ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 60
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’uruzuba rukaze?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’uruzuba rukaze?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ku vyerekeye uruzuba rukaze
  • Igituma uruzuba rurushiriza kwongerekana
  • Hoba hari icizigiro ca kazoza?
  • Umwaka wa 2022 waranzwe n’ingorane zitesha umutwe​—Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ingene hirya no hino kw’isi hari ubushuhe bwinshi?
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene isi iriko irononekara?
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ivuga iki ku kibazo c’ikena ry’amazi kw’isi yose?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 60
Ubutaka bwumye cane kubera uruzuba, bukaba bwamezeko icatsi kimwe gusa.

Brais Seara/Moment via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’uruzuba rukaze?

  • “Mu Bushinwa harabaye uruzuba ‘rukaze’ mu kiringo c’ici, iyo ikaba yari incuro ya gatatu habaye uruzuba nk’urwo.”​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru The Guardian, ku wa 7 Nyakanga 2022.

  • “Mu myaka ine ikurikirana iheze hari uruzuba rukaze mu duce tumwetumwe twa Afrika, biboneka ko ruzobandanya no mu wukurikira.”​—Vyavuzwe mu makuru ya ONU, ku wa 26 Myandagaro 2022.

  • “Ibice bibiri kuri bitatu vy’ibihugu vya Buraya birashobora kuzoshikirwa n’uruzuba rukaze rutigeze rubaho mu myaka 500 iheze.”​—Vyavuzwe mu makuru ya BBC, ku wa 23 Myandagaro 2022.

Abahinga benshi biyumvira ko uruzuba rukaze ruzobandanya, canke mbere rurushirize kwongerekana. Hoba hari icizigiro ko muri kazoza bizogenda neza? Bibiliya ibivugako iki?

Ico ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ku vyerekeye uruzuba rukaze

Ku bijanye n’ibiriko birashika muri iki gihe, Bibiliya yari yaravuze iti:

  • ‘Hazoba . . . amapfa ava hamwe aja ahandi.’​—Luka 21:11.

Uruzuba akenshi ruratuma haba amapfa. Imibabaro hamwe n’urupfu biterwa n’ayo mapfa ni iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya.​—Ivyahishuwe 6:6, 8.

Igituma uruzuba rurushiriza kwongerekana

Bibiliya irahishura imvo imwe nyamukuru ituma uruzuba rurushiriza kwongerekana. Ivuga iti:

  • “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”​—Yeremiya 10:23.

Ivyo bisigura ko abantu badashobora kuroranirwa mu “kuyobora intambuko [zabo]” canke mu kwitegeka. Ingingo mbi bafata akenshi ziratuma haba uruzuba n’ubukene bw’amazi.

  • Abanyasiyansi benshi baremera ko ivyo abantu bakora vyatumye haba ubushuhe bwinshi hirya no hino kw’isi, ivyo bikaba vyatumye uruzuba rwongerekana kw’isi.

  • Ibintu bikorwa n’abantu b’abanyamwina kandi bakabikora batiyumviriye ingaruka bizogira muri kazoza, vyaratumye amashamba ahona, ikirere n’ibidukikije na vyo birononekara, gutyo amasoko y’amazi meza arabangamirwa.

Ariko Bibiliya iratanga icizigiro.

Hoba hari icizigiro ca kazoza?

Bibiliya isezerana ko Imana izotorera umuti ibibazo bijanye n’ubukene bw’amazi. Uti izobigira gute?

  1. 1. Imana “[izo]honya abahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Izokuraho imvo ituma haba ubukene bw’amazi, ni ukuvuga abantu babi kandi b’umwina, abo ibikorwa vyabo vyonona ibidukikije.​—2 Timoteyo 3:1, 2.

  2. 2. “Ubutaka bwagatuwe n’ubushuhe buzoba bwacitse nk’ikidengeri cuzuyeko amarenga.” (Yesaya 35:1, 6, 7) Imana izohindura amabi yose yatewe n’uruzuba rukaze, maze ihindure uwu mubumbe ube iparadizo irimwo amazi akwiye.

  3. 3. “Witayeho isi, kugira ngo uyihe umukimba; urayitungisha cane.” (Zaburi 65:9) Imana izohezagira isi ku buryo yuzura ibifungurwa vyiza n’amazi meza kuri bose.

Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ingene ihindagurika ry’ikirere ririko rirashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, nusome ikiganiro kivuga ngo: “Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere hamwe na kazoza kacu?” (Mu gifaransa)

Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’icizigiro ca kazoza Bibiliya itanga, nusome ikiganiro kivuga ngo: “Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?”

Kugira ubone ingene Bibiliya yogufasha kwihanganira ingorane ziterwa n’ihinduka rikomeye ry’ikirere, nusome ikiganiro kivuga ngo: “Bibiliya yoba yogufasha guhangana n’ihinduka rikomeye ry’ikirere?”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika