IKIGANIRO C’UKWIGA CA 42
URURIRIMBO RWA 44 Isengesho ry’umuntu mutoyi
Ingene tworyohora amasengesho yacu
« Ndagutabaza n’umutima wanje wose. Nunyishure Yehova!» —ZAB. 119:145.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene kuzirikana ku masengesho dusanga muri Bibiliya, bishobora kudufasha kuryohora amasengesho yacu.
1-2. (a) Ni ibiki bishobora gutuma tutugurukira Yehova mw’isengesho? (b) Twemezwa n’iki ko Yehova atega yompi igihe tumusenga?
VYOBA bishika ukabona ko mu masengesho utura wama uvuga vya bindi nyene, ugasenga wikurayo canke ukabigira mu buryo bwo guheza umwuga? Nimba ari ko biri, nturi wenyene. Kubera ko tuguma twiruka n’ubuzima, birashobora gutuma tuza turihutagiza mu masengesho dutura. Canke na ho vyoshobora kutugora kwugurukira Yehova kubera ko twumva ko tutabereye imbere yiwe.
2 Bibiliya itwigisha ko igihambaye kuri Yehova atari amasengesho anoboye cane, ahubwo ko ari amasengesho avuye ku mutima. Arumva ‘ivyo abitonda bamusaba.’ (Zab. 10:17) Aratega yompi ivyo tumubwira vyose kubera ko atwitwararika.—Zab. 139:1-3.
3. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?
3 Muri iki kiganiro turaza kuronka inyishu z’ibi bibazo: Kubera iki tudakwiye kwitinya kwugurukira Yehova mw’isengesho? Twokora iki kugira ngo amasengesho yacu atume turushiriza kwiyegereza Yehova? Kuzirikana ku masengesho y’abasavyi ba Yehova dusanga muri Bibiliya, vyodufasha gute kuryohora amasengesho yacu? Vyongeye, twokora iki igihe twumva turengewe n’amaganya menshi ku buryo bitugora gusenga? Reka turabe inyishu z’ivyo bibazo.
NTIWITINYE KWUGURUKIRA YEHOVA MW’ISENGESHO
4. Ni igiki codufasha kwugurukira Yehova mw’isengesho? (Zaburi 119:145)
4 Tumaze gutahura ko Yehova ari umugenzi adahemuka yipfuza ko turoranirwa, bica bitworohera kumwugurukira mw’isengesho. Umwanditsi wa Zaburi ya 119 yarihatira kubona Yehova muri ubwo buryo. Yarashikiwe n’ingorane mu buzima kandi abantu babi baramugiriye nabi. (Zab. 119:23, 69, 78) Vyongeye, kubera ko atari atunganye, vyarashika agakora amakosa bigatuma acika intege. (Zab. 119:5) Naho ari ukwo, nta na kimwe yaretse ngo kimubuze kwugurukira Yehova mw’isengesho.—Soma Zaburi 119:145.
5. Kubera iki tudakwiye kureka ngo ivyiyumviro bica intege bitubuze gusenga? Tanga akarorero.
5 Yehova yipfuza ko tumusenga n’igihe twoba twakoze igicumuro gikomeye. (Yes. 55:6, 7) Ntidukwiye rero kureka ngo ivyiyumviro bica intege bitubuze kumusenga. Tubitangire akarorero: Dufate ko wagiye gutembera ahantu maze ukazimira. Wumva wotinya gusaba abaho ngo bakuzimurure kubera gusa umaramajwe n’uko wazimiye? Oya nawe nu. Na twebwe rero bishitse tukumva umengo ntitubona iyo tuva n’iyo tuja, canke tukaba twakoze igicumuro, ntidukwiye kwitinya kwitura Yehova mw’isengesho kugira adufashe.—Zab. 119:25, 176.
IVYO TWOKORA NGO AMASENGESHO YACU ATUME TURUSHIRIZA KWIYEGEREZA YEHOVA
6-7. Kuzirikana kuri kamere za Yehova, vyodufasha gute gusenga mu buryo butuma turushiriza kumwiyegereza? Tanga akarorero. (Raba n’akajambo k’epfo.)
6 Igihe twugurukiye Yehova mw’isengesho, tukamubwira uko tumerewe vy’ukuri, amasengesho dutura aca atuma turushiriza kumwiyegereza. Twokora iki none kugira ngo turyohore amasengesho yacu muri ubwo buryo?
7 Zirikana kuri kamere za Yehova.a Uko turushiriza kuzirikana kuri kamere za Yehova, ni ko turushiriza kumwugurukira, tukamubwira uko twiyumva ata bwoba. (Zab. 145:8, 9, 18) Raba akarorero ka mushiki wacu umwe yitwa Kristine, akaba yari afise se akaze cane. Avuga ati: «Kuyagira Yehova nk’umuvyeyi ntivyanyoroheye. Naguma mbona ko azompeba kubera amakosa yanje.» None ni kamere iyihe ya Yehova yamufashije guhindura ivyiyumviro? Avuga ati: «Urukundo rudahemuka rwa Yehova rutuma numva ntekanye. Ndazi ko azonyama hafi. Mbere n’aho nogwa, azomvyura. Ivyo bituma ndamwugurukira, nkamubwira ibinezera n’ibimbabaza.»
8-9. Kuzirikana ku vyo tuza kuvuga mw’isengesho bifise akamaro akahe? Tanga akarorero.
8 Zirikana ku vyo uza kuvuga. Imbere y’uko usenga, vyoba vyiza wibajije ibibazo nk’ibi: «Ni ingorane izihe ziriko ziranshikira? Hoba hari umuntu nkwiye kubabarira? Hoba hari ikibazo kanaka giheruka kunshikira ngo nsabe Yehova amfashe kugitorera umuti?» (2 Abm. 19:15-19) Twoshobora no kwisunga akarorero Yezu yadusigiye, tukazirikana ku vyo twosaba Yehova ku bijanye n’izina ryiwe, Ubwami bwiwe, be n’ivyo agomba.—Mat. 6:9, 10.
9 Igihe mushiki wacu umwe yitwa Aliska yamenya ko umugabo wiwe ari mu guhitanwa n’indwara ya kanseri yo mu bwonko, ntivyamworohera gusenga. Avuga ati: «Narataye umutwe cane ku buryo bitakunda ko niyumvira neza ngo nshobore gusenga.» None ni igiki camufashije? Yigana ati: «Imbere yo gusenga, ndafata akanya gato nkegeranya ivyiyumviro nza kubwira Yehova, kugira singume nsaba ivyanje gusa. Ivyo vyatumye ndushiriza gutekana no kuyagira Yehova ibintu bitandukanye.»
10. Kubera iki dukwiye kuza turafata umwanya ukwiye igihe dusenga? (Raba n’amafoto.)
10 Fata umwanya ukwiye igihe usenga. Naho amasengesho magufi ashobora gutuma turushiriza kwiyegereza Yehova, igihe dufashe umwanya ukwiye wo gusenga, turamuyagira vyinshi mu vyo dufise ku mutima.b Umugabo wa Aliska ari we Elijah, avuga ati: «Ndagerageza gusenga kenshi ku musi. Nararushirije kwiyegereza Yehova igihe naza ndafata umwanya ukwiye wo gusenga. Yehova ntaba ariko ariruka n’umwanya yibaza ngo mpeza gusenga ryari. Ni co gituma rero mfata umwanya ukwiye.» Gerageza iki kintu: Rondera umwanya be n’ikibanza vyotuma usenga ata kigusamaza, wanashaka usenge n’ijwi ryumvikana, wongere ugire akamenyero ko gufata umwanya ukwiye igihe usenga.
Rondera umwanya n’ikibanza vyogufasha kumara umwanya munini uriko urasenga (Raba ingingo ya 10)
ZIRIKANA KU MASENGESHO DUSANGA MURI BIBILIYA
11. Kuzirikana ku masengesho dusanga muri Bibiliya, bifise akamaro akahe? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo «Vyoba nawe bimaze kugushikira?»)
11 Muri Bibiliya, turahasanga amasengesho yatuwe n’abasavyi ba Yehova, indirimbo nyeranda canke amazaburi. Tubizirikanyeko birashobora kutugirira akamaro. Niwasuzuma ingene abasavyi ba Yehova bamuserurira akari ku mutima, biraza nawe kugufasha kwugurukira Yehova. Muri ayo masengesho urashobora no kuhakura amajambo mashasha wokoresha mu gushemeza Yehova mu masengesho yawe. Urashobora no kuronka amasengesho ahuye n’ibihe urimwo.
12. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza igihe tuzirikana kw’isengesho kanaka?
12 Igihe uzirikana kw’isengesho kanaka dusanga muri Bibiliya, niwibaze uti: «Ni nde yavuze aya majambo, kandi ibintu vyari vyifashe gute? Noba na jewe mpora ngira ivyiyumviro nk’ibi bivugwa muri iri sengesho? Ni ivyigwa ibihe nohakura?» Hari aho vyokenerwa ko ugira ubushakashatsi bwiyongereye kugira uronke inyishu z’ivyo bibazo, ariko ako kigoro si ak’impfagusa. Reka turabe amasengesho amwamwe dusanga muri Bibiliya.
13. Ni icigwa ikihe twigira kw’isengesho rya Hana? (1 Samweli 1:10, 11) (Raba n’ifoto .)
13 Soma 1 Samweli 1:10, 11. Igihe Hana yatura iryo sengesho, yari ahanganye n’ingorane nyamukuru zibiri: Yari ingumba kandi mukeba wiwe yaguma amucokora. (1 Sam. 1:4-7) Woba nawe uhanganye n’ingorane itaguha agahengwe? Ni igiki none wokwigira kw’isengesho rya Hana? Hana yarafashe umwanya ukwiye, arasukira Yehova ivyari bimuremereye ku mutima, kandi ivyo vyatumye yumva aruhuriwe. (1 Sam. 1:12, 18) Na twebwe turashobora kuruhurirwa ‘dutereye umuzigo wacu kuri Yehova’, tukamubwira ukuntu twiyumva kubera ingorane turimwo.—Zab. 55:22.
Hana yarasukiye Yehova ibiri ku mutima kubera ko yari ahanganye n’ingorane zibiri: yari ingumba kandi mukeba wiwe yaguma amucokora (Raba ingingo ya 13)
14. (a) Ni ikindi kintu ikihe twigira kw’isengesho rya Hana? (b) Kuzirikana ku Vyanditswe bishobora gute kudufasha kuryohora amasengesho yacu? (Raba akajambo k’epfo.)
14 Haciye imyaka mikeyi Samweli avutse, Hana yaciye amutwara amushikiriza umuherezi mukuru Eli. (1 Sam. 1:24-28) Mw’isengesho rikora ku mutima Hana yatuye, yarakengurukiye Yehova kuko yiboneye ingene akingira abasavyi biwe b’intahemuka akongera akabitwararika.c (1 Sam. 2:1, 8, 9) Naho ingorane Hana yari afise zitaciye zihera, yagumije umutima ku kuntu Yehova yari yaramuhezagiye. None ivyo bitwigisha iki? Nitwaguma tuzirikana ingene Yehova yagiye aradushigikira gushika n’ubu, bizotuma dushobora kwihanganira ingorane zidashaka kuduha agahengwe.
15. Twokwigira iki kw’isengesho ry’umuhanuzi Yeremiya, igihe tubonye ibintu vy’akarenganyo canke igihe turenganijwe? (Yeremiya 12:1)
15 Soma Yeremiya 12:1. Mu buzima bw’umuhanuzi Yeremiya, vyarashitse aracika intege kubera yabona ingene abantu b’ababisha bimererewe neza. Yaranababazwa n’ingene Abisirayeli bagenziwe bamufata nabi. (Yer. 20:7, 8) Na twebwe iyo tubonye ingene abantu b’ababisha bimererewe neza canke igihe dufashwe nabi, duca turushiriza kumutahura. Naho Yeremiya yaseruye akababaro yari afise, ntiyigeze abona ko Imana ari yo yobazwa ako karenganyo. Igiye Yeremiya yibonera ingene Yehova ahana abasavyi biwe b’abagarariji, ategerezwa kuba yaciye arushiriza kwizigira ubutungane bwa Yehova. (Yer. 32:19) Na twebwe turashobora kubwira Yehova mw’isengesho akababaro dufise, twizigiye ko igihe nicagera azokosora akarenganyo kose tugirirwa.
16. Igihe bitagishoboka ko dukora ivyo twipfuza gukora, ni igiki twokwigira ku Mulewi umwe? (Zaburi 42:1-4) (Raba n’amafoto.)
16 Soma Zaburi 42:1-4. Iyi zaburi yanditswe n’Umulewi umwe yari yarangarijwe mu kindi gihugu, ivyo bikaba vyatuma adashobora kujana n’abandi gusengera Yehova ku rusengero. Iyo zaburi yanditse irerekana akababaro yari afise. Igihe na twebwe bitagishoboka ko tuva muhira canke tukaba dupfunzwe duhorwa ukwizera kwacu, duca turushiriza kumutahura. Mu bihe nk’ivyo birashika tukumva ko ducitse intege, ikindi gihe na ho tukumva ko ari agahengwe. Ariko uko vyoba bimeze kwose, vyoba vyiza twituye Yehova mw’isengesho. Ivyo birashobora kudufasha kudatwarwa n’ivyiyumviro vyacu ahubwo tugashira umutima ku bihambaye kuruta. Nk’akarorero, uwo Mulewi yaratahuye ko yoronse utundi turyo two gushemeza Yehova. (Zab. 42:5) Yaranazirikanye ku kuntu Yehova yariko aramwitwararika. (Zab. 42:8) Gusenga cane birashobora kudufasha kudatwarwa n’ivyiyumviro vyacu, tugatekana, tukaronka n’inkomezi zo kwihangana.
Wa Mulewi yandika Zaburi ya 42 yarasukiye Yehova ivyari ku mutima. Na twebwe igihe tubwiye Yehova akatubakiye, twoshobora kugumiza umutima ku bihambaye kuruta (Raba ingingo ya 16)
17. (a) Twigira iki kw’isengesho ry’umuhanuzi Yona? (Yona 2:1, 2) (b) Amajambo amwamwe dusanga mu mazaburi ashobora kudufasha gute igihe turi mu ngorane? (Raba akajambo k’epfo.)
17 Soma Yona 2:1, 2. Umuhanuzi Yona yatuye iryo sengesho igihe yari mu nda y’urufi runini. Naho yari yagambarariye Yehova, yarizigira adakeka ko Yehova yokwumvise isengesho ryiwe. Muri iryo sengesho, yarakoresheje amajambo atari make dusanga mu mazaburi.d Ashobora kuba yari amenyereye ibivugwa muri iyo mirongo. Igihe yabizirikanako vyatumye arushiriza kwizigira ko Yehova yomufashije. Na twebwe tugerageje gufata ku mutwe imirongo imwimwe yo muri Bibiliya, tuzoyibuka ituremeshe igihe tuzoba turiko turasenga Yehova turi mu ngorane.
GUMA WIYEGEREZA YEHOVA MW’ISENGESHO
18-19. Nimba bishika tukabura amajambo tubwira Yehova mw’isengesho, ibivugwa mu Baroma 8:26, 27 vyoturemesha gute? Tanga akarorero.
18 Soma Abaroma 8:26, 27. Rimwe na rimwe birashika tukumva turengewe cane n’amaganya ku buryo tubura n’amajambo tuvuga mw’isengesho. Ariko ntituri twenyene. Mu bihe nk’ivyo, impwemu nyeranda y’Imana «iratakamba» ku bwacu. Uti gute? Biciye ku mpwemu yiwe, Yehova yarandikishije amasengesho menshi muri Bibiliya. Igihe rero tudashobora guserura neza uko tumerewe, Yehova arashobora kuraba muri ayo masengesho, agatoramwo amajambo abona ko ahuye n’ayo twari kuvuga, maze agaca atwishura.
19 Ico ciyumviro carafashije mushiki wacu umwe wo mu Burusiya yitwa Yelena. Igihe yafatwa yagirizwa gusenga no gusoma Bibiliya, yarahungabanye cane ku buryo vyamugora no gusenga. Avuga ati: «Ico gihe naciye nibuka ko iyo ndengewe maze sindonke ivyo mvuga mw’isengesho, Yehova aca yisunga amasengesho y’abasavyi biwe ba kera . . . agafata ibivugwamwo nk’aho ari vyo na jewe nashaka kuvuga. . . . Ivyo vyarampumurije cane muri ico gihe kitari coroshe.»
20. Igihe tudatekanye, ni ibiki vyodufasha gutegura ubwenge bwacu imbere yo gusenga?
20 Igihe tudatekanye, vyoshobora kutugora kugumiza ubwenge hamwe igihe turiko turasenga. Imbere yo gusenga rero, turashobora gutegura ubwenge bwacu mu gusoma canke mu kwumviriza amazaburi amwamwe yafashwe amajwi. Twoshobora no kuza turandika ahantu ukuntu tumerewe, nka kumwe kw’umwami Dawidi. (Zab. 18, 34, 142; utujambo tw’intangamarara.) Ariko ntiwumve, nta tegeko rihari ry’ivyo twokora mu gutegura ubwenge bwacu imbere yo gusenga. (Zab. 141:2) Umwe wese akwiye kuraba icomufasha kuruta.
21. Kubera iki dukwiye kwugurukira Yehova mw’isengesho?
21 Biradukora ku mutima cane kumenya ko Yehova atahura ukuntu tumerewe n’imbere y’uko tubimubwira. (Zab. 139:4) Naho ari ukwo, arahimbarwa cane igihe tumuseruriye akari ku mutima. Ntiwitinye rero kumwitura mw’isengesho. Nugire ivyo wigiye ku masengesho y’abasavyi biwe dusanga muri Bibiliya. Numwugurukire ata co umuhisha, umubwire ibikunezera n’ibikubabaza. Yehova azokwama aguserukako kubera ko ari umugenzi wawe.
URURIRIMBO RWA 45 Ivyo umutima wanje uzirikana
a Raba «Kamere zimwezimwe za Yehova» mu gitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima munsi y’ahavuga ngo «Yehova.»
b Amasengesho umuntu atura aserukiye abagize ishengero, muri rusangi akwiye kuba magufi.
c Mw’isengesho Hana yatuye, yarakoresheje amajambo asa n’ayari mu vyanditswe na Musa. Ivyo vyerekana ko yafata umwanya wo kuzirikana ku Vyanditswe. (Gus. 4:35; 8:18; 32:4, 39; 1 Sam. 2:2, 6, 7) Haciye igihe kirekire, na Mariya nyina wa Yezu yarashemeje Yehova akoresheje amajambo asa cane n’aya Hana.—Luka 1:46-55.
d Nk’akarorero, gereranya Yona 2:3-9 na Zaburi 69:1; 16:10; 30:3; 142:2, 3; 143:4, 5; 18:6; 3:8. Izo zaburi zikurikirana hisunzwe ingene Yona yakurikiranije ivyiyumviro mw’isengesho ryiwe.