Imana irakwitwararika
BIBILIYA irimwo impanuro nziza cane kuko iva ku Mana. Naho atari igitabu cigisha ivyo kubungabunga amagara, irashobora kudufasha kuvyifatamwo neza mu bintu bitoroshe, bitesha umutwe, bibabaza, no mu ngorane tugira ku mubiri no mu bwenge.
N’ikiruta vyose, Bibiliya iradukura amazinda yuko Umuremyi wacu Yehova Imana,a adutahura kuruta uwundi muntu wese. Arashashaye kudufasha mu ngorane iyo ari yo yose yodushikira. Raba nk’akarorero iyi mirongo ibiri yo muri Bibiliya iremesha:
“Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”—ZABURI 34:18.
“Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: ‘Ntutinye. Jewe nzogufasha.’”—YESAYA 41:13.
None Yehova adufasha gute kuvyifatamwo neza igihe dufise ingorane zo mu mutwe? Nk’uko tuza kubibona mu biganiro bikurikira, Yehova arerekana ko atwitwararika vy’ukuri mu buryo butandukanye.
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Yesaya 12:2.