IKIGANIRO C’UKWIGA CA 24
URURIRIMBO RWA 98 Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana
Ivyo twigira ku buhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro—Igice ca 1
«Nimukoranire hamwe ndababwire ibizobashikira muri kazoza.»—ITA. 49:1.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ivyigwa dukura ku vyo Yakobo yavuze ari ku mpfiro ku bijanye na Rubeni, Simeyoni, Lewi na Yuda.
1-2. Yakobo yakoze iki igihe yari ageze ku mpfiro, kandi kubera iki? (Raba n’ifoto .)
HARI haheze imyaka 17 umusavyi wa Yehova w’intahemuka Yakobo avuye i Kanani, akimukira mu Misiri n’umuryango wiwe wose. (Ita. 47:28) Muri ico kiringo cose, yaranezerewe kubona yari yasubiye kubonana n’umuhungu wiwe yakunda cane Yozefu, gutyo umuryango wose ugasubira kubonana. Ariko rero Yakobo arumva ko yimirije gupfa, agaca rero akoranya abagize umuryango kugira abarage.—Ita. 49:28.
2 Ico gihe vyari bimenyerewe ko serugo agira apfe, yaca akoranya abagize umuryango kugira ngo atunganye uko ibintu bizogenda niyamara gupfa. (Yes. 38:1) Muri iyo nama, yarashobora no guca avuga uwomusubiriye mw’ibanga ryo kuyobora umuryango amaze gupfa.
Yakobo ari ku mpfiro, akaba ariko arabwira abahungu biwe 12 ibizobashikira (Raba ingingo ya 1-2)
3. Kubera iki ivyo Yakobo yavuze mw’Itanguriro 49:1, 2 bihambaye cane?
3 Soma Itanguriro 49:1, 2. Iyo nama y’umuryango ntiyari isanzwe, kuko Yakobo yavuze ivyobaye muri kazoza. Muri uwo mwanya, Yehova yarahumekeye Yakobo kugira avuge ibintu bihambaye vyoshikiye abomukomotseko muri kazoza. Ni co gituma ivyo Yakobo yabwiye abana biwe bwari ubuhanuzi.
4. Ni igiki dukwiye kuguma twibuka uko dusuzuma ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Umuryango wa Yakobo.»)
4 Muri iki kiganiro, tuza kwihweza ivyo Yakobo yabwiye bane mu bahungu biwe ari bo Rubeni, Simeyoni, Lewi na Yuda. Mu kiganiro gikurikira na ho, tuzosuzuma ivyo Yakobo yabwiye abandi bahungu biwe umunani. Nk’uko tuza kubibona, ivyo Yakobo yavuze ntivyari vyerekeye abahungu biwe gusa. Vyari vyerekeye n’abobakomotseko, abahavuye baba ihanga rya Isirayeli rya kera. Ivyagiye birashikira iryo hanga birerekana neza ko ubuhanuzi Yakobo yavuze bwarangutse. Vyongeye, ivyo Yakobo yavuze turabikuramwo ivyigwa bihambaye bishobora gutuma duhimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova.
RUBENI
5. Ni ibiki Rubeni ashobora kuba yari yiteze kuragwa na se wiwe?
5 Yakobo ahera kuri Rubeni, akamubwira ati: «Uri imfura yanje.» (Ita. 49:3) Kubera ko Rubeni yari imfura, ashobora kuba yari yiteze kuronka imigabane ibiri y’ivyo se yari atunze. Ashobora kandi kuba yari yiteze ko ari we yociye asubirira se mw’ibanga ryo kuba umukuru w’umuryango, mu nyuma na ho iryo teka rigaterwa abomukomotseko.
6. Ni kubera iki Rubeni yatakaje uburenganzira bw’imfura? (Itanguriro 49:3, 4)
6 Ariko rero, Rubeni yaratakaje uburenganzira bw’imfura. (1 Ngo. 5:1) Uti kubera iki? Mu myaka mikeyi imbere y’aho, yari yararyamanye na Biluha incoreke ya se. Biluha yari umusukukazi wa Rasheli umugore Yakobo yakunda cane, ariko ico gihe akaba yari amaze gupfa. (Ita. 35:19, 22) Rubeni yari yavyawe n’uwundi mugore wa Yakobo yitwa Leya. Rubeni ashobora kuba yaryamanye na Biluha kumbure kubera gutwarwa n’inambu y’umubiri. Canke na ho ashobora kuba yabigize kugira ngo atume se wiwe atiyumvamwo Biluha, ahubwo arushirize gukunda nyina wiwe Leya. Icabitumye caba ikihe, ico kintu yakoze nticahimbaye se wiwe hamwe na Yehova.—Soma Itanguriro 49:3, 4.
7. Vyahavuye bigendera gute Rubeni n’abamukomotseko? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro.»)
7 Yakobo yabwiye Rubeni ati: «Ntuzoba agahebuza.» Ayo majambo yahavuye aranguka. Nta na hamwe Bibiliya ivuga ko hari n’umwe mu bakomotse kuri Rubeni yabaye umwami, umuherezi canke umuhanuzi. Naho ari ukwo, Yakobo ntiyihakanye umuhungu wiwe kuko abakomoka kuri Rubeni bahavuye baba umwe mu miryango ya Isirayeli. (Yos. 12:6) Rubeni yari yarerekanye kamere nziza nyinshi mu bindi bihe, kandi nta na hamwe Bibiliya ivuga ko yigeze asubira gukora ubusambanyi.—Ita. 37:20-22; 42:37.
8. Ni ivyigwa ibihe dukura ku vyashikiye Rubeni?
8 Twohigira iki? Turakwiye kwihatira kuba abantu bigumya kandi tukirinda ubusambanyi. Bishitse tukoshwa gukora igicumuro, turakwiye kubanza gufata akanya ko kuzirikana ingene vyobabaza Yehova, umuryango wacu be n’abandi bantu. Turakwiye no kwibuka kandi ko «ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura.» (Gal. 6:7) Ku rundi ruhande, ivyashikiye Rubeni biratwibutsa ko Yehova ari umunyembabazi. Naho atadukingira ingaruka z’amakosa dukora, iyo tugize akigoro ko gukora ikibereye araduhezagira.
SIMEYONI NA LEWI
9. Kubera iki Yakobo atashimye ivyo Simeyoni na Lewi bakoze? (Itanguriro 49:5-7)
9 Soma Itanguriro 49:5-7. Ubukurikira, Yakobo aravuga amajambo akomeye yerekana ko atashimye ivyo Simeyoni na Lewi bakoze. Mu myaka y’imbere y’aho, umukobwa wa Yakobo yitwa Dina yarafashwe ku nguvu n’umugabo umwe w’Umunyakanani yitwa Shekemu. Birumvikana ko abahungu bose ba Yakobo bababajwe cane n’ivyashikiye mushiki wabo, ariko Simeyoni na Lewi bobo baciye bakora ibara. Barahenze abagabo b’i Shekemu bababwira ko bobanye na bo amahoro baramutse bemeye kugenyerwa bose, kandi baravyemeye. Igihe abo bagabo bari bacumva ububabare, Simeyoni na Lewi baciye ‘batora inkota zabo, binjira mu gisagara ata wubicura maze bica abagabo bose.’—Ita. 34:25-29.
10. Ubuhanuzi Yakobo yavuze ku vyerekeye Simeyoni na Lewi bwarangutse gute? (Raba uruzitiro ruvuga ngo «Ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro.»)
10 Yakobo yarababajwe cane n’ibikorwa vy’ububisha abo bahungu biwe babiri bakoze. Yavuze ko bazoshwiragira bagasanzara muri Isirayeli. Ubwo buhanuzi bwarangutse haciye imyaka irenga 200, igihe ihanga rya Isirayeli ryinjira mu Gihugu c’isezerano. Umuryango wa Simeyoni watoranye uduce tumwetumwe two mu karere kegukira umuryango wa Yuda. (Yos. 19:1) Umuryango wa Lewi na wo watoranye ibisagara 48 vyari bikwiragiye irya n’ino muri Isirayeli.—Yos. 21:41.
11. Ni ibintu vyiza ibihe abakomotse kuri Simeyoni na Lewi bakoze?
11 Abakomotse kuri Simeyoni na Lewi ntibakoze amakosa nk’ayo ba sekuruza babo bakoze. Abo mu muryango wa Lewi barashigikiye ugusenga kw’ukuri badahemuka. Igihe Musa yaduga ku musozi Sinayi kugira ngo Yehova amuhe ya mategeko, Abisirayeli benshi baciye baja mu vyo gusenga inyana. Mugabo Abalewi bagiye ku ruhande rwa Musa, baranamufasha kwica abasenze iyo nyana. (Kuv. 32:26-29) Yehova yarahisemwo abo mu muryango wa Lewi, abatera iteka ridasanzwe ryo kuba abaherezi. (Kuv. 40:12-15; Guh. 3:11, 12) Mu nyuma, igihe Abisirayeli bariko barigarurira Igihugu c’isezerano, abo mu muryango wa Simeyoni baraherekeje abo mu muryango wa Yuda kurwanya Abanyakanani, mu ntumbero yo gushitsa ivyo Yehova agomba.—Abac. 1:3, 17.
12. Ni ivyigwa ibihe dukura ku vyashikiye Simeyoni na Lewi?
12 Twohigira iki? Ntukigere ufata ingingo canke ngo ukore ikintu na kimwe watwawe n’ishavu. Igihe wewe canke uwo mu muryango wawe mufashwe nabi, ni ibisanzwe gushavura. (Zab. 4:4) Ariko rero, turakwiye kwibuka ko Yehova aterekwa amajambo umuntu avuga asunitswe n’ishavu canke ivyo akora abitumwe n’ishavu. (Yak. 1:20) Igihe hagize uwudufata nabi, haba mw’ishengero canke hanze yaryo, tuvyifatamwo mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, gutyo tukirinda ingaruka mbi ziva ku kudacungera ishavu. (Rom. 12:17, 19; 1 Pet. 3:9) Ikindi cigwa, ni uko n’igihe abavyeyi bawe boba bariko bakora ibintu bidahimbara Yehova, atari ngombwa ngo wigane akarorero kabo. Ntuce wibaza ko ata co uzovamwo canke ko Yehova atoguhezagira. Yehova ntazobura guhezagira akigoro kose ugira kugira ubeho ukora ibigororotse.
YUDA
13. Ni kubera iki Yuda ashobora kuba yarahagaritse umutima igihe yari ashikiriwe?
13 Ubu na ho Yuda ni we ashikiriwe. Ashobora kuba yarahagaritse umutima amaze kwumva ivyo se yari ahejeje kubwira bakuru biwe. Kanatsinda, na we nyene yari yarakoze amakosa amwamwe akomeye. Biboneka ko na we nyene yagize uruhara mu gusahura igisagara ca Shekemu. (Ita. 34:27) Yarifatanije na benewabo mu kugirisha Yozefu akaja kuba umushumba no mu guhenda se wabo ku vyari vyashikiye Yozefu. (Ita. 37:31-33) Mu nyuma yararyamanye n’umukazana wiwe Tamari yibaza ko ari umumaraya.—Ita. 38:15-18.
14. Ni ibintu vyiza ibihe Yuda yari yarakoze? (Itanguriro 49:8, 9)
14 Yamara, Yakobo ahumekewe n’Imana yarahezagiye Yuda yongera amuvugako ivyiza gusa. (Soma Itanguriro 49:8, 9.) Yuda yari yarerekanye ko yitwararika cane se wiwe yari ageze mu zabukuru. Vyongeye, yari yarerekanye ko afitiye impuhwe umuhererezi wabo Benyamini.—Ita. 44:18, 30-34.
15. Ivyo Yuda yabwiwe vyarangutse gute?
15 Yakobo yavuze ko Yuda yobaye indongozi ya benewabo. Ariko hociye igihe kirekire imbere y’uko ubwo buhanuzi buranguka. Abisirayeli bamaze kuva mu Misiri, umuryango wa Yuda ni wo waja imbere iyindi yose igihe bari mu bugaragwa baja mu Gihugu c’isezerano, aho hakaba hari haheze nk’imyaka 200 bwa buhanuzi bwa Yakobo buvuzwe. (Guh. 10:14) Inyuma y’imyaka mirongo, umuryango wa Yuda ni wo wafashe iya mbere mu ntambara zo kwigarurira Igihugu c’isezerano. (Abac. 1:1, 2) Vyongeye, umwe mu bakomotse mu muryango wa Yuda ari we Dawidi, ni we yabaye umwami wa mbere mu bami benshi bakomotse muri uwo muryango. Ariko ivyo Yuda yabwiwe vyararangutse no mu bundi buryo.
16. Ubuhanuzi dusanga mw’Itanguriro 49:10 bwarangutse gute? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro.»)
16 Yakobo yahishuye ko umutegetsi azotwara abantu bose yokomotse kuri Yuda kandi ko yotegetse ibihe vyose. (Soma Itanguriro 49:10 n’akajambo k’epfo.) Uwo mutegetsi ni Yezu Kristu, uwo Yakobo yise Shilo. Ku bijanye na Yezu, umumarayika umwe yavuze ati: «Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya se wiwe Dawidi.» (Luka 1:32, 33) Yezu kandi yitwa «Intambwe yo mu muryango wa Yuda.»—Ivyah. 5:5.
17. Twokwigana gute Yehova mu kuntu tubona abandi?
17 Twohigira iki? Yehova yarahezagiye Yuda naho vyashitse agakora amakosa akomeye. Ubwo benewabo na Yuda ntiboba baribajije icatumye Yehova amuhezagira? Uko biri kwose, Yehova yaramubonyemwo iciza bituma amuhezagira. None twokwigana gute Yehova? Igihe uwo dusangiye ukwizera atewe agateka kadasanzwe, hari aho twoca dutangura kwibanda cane ku tunenge twiwe. Ariko turakwiye kwibuka ko Yehova ashima kamere nziza afise. Yehova arondera ivyiza mu basavyi biwe. Nimuze rero natwe twihatire kumwigana.
18. Kubera iki dukeneye ukwihangana?
18 Ikindi cigwa twigira ku nkuru ya Yuda ni ukwihangana. Yehova yama ashitsa ivyo asezerana. Ariko rero ntiyama abikora mu buryo tuba twiteze canke ku gihe tuba tuvyitezeko. Abakomotse kuri Yuda si bo batanguye kuba indongozi mw’ihanga rya Isirayeli. Naho ari ukwo, barashigikiye badahemuka abo Yehova yagenye ngo babe indongozi, yaba Musa uwakomoka kuri Lewi, Yosuwa uwakomoka kuri Efurayimu canke umwami Sawuli uwakomoka kuri Benyamini. Ese rero natwe twoshigikira abo Yehova ahitamwo bose kugira batuje imbere muri iki gihe.—Heb. 6:12.
19. Ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro bwatwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
19 Gushika aha, ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro bwatwigishije iki? Bwadufashije kubona ko «Imana itaraba nk’uko abantu baraba.» (1 Sam. 16:7) Yehova ni Imana ibabarira cane kandi yihangana cane. Naho atirengagiza amakosa abasavyi biwe bakora, aratahura kandi ko badatunganye. Arashobora mbere no guhezagira abantu bigeze gukora amakosa akomeye mugabo bakigaya vy’ukuri, maze bagasigara bakora ibigororotse. Mu kiganiro gikurikira, tuzoraba ivyo Yakobo yabwiye abandi bahungu biwe umunani basigaye.
URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka