ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Mukakaro rup. 20-25
  • Ivyigwa bihambaye dukura ku bami ba Isirayeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyigwa bihambaye dukura ku bami ba Isirayeli
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BAKORERA YEHOVA N’UMUTIMA WABO WOSE
  • BARIGAYA IBICUMURO VYABO
  • BARASHIGIKIRA UGUSENGA KW’UKURI
  • Ivyo twigira ku majambo ya nyuma abagabo b’abizigirwa bavuze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Niwibuke ko Yehova ari «Imana nzima»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Mukakaro rup. 20-25

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 30

URURIRIMBO RWA 36 Turinde imitima yacu

Ivyigwa bihambaye dukura ku bami ba Isirayeli

«Muzokwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.» —MAL. 3:18.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turihweza ivyo Yehova yafatirako mu gusuzuma abami ba Isirayeli kugira tumenye ivyo yiteze ku basavyi biwe muri iki gihe.

1-2. Ni ibiki Bibiliya itubwira ku bijanye n’abami bamwebamwe ba Isirayeli?

BIBILIYA iratubwira ibijanye n’abagabo barenga 40 babaye abami ba Isirayeli.a Iratubwira kandi idaca ku ruhande ivyo bamwebamwe muri bo bakoze. Nk’akarorero, iratubwira ko n’abami beza vyashitse bagakora ibintu bibi. Raba akarorero k’umwami mwiza Dawidi. Yehova yavuze ati: «Umusavyi wanje Dawidi . . . [yarankoreye] n’umutima wiwe wose, akora gusa ivyo mbona ko bigororotse.» (1 Abm. 14:8) Yamara Dawidi, yarasambanye n’umugore w’abandi yongera ategura umugambi wo kwicisha umugabo wiwe ku rugamba.—2 Sam. 11:​4, 14, 15.

2 Ariko rero, hari n’abami benshi babi yamara bakoze ibintu bimwebimwe vyiza. Raba akarorero ka Rehobowamu. Yehova yabona ko uwo mwami «[y]akora ibibi.» (2 Ngo. 12:14) Yamara Rehobowamu yarubahirije ingingo Imana yari yafashe yuko imiryango cumi ya Isirayeli yiyonkora ku bwami bwiwe. Vyongeye, yarakomeje ubwami bwiwe mu kwubaka ibisagara bikingijwe ibihome.—1 Abm. 12:​21-24; 2 Ngo. 11:​5-12.

3. Ni ikibazo gihambaye ikihe gica kivyuka, kandi tugiye kwihweza iki muri iki kiganiro?

3 Ikibazo rero gihambaye gica kivyuka ni iki: None ko abami ba Isirayeli bakoze ibintu vyiza n’ibintu bibi, ni igiki Yehova yafatirako kugira avuge ko umwami kanaka ari intahemuka. Inyishu y’ico kibazo iraza kudufasha kubona ivyo natwe twokora kugira duhimbare Yehova. Tugiye kuraba ibintu bitatu Yehova yafatirako mu gusuzuma abami ba Isirayeli: umutima wabo, ukwigaya kwabo be n’ingene bashigikira ugusenga kw’ukuri.

BAKORERA YEHOVA N’UMUTIMA WABO WOSE

4. Kimwe mu bintu vyatandukanya abami babi n’abami beza ni ikihe?

4 Abami basenga Yehova n’umutimab wabo wose ni bo bamuhimbara. Wa mwami mwiza Yehoshafati «yakoreye Yehova n’umutima wiwe wose.» (2 Ngo. 22:9) Ku bijanye na Yosiya na ho, Bibiliya ivuga iti: «Mu bami bose babayeho imbere ya Yosiya, nta mwami yagarutse kuri Yehova n’umutima wiwe wose . . . nka Yosiya.» (2 Abm. 23:25) Bite ho kuri Salomo, wa mwami yakoze ibibi mu busaza bwiwe? Bibiliya ivuga ko «[ata]koreye Yehova Imana yiwe n’umutima wiwe wose.» (1 Abm. 11:4) Ku bijanye na ho n’uwundi mwami mubi yitwa Abiyamu, Bibiliya ivuga iti: «Ntiyakoreye Yehova Imana yiwe n’umutima wiwe wose.»—1 Abm. 15:3.

5. Gukorera Yehova n’umutima wacu wose bisobanura iki?

5 None gukorera Yehova n’umutima wacu wose bisobanura iki? Umuntu akorera Imana n’umutima wiwe wose, ntabigira gusa kubera ko ari ibwirizwa. Ahubwo abigira kubera urukundo ayikunda n’icubahiro ayifitiye, kandi akabigira ubuzima bwiwe bwose.

6. Twokora iki kugira tugume dukorera Yehova n’umutima wacu wose? (Imigani 4:23; Matayo 5:​29, 30)

6 Twokora iki none kugira tube nka ba bami b’intahemuka bakorera Yehova n’umutima wabo wose? Twokwirinda ibitwosha nabi. Nk’akarorero, kwinezereza mu buryo butabereye birashobora gutuma tugira umutima urimwo tubiri. Ukwo ni ko vyogenda n’igihe twokwifatanya n’abagenzi babi canke twogumiza umutima ku maronko. Bishitse rero tukabona ikintu gitanguye gutuma urwo dukunda Yehova rugabanuka, turakwiye guca tukirandurana n’imizi.—Soma Imigani 4:23; Matayo 5:​29, 30.

7. Kubera iki bihambaye ko twirinda ibitwosha nabi?

7 Ntidukwiye kureka ngo umutima wacu wigabure. Tutabaye maso twoshobora kwiyumvira twihenda yuko twongereje umwete mu murimo turangurira Yehova, ata nyosha mbi zoduturukira. Tubitangire akarorero. Dufate ko uri hanze mu mbeho y’igikonyozi. Ushitse mu nzu, uciye ucana agacanwa kugira ngo ususuruke. None vyokumarira iki uretse umuryango ukaguma wuguruye? Imbeho yoca yuzura inzu yose. None icigwa ni ikihe? Kwihereza gusa ibifungurwa vy’impwemu bikomeza ubucuti dufitaniye na Yehova, ntibihagije. Dutegerezwa no kuzibira inyosha mbi kugira ngo ingeso mbi z’iyi si, izo twogereranya n’imbeho, ntizinjire mu mutima wacu ngo zitume wigabura.—Ef. 2:2.

BARIGAYA IBICUMURO VYABO

8-9. Umwami Dawidi n’umwami Hezekiya bakiriye gute impanuro bahawe? (Raba yo ku gipfukisho.)

8 Nk’uko twamaze kubivuga, umwami Dawidi yarakoze igicumuro gikomeye. Ariko igihe umuhanuzi Natani yamwereka ibijanye n’ico gicumuro, Dawidi yaricishije bigufi. (2 Sam. 12:13) Turavye ivyo Dawidi yanditse muri Zaburi ya 51, turabona ko yigaye vy’ukuri. Dawidi ntiyigirishije ko ababajwe n’ivyo yakoze kugira ngo ahende Natani, canke kugira ngo ntahanwe.—Zab. 51:​3, 4, 17, akajambo k’intangamarara.

9 Umwami Hezekiya na we nyene yaracumuye kuri Yehova. Bibiliya ivuga ko «umutima wiwe wagize ubwibone bigatuma Imana imushavurira, igashavurira n’Ubuyuda na Yeruzalemu.» (2 Ngo. 32:25) Kubera iki Hezekiya yagize ubwibone? Ashobora kuba yariyumviriye ko ari agahambaye kubera ubutunzi yari afise, kubera yari yaratsinze Abasiriya canke kubera yari yarakize indwara yiwe ku gitangaro. Ubwo bwibone bushobora kuba ari bwo bwatumye yereka Abanyababiloni ubutunzi bwiwe, bikaba vyatumye akosorwa n’umuhanuzi Yesaya. (2 Abm. 20:​12-18) Ariko cokimwe na Dawidi, Hezekiya yarigaye abigiranye ukwicisha bugufi. (2 Ngo. 32:26) Ivyo vyatumye Yehova abona ko uwo mwami w’intahemuka ‘yagumye akora ibigororotse.’—2 Abm. 18:3.

Amafoto: 1. Umwami Dawidi ariko araraba hejuru yicuza, igihe Natani ariko aramuvugisha. 2. Umwami Hezekiya aricurikiriye, igihe Yesaya ariko aramuvugisha.

Igihe umwami Dawidi be n’umwami Hezekiya bakosorwa kubera ibicumuro bari bakoze, barigaye babigiranye ukwicisha bugufi (Raba ingingo ya 8-9)


10. Umwami Amaziya yakiriye gute impanuro yahawe?

10 Umwami Amaziya w’Ubuyuda wewe, yarakoze ibigororotse «ariko ntiyabigiranye umutima wiwe wose.» (2 Ngo. 25:2) None ni ikosa irihe yakoze? Yehova amaze kumufasha gutsinda Abanyedomu, Amaziya yaciye atangura gusenga imana zabo.c Ariko igihe umuhanuzi wa Yehova yaza kumuhanura, uwo mwami yaranse kumwumviriza abigiranye akagagazo.—2 Ngo. 25:​14-16.

11. Twisunze 2 Abakorinto 7:​9, 11, dukwiye gukora iki kugira ngo Yehova atubabarire? (Raba n’amafoto.)

11 None ubwo burorero bwose butwigisha iki? Turakwiye kwigaya ibicumuro vyacu, kandi tugakora uko dushoboye kwose kugira ntituze tubisubire. Bite hoho nka hamwe abakurambere boduhanura, mbere no ku bintu bisa n’uko bidahambaye? Ntidukwiye guca tubona ko Yehova canke abo bakurambere batwanka. Mbere n’abami beza ba Isirayeli vyarashika bagahanurwa canke bagakosorwa. (Heb. 12:6) Igihe rero duhawe impanuro, turakwiye (1) kuyemera twicishije bugufi, (2) kugira ivyo duhinduye, (3) kubandanya dukorera Yehova n’umutima wacu wose. Twigaye ivyaha vyacu, Yehova aratubabarira.—Soma 2 Abakorinto 7:​9, 11.

Amafoto: 1.Umukurambere akiri muto ariko aravugisha umuvukanyi umwe. Uwo muvukanyi ariko araraba icupa n’ikirahuri birimwo inzoga. 2. Uwo muvukanyi ariko aragira ubushakashatsi akoresheje Bibiliya be n’icigwa ca 43 co mu gitabu «Kwiberaho ibihe bidahera.» 3. Wa mukurambere akiri muto be na wa muvukanyi bariko baramamaza inzu ku nzu.

Igihe duhawe impanuro, turakwiye (1) kuyemera twicishije bugufi, (2) kugira ivyo duhinduye, (3) kubandanya dukorera Yehova n’umutima wacu wose (Raba ingingo ya 11)f


BARASHIGIKIRA UGUSENGA KW’UKURI

12. Abami beza n’abami babi ahanini bari batandukaniye kuki?

12 Abami bashigikira ugusenga kw’ukuri, ni bo Yehova yabona ko ari intahemuka. Baranaremesha abo batwara kwumira ku gusenga kw’ukuri. Ariko nk’uko twabibonye, vyarashika bagakora amakosa. Naho ari ukwo, basenga Yehova wenyene gusa kandi bagakora uko bashoboye kwose kugira bazimanganye ugusenga ibigirwamana mu gihugu.d

13. Kubera iki Yehova yabona ko umwami Ahabu ari igihemu?

13 Bite ho ku bijanye n’abami Yehova yabona ko ari ibihemu? Nta wovuga ko ata ciza na kimwe bigeze bakora. Mbere na wa mwami mubi Ahabu, yaragaragaje ukwicisha bugufi ku rugero kanaka, yongera aricuza ku ruhara yagize mu kwicisha Naboti. (1 Abm. 21:​27-29) Yarubatse n’ibisagara yongera aratsinda abansi benshi ba Isirayeli. (1 Abm. 20:​21, 29; 22:39) Ariko rero Ahabu yarohejwe n’umugore wiwe, aba imboneza mu gushigikira ugusenga kw’ikinyoma, kandi ntiyigeze yigaya.—1 Abm. 21:​25, 26.

14. (a) Ni igiki catumye Yehova abona ko umwami Rehobowamu ari igihemu? (b) Ni ibiki vyaranze intwaro z’abami b’ibihemu?

14 Raba akarorero k’uwundi mwami w’igihemu ari we Rehobowamu. Nk’uko twamaze kubibona, hari ivyiza vyinshi yakoze ku ngoma yiwe. Ariko ubwami bwiwe bumaze gushinga imizi, yaciye aheba gukurikiza amategeko ya Yehova atangura gusenga imana z’ikinyoma. (2 Ngo. 12:1) Inyuma y’aho yagiye araba mahindagu, igihe kimwe agasenga Yehova ikindi gihe na ho agasenga imana z’ikinyoma. (1 Abm. 14:​21-24) Rehobowamu na Ahabu si bo bami bonyene bateye akagere ugusenga kw’ukuri. Mu vy’ukuri, abami benshi b’ibihemu barashigikira ugusenga kw’ikinyoma. Biragaragara rero ko ikintu nyamukuru Yehova yafatirako kugira avuge ko umwami kanaka ari mwiza canke mubi, ari ukuba uwo mwami yarashigikira ugusenga kw’ukuri canke ntagushigikire.

15. Kubera iki Yehova abona ko kwumira ku gusenga kw’ukuri bihambaye?

15 Ikibazo kijanye n’ugusenga cari gihambaye kuri Yehova. Uti kubera iki? Kimwe coco, abami ni bo bari bafise ibanga ryo gufasha abo batwara gusenga Imana mu buryo yemera. Vyongeye, abantu basenga imana z’ikinyoma wasanga bakora ibindi vyaha bikomeye kandi bakarenganya bagenzi babo. (Hos. 4:​1, 2) N’ikindi kandi, abami ba Isirayeli be n’abatwarwa babo, bari bareguriwe Yehova. Ni co gituma baramutse bamuhemukiye bagasenga izindi mana, Bibiliya ivuga ko ari nk’aho baba barenze ibigo. (Yer. 3:​8, 9) Mu bisanzwe, iyo umuntu arenze ibigo aba ahemukiye cane uwo bubakanye. N’igihe rero umusavyi wa Yehova yamwiyeguriye yisutse mu gusenga kw’ikinyoma, aba ahemukiye Yehova bimwe bikomeye.e—Gus. 4:​23, 24.

16. Ni igiki canecane Yehova afatirako mu gutandukanya umugororotsi n’umubisha?

16 Ni ivyigwa ibihe twohakura? Dutegerezwa kwirinda ikintu cose gifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma. Ariko kandi dutegerezwa kwumira ku gusenga kw’ukuri, kandi tukaguma dukora igikorwa ca Yehova tubigiranye umwete. Umuhanuzi Malaki yarerekanye mu buryo butomoye ikintu Yehova afatirako mu gutandukanya umuntu mwiza n’umuntu mubi. Yanditse ati: «Muzokwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.» (Mal. 3:18) Ku bw’ivyo rero, ntidukwiye kureka ngo hagire ikintu na kimwe kiduca intege ku buryo duhagarika gukorera Yehova, naho twoba utunenge twacu canke amakosa dukora. Kureka gukorera Yehova ubwavyo ni igicumuro gikomeye.

17. Guhitamwo uwo tuzokwubakana, bishobora kugira ingaruka izihe ku bucuti dufitaniye na Yehova?

17 Nimba uriko uriyumvira ivyo kwubaka urwawe, woba ubona ingene ivyo Malaki yavuze ku bijanye no gukorera Imana vyogufasha guhitamwo neza uwo muzokwubakana? Umuntu yoshobora kuba afise kamere nziza. Ariko nimba adasenga Imana y’ukuri, wumva imbere ya Yehova yoba ari umugororotsi? (2 Kor. 6:14) Hamwe wokwubakana n’umuntu nk’uyo, wumva azogufasha kuguma uri intahemuka kuri Yehova? Zirikana kuri aka karorero: Ba bagore b’abapagani b’umwami Salomo bashobora kuba bari bafise kamere nziza. Ariko kubera ko batasenga Yehova, buhorobuhoro barahinduye umutima wiwe atangura gusenga imana z’ikinyoma.—1 Abm. 11:​1, 4.

18. Ni ibiki abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo?

18 Bavyeyi nimukoreshe uburorero bw’abami bavugwa muri Bibiliya, kugira mufashe abana banyu gukorera Yehova n’umwete. Bafashe gutahura yuko kugira ngo Yehova avuge ko umwami kanaka yari mwiza canke mubi, ahanini vyavana n’ingene uwo mwami yashigikira ugusenga kw’ukuri. Nimwigishe abana banyu biciye ku vyo muvuga no ku vyo mukora, babone ko ivy’impwemu ari vyo bikwiye kuza imbere y’ibindi vyose. Aho harimwo kwiga Bibiliya, kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu ndimiro. (Mat. 6:33) Ahandi ho bohava biyumvira ko bakwiye kuba Ivyabona vya Yehova kubera gusa ko namwe muri Ivyabona. Ivyo vyoshobora gutuma badashira mu kibanza ca mbere ivyo gukorera Yehova, canke mbere bakamuheba burundu.

19. Hoba hariho icizigiro ku bahevye gukorera Yehova? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Urashobora kugaruka kuri Yehova.»)

19 Hoba hariho icizigiro ku muntu yahevye gukorera Yehova? Ego cane, kubera ko ashobora kwigaya hanyuma agasubira kumusenga. Ariko kugira bishoboke, arakeneye kwicisha bugufi no kwemera gufashwa n’abakurambere. (Yak. 5:14) Yamara utwigoro twose yogira kugira ngo agaruke kuri Yehova, si utw’impfagusa.

Urashobora kugaruka kuri Yehova

Raba akarorero k’umwami Manase. «[Yarakoze] ku rugero runini ivyo Yehova abona ko ari bibi.» «Yarasheshe . . . amaraso menshi cane y’abantu ata co bazira», aja mu vy’ubupfumu, mbere n’abahungu biwe abatangako ikimazi ku mana z’ikinyoma. (2 Abm. 21:​6, 16) Yaroheje abo mw’ihanga ry’Ubuyuda, «atuma bakora ibibi biruta ivyakorwa n’[ayandi] mahanga.» (2 Abm. 21:9; 2 Ngo. 33:​1-6) Ariko igihe Manase yajanwa mu bunyagano i Babiloni, yarigaye. Ukwo ntikwari ugusaba imbabazi rimwe gusa. Nakare yari amaze igihe kirekire akora ibicumuro bikomeye. Ariko ageze mu marushwa, ‘yagumye yicisha bugufi’ kandi «aguma asenga.» None vyavuyemwo iki? Yehova yarumvirije amasengesho yiwe, ‘aragira n’akagongwe kubera ugutabaza kwiwe.’ Yehova yaramubabariye yongera amusubiza i Yeruzalemu ku ntebe yiwe y’ubwami.—2 Ngo. 33:​12, 13.

None abantu bahevye ukuri ariko mu nyuma bakigaya vy’ukuri, Yehova yoba na bo nyene azobafata nk’ukwo? Cane nyene, kubera ko muri Yesaya 55:7 hagira hati: «Umubisha nahebe inzira yiwe, umunyakibi ahebe ivyiyumviro vyiwe. Nagaruke kuri Yehova, azomugirira imbabazi, agaruke ku Mana yacu, kuko izomubabarira cane.» Nukore rero ibishoboka vyose kugira ngo ugaruke kuri Yehova.

20. Yehova azotubona gute nitwigana akarorero k’abami b’intahemuka?

20 Ni ivyigwa ibihe none twigiye ku bami ba Isirayeli? Tugumye dukorera Yehova n’umutima wacu wose, twoshobora kumera nka ba bami b’intahemuka. Nimuze rero twigire ku makosa yacu, twigaye, twongere dukosore ibikenewe vyose. Ese kandi twoguma twibuka ko bihambaye yuko tuguma twumiye ku gusenga Imana imwe yonyene y’ukuri! Niwaguma uri intahemuka kuri Yehova, na we azobona ko uri umuntu akora ibigororotse.

WOKWISHURA GUTE?

  • Twokora iki kugira tugume dukorera Yehova n’umutima wacu wose?

  • Twokwerekana gute ko twigaye vy’ukuri?

  • Twokwerekana gute ko twumira ku gusenga kw’ukuri?

URURIRIMBO RWA 45 Ivyo umutima wanje uzirikana

a Muri iki kiganiro, imvugo ngo «abami ba Isirayeli» yerekeza ku bami bose baganje abasavyi ba Yehova, baba abatwaye ubwami bw’Ubuyuda bwari bugizwe n’imiryango ibiri, canke abatwaye ubwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, canke na ho abatwaye ya miryango yose uko ari 12.

b INSOBANURO Y’AMAJAMBO: Kenshi Bibiliya ikoresha ijambo «umutima» mu kudondora ico umuntu ari imbere muri we, aho hakaba harimwo ivyipfuzo vyiwe, ivyiyumviro vyiwe, inyifato yiwe, ivyo ashoboye, imvo zituma akora ibintu, be n’imigambi afise.

c Biboneka ko uwo wari umugenzo abami b’abapagani bari bafise wo gusenga imana z’ihanga baba batsinze.

d Umwami Asa yarakoze ibicumuro bikomeye. (2 Ngo. 16:​7, 10) Yamara, Bibiliya ivuga ko yakoze ibigororotse. Naho mu ntango yanse kwemera gukosorwa, birashoboka ko yahavuye yigaya. Muri rusangi, kamere nziza yari afise ni zo zari nyinshi kuruta amakosa yakoze. Igihambaye kuruta, Asa yasenga Yehova wenyene gusa kandi yarakoze uko ashoboye kwose arakuraho ugusenga ibigirwamana mu bwami bwiwe.—1 Abm. 15:​11-13; 2 Ngo. 14:​2-5.

e Turabona ko ibijanye no gusenga bihambaye cane kuri Yehova, kubera ko amabwirizwa abiri ya mbere dusanga muri ya mategeko ya Musa, yabuza gusenga ikindi kintu ico ari co cose uretse Yehova.—Kuv. 20:​1-6.

f INSOBANURO Y’AMAFOTO: Umuvukanyi akunda agacupa ariko arahanurwa n’umukurambere akiri muto. Uwo muvukanyi aremera iyo mpanuro yicishije bugufi, akagira ivyo ahinduye, maze akabandanya gukorera Yehova adahemuka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika