ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w22 Mukakaro rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ivyo bijanye
  • Ukuri ntikuzana ‘amahoro, atari inkota’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Urugo rw’abadasangiye idini rwobamwo agahimbare
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Woba ushobora kwitwararika uwutizera yubakanye n’uwizera?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Kwitegurira Uruhamo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
w22 Mukakaro rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: ‘Ntimwiyumvire ngo naje gushiraho amahoro’?

Yezu yamamaza ubutumwa bw’amahoro. Ariko igihe kimwe yabwiye intumwa ziwe ati: “Ntimwiyumvire ngo naje gushira amahoro kw’isi; sinaje gushiraho amahoro, atari inkota. Kuko naje gucanishamwo abantu: umuhungu akarwanya se, n’umukobwa akarwanya nyina, n’umukazana akarwanya inabukwe.” (Mat. 10:34, 35) None aho Yezu yashaka kuvuga iki?

Yezu ntiyashaka gucanishamwo imiryango, ariko yari azi ko ivyo yigisha bishobora gutuma imiryango imwimwe icanamwo. Rero, abipfuza kuba abigishwa ba Kristu maze bakabatizwa bokeneye kumenya ingaruka z’ingingo bafashe. Bishitse bagahamwa n’uwo bubakanye canke izindi ncuti, ntivyoboroheye kuguma ari intahemuka ku nyigisho za Kristu.

Bibiliya iremesha abakirisu “[kubana] amahoro n’abantu bose.” (Rom. 12:18) Ariko inyigisho za Yezu zirashobora kumera nk’“inkota” mu miryango imwimwe. Ivyo bishika igihe umwe mu bo mu muryango yemeye inyigisho za Yezu ariko abandi bakaziyamiriza canke bakazirwanya. Muri ico gihe, izo ncuti, ni ukuvuga “abo mu rugo,” baca baba abansi b’uwo ariko ariga ukuri.​—Mat. 10:36.

Umwigeme avuye iruhande ya nyina wiwe atekanye, uno na we akaba ariko aramuhamagara amwinginga. Uwo mwigeme afise igitabu “Kwiberaho ibihe bidahera.”

Abigishwa ba Kristu babana n’incuti badasangiye idini birashika bakabwirizwa guhitamwo gukora ibihimbara Yehova na Yezu canke incuti zabo. Nk’akarorero, incuti zitizera zoshobora kubahata ngo bifatanye na bo mu misi mikuru y’idini. Baca rero bahitamwo uwo bohimbara uwo ari we. Yezu yavuze ati: “Uwiyumvamwo se canke nyina kuruta jewe, ntankwiriye.” (Mat. 10:37) Ariko ntiwumve, Yezu ntiyashaka kubwira abigishwa biwe ko kugira ngo abashime babwirizwa kugabanya urukundo bakunda abavyeyi babo. Ahubwo yariko arabigisha guhitamwo ibihambaye kuruta ibindi mu buzima bwabo. Bishitse abo mu muryango wacu bakaturwanya kubera dusenga Yehova, turabandanya kubakunda ariko tukaguma twibuka ko urukundo dukunda Imana ari rwo ruza ubwa mbere.

Nta gukeka ko guhamwa n’abo mu muryango bibabaza cane. Ariko abigishwa ba Yezu baragumiza ku mutima amajambo yavuze agira ati: “Uwo wese atemera kwikorera igiti co kubabarizwako ciwe ngo ankurikire, ntankwiriye.” (Mat. 10:38) Mu yandi majambo, abakirisu babona ko uruhamo rwo mu muryango ari imwe mu ngorane abigishwa ba Kristu babwirizwa kwihanganira. Muri ico gihe nyene, barizigira ko inyifato yabo nziza izotuma incuti zabo zihinduka zikipfuza kwiga Bibiliya.​—1 Pet. 3:1, 2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika