ikindi kandi, tuzoshobora kuvuga duti: “Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova.”​—Zaburi 121:2.

Ivyo wokora:

“Yehova yaratumye mpeba gukara, mpinduka umunyamahoro.”​—WALDO

Nusenge Yehova ata buryarya, umusaba ngo aguhe impwemu yiwe nyeranda. (Luka 11:13) Numusabe agufashe gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. Niwige ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kamere zifasha gutsinda urwanko, nk’urukundo, amahoro, ukwihangana, n’ukwigumya. Nurondere uturyo two gutsimbataza izo kamere mu buzima bwawe. Vyongeye, niwifatanye n’abihatira gutsimbataza izo kamere. Abantu nk’abo barashobora ‘kukuvyurira umutima wo gukundana no gukora ibikorwa vyiza.’​—Abaheburayo 10:24.

Inkuru y’ivyabaye​—WALDO

Yaratsinze urwanko rukaze

Waldo.

Waldo yaraciye mu buzima bubi ku buryo vyatumye agira urwanko rwinshi. Avuga ati: “Nama ndiko ndarwana mu mabarabara n’abadandaza b’ibiyayuramutwe . . . Igihe kimwe, hari akagwi k’inkozi z’ikibi katurwanya kahaye ingero umwicanyi umwe karuhariwe ngo anyice. Narashoboye guhunga mugabo yari yancumise imbugita.”

Waldo ntiyaryohewe igihe umugore wiwe yatangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Avuga ati: “Naranka Ivyabona vya Yehova, kandi narabatutse incuro zitari nke. Ariko baguma batekanye.”

Amaherezo, Waldo na we nyene yaratanguye kwiga Bibiliya. Avuga ati: “Vyarangora gushira mu ngiro ivyo nariko ndiga. Nabona ko bitokwigeze bishoboka ko mpeba kuba umuntu akara cane.” Ariko rero, hari ikintu yize muri Bibiliya catumye ahindura ivyiyumviro.

Waldo avuga ati: “Umusi umwe, umuvukanyi yanyigisha Bibiliya yitwa Alejandro yaransavye gusoma Abagalatiya 5:22, 23. . . . Alejandro yaransiguriye yuko gutsimbataza izo kamere bitava ku nkomezi zanje bwite ariko ko biva ku mpwemu nyeranda y’Imana. Ukwo kuri kwaratumye mpindura rwose ukuntu nabona ibintu!”

Waldo afashijwe n’Imana yarashoboye kwikuramwo urwanko. Avuga ati: “Incuti n’abagenzi nahorana ntibatahura ingene nahindutse ukuraho.” Yongerako ati: “Yehova yaratumye mpeba gukara, mpinduka umunyamahoro.”

Ushaka kumenya n’ibindi ku nkuru ya Waldo, nusome Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2013, urupapuro rwa 12-13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika