ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Nzero rup. 32
  • Ivyo wokora mu kwiyigisha canke mu gusenga kwo mu muryango

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo wokora mu kwiyigisha canke mu gusenga kwo mu muryango
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ivyo bijanye
  • Intunganyo ifasha imiryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyiyumviro vyofasha mu Gusenga kwo mu muryango no mu kwiyigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Twosenga Imana gute mu buryo buyihimbara?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Yemwe Miryango, Nimushemeze Imana Muri Umuce w’Ishengero Ryayo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Nzero rup. 32

INGENE WOKWIYIGISHA

Ivyo wokora mu kwiyigisha canke mu gusenga kwo mu muryango

Turasenga Yehova igihe turi kumwe n’abandi ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Ariko kandi turabikora ku giti cacu canke turi kumwe n’umuryango wacu. Raba ibintu bimwebimwe wokora mu kwiyigisha canke mu gusenga kwo mu muryango:

  • Tegura amakoraniro. Aho hoshobora kujamwo no kwimenyereza indirimbo zizoririmbwa canke gufasha abagize umuryango bose gutegura inyishu bazotanga.

  • Soma inkuru kanaka yo muri Bibiliya. Nuce ugerageza gucapa ibivugwa muri yo canke wandike icigwa uhakuye.

  • Suzuma isengesho kanaka rivugwa muri Bibiliya. Nimuce muganira ku kuntu ryobafasha kuryohora amasengesho yanyu.

  • Raba imwe mu mavidewo yacu, uce uganira n’abandi ivyo wahigiye canke uvyandike.

  • Tegura ivyo uzovuga mu ndimiro, kumbure ugire n’umwimenyerezo.

  • Ihweze ivyaremwe uheze ubizirikaneko wongere uganire n’abandi ico bikwigisha ku bijanye na Yehova.a

a Raba ikiganiro kivuga ngo «Nurushirize kumenya Yehova biciye ku vyo yaremye», kiri mu Munara w’Inderetsi wo muri Ntwarante 2023.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika