IVYO WOKWIYIGISHA
Nurushirize kwizigira ko Yehova ashoboye kugukiza
Soma Guharura 13:25–14:4 kugira ubone ingene Abisirayeli bananiwe kwizigira Yehova.
Rondera kumenya ingene ibintu vyari vyifashe. Igihe Abisirayeli bava mu Misiri, ni ibiki vyari bikwiye gutuma bizigira ko Yehova ashoboye kubakiza? (Zab. 78:12-16, 43-53) Ni igiki catumye batangura kutamwizigira? (Gus. 1:26-28) Yosuwa na Kalebu berekanye gute ko bizigira Yehova?—Guh. 14:6-9.
Rondera kumenya n’ibindi. Abisirayeli bari bakwiye gukora iki kugira barushirize kwizigira Yehova? (Zab. 9:10; 22:4; 78:11) Kwizigira Yehova no kumwubaha bifitaniye isano gute?—Guh. 14:11.
Rondera ivyigwa wohakura. Niwibaze uti:
«Ni ryari vyongora kwizigira Yehova mperejeko?»
«Nokora iki kugira ngo ndushirize kwizigira Yehova, haba muri iki gihe canke muri kazoza?»
«Ni igiki nkwiye kwemera ntakeka uko ya makuba akomeye yegereza?»—Luka 21:25-28.