IKIGANIRO C’UKWIGA CA 25
URURIRIMBO RWA 96 Igitabu c’Imana ni ubutunzi
Ivyo twigira ku buhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro—Igice ca 2
«Umwe wese yamuhaye umuhezagiro bakwiranye.»—ITA. 49:28.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ivyigwa bihambaye twigira ku buhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro ku bijanye n’abandi bahungu biwe umunani.
1. Muri iki kiganiro, twihweza ubuhanuzi ubuhe Yakobo yavuze ari ku mpfiro?
ABAHUNGU ba Yakobo bakikuje se wabo ageze mu zabukuru, bakaba bariko barumviriza bitonze ingene ahezagira umwe wese muri bo. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, ivyo Yakobo yabwiye abahungu biwe Rubeni, Simeyoni, Lewi na Yuda, vyarabatangaje kuko batari bavyiteze. Bategerezwa rero kuba bariko baribaza ivyo agira abwire abandi bahungu umunani basigaye. Reka turabe ivyo twokwigira ku vyo yabwiye Zabuloni, Isakari, Dani, Gadi, Asheri, Nafutali, Yozefu na Benyamini.a
ZABULONI
2. Ni ibiki Zabuloni yabwiwe, kandi vyarangutse gute? (Itanguriro 49:13) (Raba n’uruzitiro.)
2 Soma Itanguriro 49:13. Yakobo yavuze ko abokomotse kuri Zabuloni bobaye ku nkengera y’ikiyaga, amaja mu buraruko bw’Igihugu c’isezerano. Haciye imyaka irenga 200, abakomoka kuri Zabuloni bararonse akarere muri ico gihugu, kari hagati y’ikiyaga ca Galilaya n’ikiyaga Mediterane. Musa yari yavuze ati: «Ewe Zabuloni, nezererwa ingendo zawe.» (Gus. 33:18) Ayo majambo, ashobora kuba yariko yerekeza ku kuntu abo mu muryango wa Zabuloni bokworohewe gukora urudandaza kubera yuko akarere kabo kari hagati y’ibiyaga bibiri. Ico yoba yashatse kuvuga cose, abakomotse kuri Zabuloni bari bafise imvo zotuma banezerwa.
3. Ni igiki codufasha kubumbwa n’ivyo dufise?
3 Twohigira iki? Turafise imvo zotuma tunezerwa naho twoba tuba hehe canke ivyacu vyifashe gute. Kugira tugumane umunezero, dutegerezwa kubumbwa n’ivyo dufise. (Zab. 16:6; 24:5) Rimwe na rimwe usanga ikitworohera ari ugushira umutima ku vyo tudafise aho kuwushira ku vyiza twifitiye. Nugerageze rero kuguma ubona ibikwerekeye mu buryo bwiza.—Gal. 6:4.
ISAKARI
4. Ni ibiki Isakari yabwiwe, kandi vyarangutse gute? (Itanguriro 49:14, 15) (Raba n’uruzitiro.)
4 Soma Itanguriro 49:14, 15. Yakobo arakeza Isakari kubera ko ari umunyabikorwa, akamugereranya n’indogobwa ifise amagufa akomeye, ico kikaba ari igitungwa cikorera imizigo iremereye. Yakobo yavuze kandi ko Isakari yoronse akarere kameze neza cane. Nk’uko Yakobo yabivuze, abakomotse kuri Isakari baronse akarere kamera cane kandi kimbuka hafi y’uruzi Yorodani. (Yos. 19:22) Nta gukeka ko ako karere bakarima babigiranye umwete, ariko kandi bagakora cane kugira bafashe abandi. (1 Abm. 4:7, 17) Nk’akarorero, abo mu muryango wa Isakari bama biteguriye gufasha mu rugamba rwo kurwanya amahanga y’abansi, nk’uko vyagenze mu gihe c’umucamanza Baraki n’umuhanuzikazi Debora.—Abac. 5:15
5. Kubera iki dukwiye kwihatira kuba abanyabikorwa?
5 Twohigira iki? Yehova arakenguruka igikorwa tumukorera tubigiranye umwete, nka kumwe nyene yakenguruka ibikorwa abo mu muryango wa Isakari bakorana umwete. (Umus. 2:24) Zirikana nk’akarorero abavukanyi bitanga cane mu gufasha ishengero. (1 Tim. 3:1) Naho abo bavukanyi batarwana intambara nya ntambara, baritanga cane kugira bakingire abasavyi b’Imana ivyobagirira nabi mu vy’impwemu. (1 Kor. 5:1, 5; Yuda 17-23) Vyongeye, baritanga cane mu gutegura insiguro ziremesha ishengero.—1 Tim. 5:17.
DANI
6. Ni ibanga irihe umuryango wa Dani wajejwe? (Itanguriro 49:17, 18) (Raba n’uruzitiro.)
6 Soma Itanguriro 49:17, 18. Yakobo agereranya Dani n’inzoka yihanga ibikoko biyiruta, nk’ifarasi y’intambara n’uwuyigenderako. Dani ntiyokworoheye abansi ba Isirayeli. Igihe Abisirayeli bari mu rugendo rwo kwinjira mu Gihugu c’isezerano, umuryango wa Dani «wagendera inyuma» kugira ukingire iryo hanga. (Guh. 10:25) Iryo banga ryari rihambaye, naho ivyo umuryango wa Dani wakora bitabonwa n’abandi bose bagize iryo hanga.
7. Dukwiye kubona gute igikorwa ico ari co cose twoshingwa mu murimo wa Yehova?
7 Twohigira iki? Woba umaze gukora igikorwa womenga ntikibonwa n’abandi? Hari aho woba warafashije gusukura no kubungabunga Ingoro y’Ubwami, ukitanga mu bikorwa vyo kw’iteraniro canke kw’ihwaniro, canke na ho ukaba waritwararitse ikindi gikorwa. Nimba ari ukwo biri turagukeje. Urama wibuka ko Yehova abona ivyo umukorera vyose kandi ko abiha agaciro. Arahimbarwa cane igihe umukorera ubitumwe n’urukundo umukunda ruvuye ku mutima, atari kubera ko ushaka gushemagizwa n’abandi.—Mat. 6:1-4.
GADI
8. Kubera iki vyari vyoroshe gutera umuryango wa Gadi mu Gihugu c’isezerano? (Itanguriro 49:19) (Raba n’uruzitiro.)
8 Soma Itanguriro 49:19. Yakobo yavuze ko Gadi azoterwa n’umugwi w’abasuma. Inyuma y’imyaka irenga nka 200, umuryango wa Gadi warigaruriye akarere kari mu buseruko bw’uruzi Yorodani, kakaba kahana urubibe n’amahanga y’abansi. Vyari vyoroshe rero ko uwo muryango uterwa n’abansi. Naho ari ukwo, ni ho umuryango wa Gadi wipfuza kuba kubera ko hari uburagiriro bwiza bw’ibitungwa vyabo. (Guh. 32:1, 5) Biboneka ko abo mu muryango wa Gadi bari abantu b’umutima rugabo. Ikiruta vyose, barizigira ko Yehova yobafashije kurwanira akarere yabahaye baramutse batewe n’utugwi tw’abasuma. Uwo muryango mbere wararungitse abasoda bamara imyaka myinshi baragiye gufasha abo mu yindi miryango ya Isirayeli kwigarurira utundi turere tw’Igihugu c’isezerano mu burengero bwa Yorodani. (Guh. 32:16-19) Barizigira ko Yehova yokingiye abagore babo n’abana babo mu kiringo abo bagabo bomaze ku rugamba. Yehova yarabahezagiye kubera umutima rugabo wabo n’ukwitanga kwabo.—Yos. 22:1-4.
9. Kwizigira Yehova bituma tugira amahitamwo ayahe mu buzima?
9 Twohigira iki? Kugira dushobore gukorera Yehova turi mu bihe bigoye, dutegerezwa kuguma tumwizigira. (Zab. 37:3) Abasavyi ba Yehova benshi muri iki gihe barerekana ko bamwizigira mu kwemera kugira ivyo bahevye bagashigikira amaproje y’ubwubatsi, bakaja gukorera ahakenewe abamamaji kuruta, canke bagafasha mu bindi bikorwa vy’ishirahamwe. Ivyo babigira kubera ko bizigira yuko Yehova azokwama abitwararika.—Zab. 23:1.
ASHERI
10. Ni ibiki umuryango wa Asheri wananiwe gukora? (Itanguriro 49:20) (Raba n’uruzitiro.)
10 Soma Itanguriro 49:20. Yakobo yari yavuze ko umuryango wa Asheri wotunze cane, kandi ni ko vyagenze. Akarere umuryango wa Asheri watoranye karimbuka cane kuruta utundi turere twose two muri Isirayeli. (Gus. 33:24) Vyongeye, akarere kabo kahana urubibe n’ikiyaga Mediterane kandi karimwo ikivuko giteye imbere cane citwa Sidoni co muri Fenisiya. Ariko rero, Asheri yarananiwe kwomora Abanyakanani bari muri ico gihugu. (Abac. 1:31, 32) Akosho kabi k’Abanyakanani hamwe n’ubutunzi umuryango wa Asheri wari ufise, bishobora kuba ari vyo vyatumye batitwararika cane ugusenga kw’ukuri. Igihe umucamanza Baraki yasaba abitanga kugira barwanye urunani rw’Abanyakanani, abagize umuryango wa Asheri ntibitanze. Ivyo vyatumye uwo muryango utibonera intsinzi ikomeye Yehova yahaye Abisirayeli «iruhande y’amazi y’i Megido.» (Abac. 5:19-21) Abo mu muryango wa Asheri bategerezwa kuba baramaramaye bumvise ururirimbo rw’intsinzi Baraki na Debora baririmvye bahumekewe n’Imana, urwarimwo amajambo agira ati: «Abo kwa Asheri bagumye biyicariye ku nkengera y’ikiyaga.»—Abac. 5:17.
11. Kubera iki dukwiye kubona ubutunzi mu buryo buri ku burimbane?
11 Twohigira iki? Dushaka guha Yehova ivyiza kuruta ibindi dufise. Kugira tubishikeko turakwiye kwamirira kure ivyiyumviro abantu benshi bafise vy’uko amahera n’ibintu umuntu atunze, ari vyo bihambaye mu buzima. (Imig. 18:11) Turihatira kuguma tubona amahera mu buryo buri ku burimbane. (Umus. 7:12; Heb. 13:5) Ntidutakaza umwanya n’inguvu zacu twiruka inyuma y’ibintu vy’umubiri bidakenewe, ngo bitubuze gukorera Yehova. Ahubwo tubikoresha mu murimo wa Yehova, kuko tuzi yuko ubuzima bwiza tubwiteze muri kazoza.—Zab. 4:8.
NAFUTALI
12. Ivyo Nafutali yabwiwe bishobora kuba vyarangutse gute? (Itanguriro 49:21) (Raba n’uruzitiro.)
12 Soma Itanguriro 49:21. Ayo «majambo aryoheye ugutwi» ashobora kuba yerekeza ku kuntu Yezu yavuga igihe yariko ararangura igikorwa ciwe ng’aha kw’isi. Yezu yaramaze igihe aba i Kaperinawumu, igisagara cari mu karere k’umuryango wa Nafutali, kandi yari azwi ko ari umwigisha mwiza. Ni co gituma i Kaperinawumu hiswe ‘igisagara c’iwabo.’ (Mat. 4:13; 9:1; Yoh. 7:46) Vyongeye, umuhanuzi Yesaya yavuze ko Yezu yotumye abantu bo mu karere ka Zabuloni n’aka Nafutali, babona «umuco mwinshi.» (Yes. 9:1, 2) Biciye ku nyigisho ziwe, Yezu yarabaye «umuco w’ukuri umurikira abantu b’uburyo bwose.»—Yoh. 1:9.
13. Twokora iki kugira imvugo yacu ihimbare Yehova?
13 Twohigira iki? Ivyo tuvuga n’ukuntu tubivuga birahambaye kuri Yehova. None dushobora gute kuvuga «amajambo aryoheye ugutwi» ahimbara Yehova? Ni mu kuvuga ukuri. (Zab. 15:1, 2) Turashobora kuremesha abandi biciye ku vyo tuvuga, nk’akarorero mu kwihutira kubakeza aho kwihutira kubatora amahinyu canke kubidogera. (Ef. 4:29) Vyongeye, turashobora kwishingira umugambi wo kurushiriza gutanguza ibiyago vyotuma tuvuga inkuru nziza.
YOZEFU
14. Sigura ingene ivyo Yozefu yabwiwe vyarangutse. (Itanguriro 49:22, 26) (Raba n’uruzitiro.)
14 Soma Itanguriro 49:22, 26. Yakobo ategerezwa kuba yarishimira cane Yozefu, «uwatowe muri benewabo.» Mu giheburayo havuga ko Yakobo yise Yozefu «umuvyaro w’igiti cama cane.» Ico giti cagereranya Yakobo, Yozefu na we akaba umuvyaro. Yozefu yari imfura ya Rasheli, umugore Yakobo yakunda cane. Yakobo yerekanye ko Yozefu ari we yoronse imigabane ibiri Rubeni imfura ya Leya yari guhabwa. (Ita. 48:5, 6; 1 Ngo. 5:1, 2) Ubwo buhanuzi bwarangutse igihe abahungu babiri ba Yozefu, ari bo Efurayimu na Manase, baronka intoranwa nk’imiryango ibiri ya Isirayeli.—Ita. 49:25; Yos. 14:4.
15. Yozefu yavyifashemwo gute igihe yarenganywa?
15 Yakobo kandi aravuga ibijanye n’abarasisha umuheto ‘barashe Yozefu kandi bakaguma bamufitiye inzigo.’ (Ita. 49:23) Abo barasisha umuheto berekeza kuri benewabo bigeze kumugirira ishari bagatuma ashikirwa n’ibintu vyinshi bibabaje. Naho ari ukwo, Yozefu ntiyabikiye inzika benewabo canke ngo ate amakosa kuri Yehova. Ahubwo riho, Yakobo avuga ko «[Yozefu] yagumye afashe umuheto wiwe, amaboko yiwe aguma akomeye kandi abangutse.» (Ita. 49:24) Yozefu yagumye yiheka kuri Yehova mu ngorane zose yaciyemwo, kandi yarababariye benewabo yongera abafata neza. (Ita. 47:11, 12) Ibigeragezo Yozefu yaciyemwo vyaramutyoroye. (Zab. 105:17-19) Ivyo vyatumye Yehova amukoresha mu buryo bukomeye.
16. Twokwigana gute Yozefu igihe turi mu ngorane?
16 Twohigira iki? Ntitwigere tureka ngo ingorane zitume tuja kure ya Yehova n’abavukanyi bacu. Uribuka ko Yehova ashobora kureka ingorane zikadushikira kugira zitwigishe. (Heb. 12:7, akajambo k’epfo) Ivyo vyoshobora gutuma turushiriza kugaragaza kamere ziranga abakirisu, nk’imbabazi n’impuhwe. (Heb. 12:11) Nitwabandanya kwihangana, Yehova azoduhezagira nk’uko yabigiriye Yozefu.
BENYAMINI
17. Ubuhanuzi bwerekeye Benyamini bwarangutse gute? (Itanguriro 49:27) (Raba n’uruzitiro.)
17 Soma Itanguriro 49:27. Yakobo yavuze ko abo mu muryango wa Benyamini bobaye abarwanyi bakomeye nk’ibingira. (Abac. 20:15, 16; 1 Ngo. 12:2) «Mu gitondo», ni ukuvuga mu ntango y’ubwami bwa Isirayeli, umuryango wa Benyamini ni wo wavuyemwo umwami wa mbere wa Isirayeli, ari we Sawuli. Yari umurwanyi akomeye yarwanije Abafilisitiya. (1 Sam. 9:15-17, 21) «Ku mugoroba» w’ubwo bwami, ni ukuvuga mu mpera zabwo, umwamikazi Esiteri n’umushikiranganji wa mbere Morudekayi, bompi bakaba bakomoka mu muryango wa Benyamini, baratumye Abisirayeli batazimangana mu gihe c’inganji y’Abaperesi.—Est. 2:5-7; 8:3; 10:3.
18. Twokwigana gute ukudahemuka kw’umuryango wa Benyamini?
18 Twohigira iki? Nta gukeka ko abagize umuryango wa Benyamini bahimbawe igihe umwe mu bakomoka muri uwo muryango yaba umwami, ivyo bikaba vyari bishikije ubuhanuzi. Ariko rero igihe Yehova yaha ubwami Dawidi, akaba yava mu muryango wa Yuda, abo mu muryango wa Benyamini baramushigikiye. (2 Sam. 3:17-19) Inyuma y’imyaka mirongo, igihe abo mu yindi miryango bagarariza umuryango wa Yuda, uwa Benyamini wowo wagumye udahemuka urashigikira umwami yari yatowe na Yehova. (1 Abm. 11:31, 32; 12:19, 21) Ese na twebwe twoguma dushigikira tudahemuka abo Yehova yagenye kugira bayobore abasavyi biwe muri iki gihe!—1 Tes. 5:12.
19. Ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro bwodufasha gute?
19 Ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro burashobora kudufasha. Kwihweza ukuntu bwarangutse biratuma turushiriza kwizigira ko ivyo Yehova yasezeranye bizoranguka. Vyongeye, turavye ukuntu abahungu ba Yakobo bahezagiwe, biradufasha kubona neza ivyo twokora kugira duhimbare Yehova.
URURIRIMBO RWA 128 Twihangane gushika kw’iherezo
a Igihe Yakobo yahezagira abahungu biwe bane ba mbere, ari bo Rubeni, Simeyoni, Lewi na Yuda, yabigize yisunze uko bakurikirana. Ariko abasigaye ntiyisunze uko bakurikirana.