ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Gitugutu rup. 24-29
  • Uribuka gusengera abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uribuka gusengera abandi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KUBERA IKI DUKWIYE GUSENGERA ABANDI?
  • BARAKENEYE KO TUBASENGERA
  • GUSENGERA UMUNTU UMWUMWE KU GITI CIWE
  • NTITURENZE URUGERO KU VYO TWOKWITEGA
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ingene tworyohora amasengesho yacu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Gitugutu rup. 24-29

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 43

URURIRIMBO RWA 41 Ndakwinginze wumve isengesho

Uribuka gusengera abandi

« Musengeranire . . . Ugutakamba kw’umugororotsi gufise inguvu nyinshi.»—YAK. 5:16.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona igituma bihambaye gusengera abandi be n’ingene twobigira.

1. Twemezwa n’iki ko amasengesho yacu ahambaye kuri Yehova?

ISENGESHO ni ingabire idasanzwe Yehova yaduhaye. Zirikana gatoyi: Yehova yarajeje abamarayika ibikorwa bimwebimwe. (Zab. 91:11) N’umwana wiwe yaramujeje amabanga akomeye cane. (Mat. 28:18) Ariko ibijanye no kwumviriza amasengesho, nta n’umwe yabijeje. Yehova ubwiwe ni we ‘yumviriza amasengesho’ yacu.—Zab. 65:2.

2. Intumwa Pawulo yadusigiye akarorero akahe mu bijanye no gusengera abandi?

2 Naho dushobora kwitura Yehova ata kwitinya tukamubwira ingorane dufise, turakwiye no gusengera abandi. Ivyo nyene ni vyo intumwa Pawulo yakora. Nk’akarorero, yandikiye ishengero ry’i Efeso ati: «Nguma ndabashira mu masengesho yanje.» (Ef. 1:16) Pawulo yaranasengera umuntu umwumwe ku giti ciwe. Nk’akarorero yabwiye Timoteyo ati: «Ndashimira Imana, . . . [kandi] nguma ndakwibuka igihe ntakamba ijoro n’umurango.» (2 Tim. 1:3) Pawulo yari asanzwe yifitiye ingorane yari gushobora gusengera. (2 Kor. 11:23; 12:​7, 8) Naho ari ukwo yarafashe umwanya wo gusengera abandi.

3. Ni igiki gishobora gutuma twibagira gusengera abandi?

3 Rimwe na rimwe twoshobora kwibagira gusengera abandi. Uti kubera iki? Mushiki wacu umwe yitwa Sabrinaa aravuga imwe mu mvo zibituma. Agira ati: «Muri iyi si tuguma twiruka n’ubuzima. Turashobora rero gutwarwa cane n’ingorane zacu, akaba ari zo gusa dusengera.» Vyoba nawe biragushikira? Nimba bimaze kugushikira iki kiganiro kiraza kugufasha. (1) Kiraza kutwereka igituma bihambaye gusengera abandi. (2) Kiraza kutugira inama y’ingene twobigira.

KUBERA IKI DUKWIYE GUSENGERA ABANDI?

4-5. Ni mu buryo ki gusengera abandi bifise «inguvu nyinshi»? (Yakobo 5:16)

4 Gusengera abandi birafise «inguvu nyinshi.» (Soma Yakobo 5:16.) Gusengera abandi vyoba vy’ukuri bishobora kugira ico bihinduye? Cane rwose. Nk’akarorero, kubera ko Yezu yari azi ko intumwa Petero yari guhava amwihakana, yamubwiye ati: «Natakambiye Imana ku bwawe kugira ukwizera kwawe ntikugoyagoye.» (Luka 22:32) Pawulo na we nyene yari azi ko gusengera abandi bishobora kugira ico bifashije. Igihe yari apfungiwe i Roma ku karenganyo, yandikiye Filemoni ati: «Nizigiye yuko biciye ku masengesho yanyu nzorekurwa mugasubira kumbona.» (Flm. 22) Kandi ni ko vyahavuye bigenda. Pawulo ntiyatevye kurekurwa aca asubira ku gikorwa ciwe co kwamamaza.

5 Naho ari ukwo, ivyo ntibisigura yuko dushobora guhata Yehova ngo yishure amasengesho yacu. Arabona ayo abasavyi biwe bagowe kandi hari igihe ahitamwo kwishura ivyo bamusavye. Kwibuka ico kintu biradufasha kubona ko iyo dutakambiye Yehova tumubwira ikintu kanaka, ibisigaye dukwiye kubirekera mu maboko yiwe, akaba ari we amenya ingene abigenza.—Zab. 37:5.

6. Gusengera abandi bituma tubabona gute? (1 Petero 3:8)

6 Gusengera abandi biratuma tugaragaza «impuhwe.» (Soma 1 Petero 3:8.) Impuhwe ni ugutahura ingorane uwundi muntu afise be n’icipfuzo co kuzimuremurura. (Mrk. 1:​40, 41) Umukurambere yitwa Michael avuga ati: «Igihe nsenze nsabira abandi, biratuma ndushiriza gutahura ingorane barimwo nkarushiriza no kubakunda. Nca numva umengo turafitaniye ubucuti bukomeye naho bobo boba batabizi.» Umukurambere umwe yitwa Richard na we aravuga ikindi ciza bivamwo. Avuga ati: «Igihe usengeye umuntu uca urushiriza kwumva wogira ico umufashije.» Yongerako ati: «Igihe dukoreye ikintu kanaka umuntu twariko turasengera, ni nk’aho tuba dufashije mu kwishura iryo sengesho twatuye tumusabira.»

7. Gusengera abandi bidufasha kubona gute ingorane zacu? (Abafilipi 2:​3, 4) (Raba n’amafoto.)

7 Gusengera abandi biradufasha kubona ingorane zacu mu buryo bubereye. (Soma Abafilipi 2:​3, 4.) Umwe wese muri twebwe usanga ahanganye n’ingorane ziterwa no kuba muri iyi si iganzwa na Shetani. (1 Yoh 5:19; Ivyah. 12:12) Igihe rero tugize akamenyero ko gusengera abandi, biratwibutsa ko «imibabaro imeze nk’iyo iriko irashikira umuryango wose w’abavukanyi [bacu].» (1 Pet. 5:9) Umudada umwe w’umutsimvyi yitwa Katherine avuga ati: «Gusengera abandi biranyibutsa ko na bo nyene bafise ingorane zibahanze. Ivyo bituma ntagumiza umutima cane ku ngorane zanje.»

Amafoto: Abavukanyi na bashiki bacu basanzwe bifitiye ingorane bariko barasengera abandi. 1. Agakobwa kicaye ku gitanda kariko karasenga. Agafoto kari mu muzingi kerekana abagize umuryango bari mu bwato bariko barahunga inzu yabo yatewe n’imyuzure. 2. Abagize wa muryango wo mu gafoto gaheruka bariko barasenga bari hamwe. Agafoto kari mu muzingi kerekana umuvukanyi ari mw’ibohero. 3. Wa muvukanyi ari mw’ibohero wo mu gafoto gaheruka ariko arasenga. Agafoto kari mu muzingi kerekana mushiki wacu yitereye mu myaka arwariye mu bitaro. 4. Wa mushiki wacu wo mu gafoto gaheruka ariko arasenga. Agafoto kari mu muzingi kerekana ka gakobwa ko mw’ifoto yatangura kicaye konyene mw’ishure, abandi bana bakaba bariko bihimbariza umusi mukuru w’ivuka.

Gusengera abandi biratuma tutaguma twiyumvira gusa ingorane zacu (Raba ingingo ya 7)d


BARAKENEYE KO TUBASENGERA

8. Ni bande twosengera?

8 None ni bande twosengera? Woshobora gusengera imigwi y’abantu. Nk’akarorero, abafise ingorane z’amagara, abakiri bato bacokorwa n’abandi kw’ishure canke bakoshwa gukora ibibi, canke abageze mu zabukuru. Benshi mu bavukanyi bacu usanga bahamwa n’abo mu muryango canke abo mu ntwaro. (Mat. 10:​18, 36; Ivyak. 12:5) Hari abandi usanga barataye izabo kubera ubugizi bwa nabi. Abandi na bo usanga barashikiwe n’ibiza n’isibe. Hari aho tutoba tuzinanyi n’abo bavukanyi, ariko igihe tubasengeye tuba twerekanye ko dukurikiza ibwirizwa Yezu yaduhaye ridusaba ‘gukundana.’—Yoh. 13:34.

9. Kubera iki dukwiye gusengera abatuja imbere be n’abakenyezi babo?

9 Turashobora no gusengera abatuja imbere mw’ishirahamwe rya Yehova. Aho harimwo abagize Inama Nyobozi be n’abafasha mu makomite y’Inama Nyobozi, abagize komite z’amashami, abahagarikizi b’inzego zo muri Beteli, abahagarikizi b’imizunguruko, abakurambere be n’abakozi b’ishengero. Benshi muri abo bavukanyi usanga bifitiye ingorane zabo, ariko kandi bagakora cane kugira badufashe. (2 Kor. 12:15) Nk’akarorero, umuhagarikizi umwe w’umuzunguruko yitwa Mark avuga ati: «Imwe mu ngorane nyamukuru mfise ni ukuba ntari hafi y’abavyeyi banje bageze mu zabukuru, kandi bompi bakaba bafise amagara make. Naho mushikanje n’umugabo wiwe babitwararika, birambabaza kubona ata kintu kinini nshobora kubafasha.» Twaba tuzi ingorane abo bavukanyi bafise canke tutazizi, turakwiye kwama tubasengera. (1 Tes. 5:​12, 13) Turakwiye no gusengera abakenyezi babo, kubera ko bashigikira abagabo babo badahemuka, bigatuma babandanya gukora ibikorwa bashinzwe.

10-11. Amasengesho yo muri rusangi dutura dusabira abavukanyi bacu yoba ahimbara Yehova? Sigura.

10 Nk’uko twamaze kubibona, kenshi turasengera imigwi y’abavukanyi na bashiki bacu. Nk’akarorero, turashobora gusaba Yehova ngo afashe abari mu mabohero canke ngo ahumurize ababuze ababo, naho ata muntu kanaka twoba tuzi ari muri izo ngorane. Umukurambere umwe yitwa Donald avuga ati: «Hari abavukanyi na bashiki bacu benshi bariko barashikirwa n’ibintu bitoroshe. Ni co gituma rimwe na rimwe dutura isengesho ry’ikivunga kugira ngo abafise ingorane tubasabire bose hamwe.

11 None amasengesho nk’ayo yoba ahimbara Yehova? Cane rwose. Nakare ntituzi ibintu nyezina abavukanyi bacu bose boba bakeneye. Birabereye rero ko dutura amasengesho yo muri rusangi dusabira abavukanyi na bashiki bacu. (Yoh. 17:20; Ef. 6:18) Amasengesho nk’ayo arerekana ko ‘dukunda umuryango wose w’abavukanyi.’—1 Pet. 2:17.

GUSENGERA UMUNTU UMWUMWE KU GITI CIWE

12. Kuba abantu bihweza bishobora gute kudufasha gutura amasengesho adomako?

12 Nube umuntu yihweza. Uretse gusengera imigwi kanaka y’abavukanyi na bashiki bacu, birabereye ko dusengera n’umuntu umwumwe ku giti ciwe tukamuvuga n’izina. Woba uzi umuntu mw’ishengero iwanyu arwaye indwara ikomeye? Woba uzi uwukiri muto yacitse intege kumbure kubera ko abo bigana baguma bamwosha gukora ibibi? Woba uzi umuvyeyi yireranye abana aguma akora ukwo ashoboye kugira ngo agume ‘atoza indero abana biwe yongere abakebure nk’uko Yehova yashinze’? (Ef. 6:4) Niwaba umuntu yihweza bizotuma urushiriza gukunda abandi kandi uze urabasengera.b—Rom. 12:15.

13. Twosengera gute abo tutazinanyi?

13 Nusengere abandi ubavuga mu mazina. Turashobora gusengera abandi tubavuga mu mazina naho twoba tutarigera tubonana. Nk’akarorero, hari abavukanyi na bashiki bacu bapfungiwe muri Crimée, Eritreya, mu Burusiya no muri Singapuru. Kuri jw.org urashobora kuhasanga amazina y’abo bapfunzwe.c Umuhagarikizi umwe w’umuzunguruko yitwa Brian avuga ati: «Nasanze kwandika izina ry’umuvukanyi canke mushiki wacu apfunzwe no guca ndarivuga n’ijwi ryumvikana, bimfasha kumwibuka maze nkamushira mu masengesho ntura.»

14-15. Ni igiki codufasha gutura amasengesho adomako?

14 Nuture amasengesho adomako. Umwe Michael twavuga, agira ati: «Iyo ndiko ndasoma inkuru zo kuri jw.org z’abavukanyi bapfunzwe, nca ngerageza kwishira mu kibanza cabo. Ari nka jewe bishikiye ndazi ko nohagarika umutima niyumvira umukenyezi wanje be n’ico nokora kugira aronke ivyo akeneye. Ivyo rero bica bituma ndonka ikintu gitomoye noshira mu masengesho ntura ku bw’abavukanyi bubatse bari mu mabohero.»—Heb. 13:​3, akajambo k’epfo.

15 Igihe tuzirikanye ku kuntu abari mu mabohero bamerewe, twoshobora kuronka n’ibindi bintu twosaba tudomako mu masengesho dutura ku bwabo. Nk’akarorero, turashobora gusenga dusaba ko abarinzi b’ibohero baborohereza canke ko abategetsi babemerera gusenga bidegemvya. (1 Tim. 2:​1, 2) Turashobora no gusenga dusaba ko abari mu mashengero yegereye aho bapfungiwe, boremeshwa n’ukudahemuka kw’abo bavukanyi bapfunzwe, canke na ho tugasenga dusaba ko abatari Ivyabona bokwihweza ingeso nziza z’abo bapfunzwe maze bakumviriza inkuru nziza. (1 Pet. 2:12) Ivyo vyiyumviro twoshobora no kubikoresha igihe dusabira abavukanyi na bashiki bacu bari mu zindi ngorane. Igihe tubaye abantu bihweza, tugasengera abandi tubavuga mu mazina kandi tugasenga tudomako, tuba twerekanye ko ‘urukundo dukunda abandi rwagwiriye.’—1 Tes. 3:12.

NTITURENZE URUGERO KU VYO TWOKWITEGA

16. Dukwiye kwibuka iki ku bijanye n’amasengesho dutura? (Matayo 6:8)

16 Nk’uko twamaze kubibona, amasengesho yacu arashobora gutuma ibintu bihinduka. Naho ari ukwo, ntidukwiye kurenza urugero ku vyo twokwitega. Igihe dusenze ntituba turiko turamenyesha Yehova ikintu atazi. Vyongeye, ntidukwiye kumugira inama y’ukuntu yotorera umuti ikibazo kanaka. Yehova arazi ivyo abasavyi biwe bakeneye n’imbere y’uko babimusaba canke twebwe tubimusaba. (Soma Matayo 6:8.) Kubera iki none dukwiye gusengera abandi? Uretse imvo zamaze gutangwa muri iki kiganiro, gusengera abandi ni uburyo bwo kwerekana ko tubitaho. Urukundo rutuma dusengeranira. Vyongeye, Yehova arahimbarwa igihe abonye abasavyi biwe bigana urukundo rwiwe.

17-18. Igihe dusengeye abandi vyerekana iki? Tanga akarorero.

17 Mbere n’aho amasengesho yacu atotuma ibintu bihinduka, arerekana ko dukunda abavukanyi bacu, kandi Yehova arabiha agaciro. Tubitangire akarorero. Iyumvire umuryango ugizwe n’utwana tubiri dutoyi, agahungu n’agakobwa. Agahungu kararwaye. Agakobwa gaciye kaza gutakambira se gati: «Papa mufashe ararwaye cane.» Se asanzwe afise ico kibazo mu minwe. Ariko aritwararika agahungu kiwe kubera ko agakunda. Mugabo iyumvire umunezero agira igihe abonye agakobwa kiwe kitwararika musaza wako ku buryo gatakambira se ngo amufashe.

18 Ivyo ni vyo Yehova aturemesha gukora. Yipfuza ko twitwararikana kandi tugasengeranira. Ivyo tubigize tuba twerekanye ko twitwararika abandi ata bwikunzi kandi Yehova arabiha agaciro. (2 Tes. 1:3; Heb. 6:10) Vyongeye, nk’uko twamaze kubibona, amasengesho dutura arashobora gutuma ibintu bihinduka. Nimuze rero tubandanye kuza turasengera abandi.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni mu buryo ki amasengesho yacu afise «inguvu nyinshi»?

  • Kubera iki dukwiye gusengera imigwi y’abavukanyi na bashiki bacu?

  • Twokora iki kugira duture amasengesho adomako igihe dusabira umuntu umwumwe ku giti ciwe?

URURIRIMBO RWA 101 Dukorane mu bumwe

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

b Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Takeshi Shimizu: Yehova ni we «yumva amasengesho.»

c Kugira uronke amazina y’abavukanyi bapfunzwe ja kuri jw.org urondere ahavuga ngo «Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Ibihugu bapfungiwemwo.»

d INSOBANURO Y’IFOTO: Abavukanyi na bashiki bacu bahanganye n’ingorane zitandukanye, bariko barasengera abandi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika