ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 13
  • Inkuru zerekeye Yezu zanditswe ryari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkuru zerekeye Yezu zanditswe ryari?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Bibiliya yoba itubwira vyose ku vyerekeye Yezu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Injili ni izo kwizigirwa mu buryo ki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ubwo vy’ukuri vyarabaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 13
Iminwe y’umugabo iriko irandika mu muzingo

Inkuru zerekeye Yezu zanditswe ryari?

Inyishu Bibiliya itanga

Ku bijanye n’inkuru yiwe ivuga ivyabaye mu buzima bwa Yezu, intumwa Yohani yanditse ati: “Uwabibonye yarashinze intahe, kandi intahe yiwe ni iy’ukuri, kandi uwo muntu arazi ko avuga ibintu vy’ukuri, kugira ngo namwe mwemere.”—Yohani 19:35.

Imvo imwe ituma twizigira inkuru zo mu Njili zanditswe na Matayo, Mariko, Luka na Yohani ni uko zanditswe igihe benshi mu biboneye ibintu bavuga bari bakiriho. Twisunze ibivugwa n’amasôko amwamwe, Injili ya Matayo yanditswe haciye nk’imyaka umunani gusa Kristu apfuye, ni ukuvuga nko mu 41 mu gihe cacu. Abahinga benshi bavuga ko hari ukuntu yoba yanditswe mu nyuma, ariko abenshi barahuriza ku vy’uko ibitabu vyose bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki vyanditswe mu kinjana ca mbere mu gihe cacu.

Abantu babonye Yezu igihe yari kw’isi, bakibonera urupfu rwiwe be n’izuka ryiwe bari bashoboye kwemeza ko inkuru zo mu Njili azi zo canke atari zo. Bari bashoboye kandi gushira ahabona bitagoranye ibintu vyose bitari vyo iyo biza kuba bihari. Porofeseri F. F. Bruce avuga ati: “Kimwe mu bintu bikomeye vyaranga uburyo intumwa za mbere zavuga ubutumwa ni ukuntu zishimikiza ata makenga ivyo abazumviriza bari bazi; ntizavuga gusa ngo: ‘Turi ivyabona bishingira intahe ivyo bintu,’ ariko kandi zavuga ngo: ‘Nk’uko na mwebwe ubwanyu mubizi’ (Ivyakozwe 2:22).”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika