ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 110
  • Nurwanye irungu mu gufasha abandi: Ico Bibiliya ibivugako

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nurwanye irungu mu gufasha abandi: Ico Bibiliya ibivugako
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico wokora
  • Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha
    Ibindi biganiro
  • Abantu benshi barushiriza kwumva bafise irungu: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Abantu benshi hirya no hino kw’isi barafise irungu: Ni igiki cobafasha?
    Ibindi biganiro
  • Nturi wenyene, kuko Yehova yama ari kumwe nawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 110
Abagabo bageze mu za bukuru babiri bari kumwe bariko bagendera mu kayira, izuba rirenze. Umwe afashe mugenzi we ku rutugu.

BalanceFormcreative/iStock via Getty Images Plus

Nurwanye irungu mu gufasha abandi: Ico Bibiliya ibivugako

Hirya no hino kw’isi, abantu benshi barafise irungu kandi bakumva yuko badashobora kuronka abagenzi. Abahinga bamwebamwe mu vy’amagara biyumvira ko gufasha abandi ari uburyo bwiza bwo kurwanya irungu.

  • «Gufasha abari n’ivyo bakeneye birashobora gutuma ubuzima bwacu bugira intumbero bikongera bikadufasha kugabanya irungu no kwumva ko tutari twenyene.»​—Vyavuzwe n’Urwego ruraba ivy’amagara rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rwitwa U.S. National Institutes of Health.

Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro zijanye n’ivyo twokora kugira ngo dufashe abandi. Gushira mu ngiro ivyo itubwira birashobora kudufasha kurwanya irungu.

Ico wokora

Nube umuntu atanga. Nurondere uturyo two kumarana umwanya n’abandi, na canecane amaso mu yandi. Nusangire n’abandi ivyo ufise. Niwabikora bazokenguruka, gutyo bitume muba abagenzi.

  • Ico Bibiliya ivuga: «Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha.»​—Luka 6:38.

Nugire utwigoro two gufasha abandi. Nurondere uturyo two gufasha abariko barashikirwa n’ingorane. Ivyo wobikora mu kubumviriza ubigiranye impuhwe canke mu kubaronsa ivyo bakeneye vyobafasha kworoherwa.

  • Ico Bibiliya ivuga: «Umugenzi nyakuri akundana igihe cose.»​—Imigani 17:17.

Nimba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ingene wogiranira ubucuti bwiza n’abandi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi.»

Uratumiwe

Twebwe Ivyabona vya Yehova turakoranira hamwe buri ndwi kugira dukomeze ubucuti dufitaniye n’Umuremyi wacu hamwe n’abantu bo mu kibano. Nawe turaguhaye ikaze.

  • Nurondere ahabera ikoraniro hafi yawe.

  • Nusabe ko tukugendera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika