INGENE WOKWIYIGISHA
Nubwire abandi ivyo wiga
Naho kwiyigisha bituruhurira, igihe tubwiye abandi ivyiyumviro biremesha tuba twacukuye, hoho birarushiriza kuturuhurira. Mu Migani 11:25 hagira hati: «Uwuruhurira abandi na we azoruhurirwa.»
Iyo tubwiye abandi ivyo tuba twize, bica birushiriza kutworohera kwibuka kandi tukarushiriza kubitahura. Vyongeye, turahimbarwa no kubwira abandi ivyo twiga kubera ko na bo nyene bibagirira akamaro.—Ivyak. 20:35.
Gerageza iki kintu: Mu ndwi iza, uzorondere akaryo ko kubwira uwundi muntu ivyo uzoba wize. Woshobora kubibwira uwo mu muryango, uwo mw’ishengero, uwo mukorana, uwo mwigana, umubanyi wawe, canke uwo muzohura mu ndimiro. Uragerageza kubivuga ukoresheje amajambo yawe, mu buryo bworoshe kandi butomoye.
Niwibuke iki kintu: Nubwire abandi ivyo wize kugira ubaremeshe, atari kugira ngo ubatangaze.—1 Kor. 8:1.